1 Korinto 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Paulo yanka kwirwanira 1 Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami? 2 Namba ku bandi ntar’ intumwa, ariko kuri mwebge ndi yo: kuko mur’ ikimenyetso mu Mwami c’uko nd’intumwa. 3 Ibi ni vyo nireguza ku bampinyura: 4 mbega ntitwemererwa kurya no kunywa? 5 Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa? 6 Canke jewe na Barunaba ni twebge twenyene tutemererwa kureka gukora? 7 Ni nde yigeze kwitunga, ar’ umusoda? Ni nde yotera uruzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe? 8 Mbeg’ ivyo mbivuze mu buryo bg’abantu, cank’ ivyagezwe vyo ntibivuga birtyo? 9 Kuko handitswe mu vyagezwe vya Mose, ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano. Mbeg’ inka ni zo Imana ibabaye? 10 Canke se yabivuze kubgacu? Ego me, vyanditswe kubgacu; kuk’ umurimyi akwiye kurima afise ivyizigiro, kand’ umusekuzi akwiye gusekura yizigiye kw azohabgako. 11 Mbega ko twababivyemw’ ivy’ impwemu, none n’ibikomeye ko twokwimbura ivyanyu vy’umubiri? 12 Abandi namba bāravyemerewe kuri mwebge, mbega ntitubarusha cane? Ariko ntitwarwaniye ivyo twemerewe, yamara twihanganira vyose, kugira ngo ntituzane ikidehesha ubutumwa bgiza bga Kristo. 13 Ntimuzi yukw abakora ibikorwa vy’ivyera barya ivy’ urusengero, kand’ abakora ivy’ igicaniro basangira n’igicaniro? 14 Kandi n’Umwami wacu ni ko yageze kw abavuga ubutumwa bgiza batungwa n’ubutumwa. 15 Ariko jewe ubganje nta co narwaniye mur’ ivyo: kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n’uko nopfuma mpfa, hak’ umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje. 16 Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara. 17 Ngenjeje ntyo mbikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngōbērwa n’ububgiriza nizigiweko. 18 Non’ ingero yanje n’inki? N’uk’ ubutumwa, uko mbuvuze, mbuvuga ku buntu, kugira ngo sindwanire ivyo nemerewe mu butumwa. Umwete Paulo yagize kugira ngw ashikane abantu ku gakiza 19 Naho kuri bose nd’uwidegemvya, nihinduye umugurano wa bose, kugira ngo ndushirize kuronka benshi. 20 Ku Bayuda nabaye nk’Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda: ku baganzwa n’ivyagezwe nabaye nk’ūganzwa na vyo, nah’ ubganje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n’ivyagezwe. 21 Ku bataganzwa n’ivyagezwe, nabaye nk’ūtaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abataganzwa n’ivyagezwe, yamara ku Mana ho sind’ ūtaganzwa n’ivyagezwe, kuko kuri Kristo nganzwa na vyo. 22 Ku badakomeye nabaye nk’ūdakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwe‐bamwe uburyo bgose. 23 Kand’ ivyo vyose mbikora kubg’ ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo. Abagomba impēra bakwiye kugira umwete 24 Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, arik’ ūhērwa akaba umwe? Namwe abe ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impēra. 25 Kuk’ umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose: abo bagenza bartyo, kugira ngo bahabge igitsibo gishira, ariko twebge tugenza durtyo kugira ngo duhabge ikitazoshira. 26 Nuko nanje ndiruka, ariko si nk’ūtazi iy’ aja: nkubitana ibipfunsi, ariko si nk’ūhusha; 27 kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umuja, kugira ngo kumbure mmaze kwigisha abandi, nanje ubganje sinze mboneke ko ntemewe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi