1 Korinto 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo 1 Ku vy’ ivyaterekerejwe ibishushanyo vy’ibigirwamana, turazi yuko twese turi n’ubgenge. Ubgenge burakakīsha, arik’ urukundo rurubaka. 2 Ni hagira umuntu yiyumvira yuko har’ ic’ azi, azoba ataramenya nk’ukw akwiye kumenya. 3 Arik’ ūkunda Imana ni we amenywa na yo. 4 Nuko, ku vyo kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, turazi yukw igishushanyo atar’ ikintu mw isi, kandi yukw ata mana yindi iriho, atar’ Imwe. 5 Naho har’ ivyitwa imana mw ijuru canke mw isi, nk’uko har’ imana nyinshi n’abami benshi, 6 ariko kuri twebge har’ Imana imwe, Data wa twese, yandurukwamwo na vyose, natwe twabesherejweho kuba abayo: kandi har’ Umwami umwe, ni Yesu Kristo, abeshaho vyose, natwe akatubeshaho. Dukwiye kwengenga abafise imitima idakomeye 7 Arik’ ubgo bgenge ntibufiswe na bose: kuko bamwe bāremariye mu bigirwamana gushitsa n’ubu, barya ikintu bibgira ko caterekerejwe ikigirwamana, kand’ umutima ugahumanywa no kudakomera. 8 Arikw ivyo kurya si vyo bidushikiriza Imana: iyo tutabiriye, nta co duhōmba; cank’ iyo tubiriye, nta co duhōmbōka. 9 Mwiyubare, kugira ng’ ubgo bushobozi bganyu bgoye kuba igitsitaza c’abadakomeye na gato. 10 Kuk’ umuntu iy’ akubonye, wewe wahawe gutahura, wicaye urīra mu rusengero rw’ikigirwamana, umutima w’uwo, iy’ adakomeye, mbega ntuzorinduka, akarya ivyaterekerejwe ibigirwamana? 11 Nuk’ ūdakomeye aba aranduwe no gutahura kwawe, kand’ ari we mwene Data Kristo yapfiriye. 12 Nukw iyo mukoreye icaha bene Data murtyo, mugakomeretsa imitima yabo idakomeye, muba mukoreye icaha Kristo. 13 Ni co gituma namb’ ivyo kurya bigwisha mwene Data, sinzopfa nongeye kurya inyama kugira ngo singwishe mwene Data. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi