1 Petero 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Indamukanyo 1 Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya, 2 mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge. Petero ashimira Imana ivyizigiro bizima 3 Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, iragahezagirwa, yatuvyaye ubga kabiri nk’ukw imbabazi zayo nyinshi ziri, kugira ngo tugire ivyizigiro bizima, ituvyaza ukuzuka mu bapfuye kwa Yesu Kristo, 4 ngo tuze twegukire umwandu utazobora, utanduye, udakabirana, mwabīkiwe mw ijuru, 5 mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo. 6 Ivyo murabinezererwa cane, nah’ ubu ar’ igihe gito mubabazwa n’ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza: 7 kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo. 8 Uwo muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezerwa akanyamuneza k’ubgiza katovugwa, 9 mugahabga ikizanwa n’ukwizera kwanyu, ni co gakiza k’ubugingo bganyu. 10 Ivy’ ako gakiza, abāvugishwa n’Imana, ari bo bāvuze ubuntu mwāgira muze muhabge, bārabirondera, bārabisesa, 11 basesa igihe ic’ ari co n’ibimenyetso vyaco, cerekanwa na Mpwemu wa Kristo yari muri bo, yavuga yātagura ivy’ imibabaro ya Kristo bitaribgabe, n’ivy’ ubgiza bg’uburyo bginshi bgagira buze buyiherukire. 12 Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka. Twahamagawe kuba abera 13 Nuko rero mukenyere mu mitima yanyu, mwirinde ibiboreza, mwizigire rwose ubuntu muzozanirwa mu kuzohishurwa kwa Yesu Kristo. 14 Mumere nk’abana bagamburuka, ntimwishushanye n’ukwifuza kwanyu kwa kera kwo mu gihe c’ukutamenya kwanyu. 15 Ariko nk’ukw Iyabahamagaye ar’ iyera, namwe abe ari ko muba abera mu ngeso zanyu zose. 16 Kuko vyanditswe, ngo Mube abera, kuko nanje nd’uwera. 17 Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya. 18 Muzi yukw ivyo mwacungujwe ngo muve mu ngeso zanyu z’imburakimazi mwatojwe na ba sogokuruza atar’ ibishira, nk’ifeza cank’ izahabu, 19 ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo. 20 Uwo yamenywe n’Imana kera, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, ariko yerekanywe kw iherezo ry’ibihe kubganyu, 21 mwebge abo yahaye kwizera Imana, ni yo yamuzuye mu bapfuye ikamuha ubgiza: ni co gituma ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu biba ku Mana. 22 Nuko rero, ko mwejesheje imitima kwumvira ukuri, kugira ngo mukunde bene Data bitar’ uruheyiheyi, mukovye mu gukundana bivuye mu mitima. 23 Kuko mwavyawe ubga kabiri, mutavyawe n’imbuto ibora, ariko mwavyawe n’imbuto itabora, mubiheshejwe n’ijambo ry’Imana ririho rigahoraho. 24 Kuko, Abafise umubiri bose basa n’ivyatsi, Ubgiza bgabo bgose bumeze nk’amashurwe y’ivyatsi; Ivyatsi birūma, amashurwe agahunguruka, 25 Arikw ijambo ry’Uhoraho ryamah’ ibihe bidashira. Kand’ iryo ni ryo jambo ry’ubutumwa bgiza mwabgiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi