1 Korinto 7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ ukwābīrana no kwahukana 1 Ariko ku vyo mwanyandikiye, iciza n’ukw izinamuhungu atohūye n’icitwa umukobga. 2 Ariko kubgo kwirinda gushakana, umugabo wese agire uwiwe mugore, n’umugore wese agire uwiwe mugabo. 3 Umugabo ahe umugore wiwe ivy’ akwiye, kand’ umugore na we abigenze artyo ku mugabo wiwe. 4 Kuk’ umugore ataganza umubiri wiwe, arik’ uganzwa n’umugabo; kand’ umugabo na we ntaganza umubiri wiwe, arik’ uganzwa n’umugore. 5 Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu. 6 Ariko mvuze ivyo ar’ ukwemerana, s’ivyagezwe mbagerera. 7 Nagomba kw abantu bose bomera nkanje: arik’ umuntu wese afise ingabire yiwe ahawe n’Imana, umwe ukwiwe, uwundi ukwiwe. 8 Abatararongorana, bo n’abapfakazi, ndababgira yukw iciza kuri bo ar’ uko bogumya kumera nkanje. 9 Ariko namba badashobora kwirinda bābīrane: kuko kwābīrana ari kwiza, kuruta gushuha. 10 Abamaze kurongorana, ndabagera, ariko si jewe, n’Umwami wacu, umugore yoye kuvana n’umugabo wiwe; 11 arikw aramutse avanye na we, abe igisubiramuhira, canke yisubize hamwe n’umugabo wiwe. Kand’ umugabo yoye guta umugore wiwe. 12 Arikw abandi ni jewe mbabgira, s’Umwami wacu. Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’ uwo mugore agakunda kubana na we, yoye kumuta. 13 Kand’ umugore afise umugabo atizera, na we agakunda kubana na we, yoye kuvana n’umugabo wiwe. 14 Kuk’ umugabo atizera yezwa kubg’ umugore wiwe, kand’ umugore atizera yezwa kubga mwene Data uyo. Iyo bitamera birtyo, abana banyu baba ar’ ibihumane, ariko noneho n’abera. 15 Arik’ ūtizera, namb’ agomba kwahukana, ni yahukane. Mwene Data w’umugabo canke w’umugore ntahambirwa, iyo bimeze birtyo. Imana yaduhamagariye amahoro. 16 Yewe mugore, ubgirwa n’iki yuk’ uzokiza umugabo wawe? Yewe mugabo, ubgirwa n’iki yuk’ uzokiza umugore wawe? 17 Ariko gusa, uk’ Umwami wacu yagabiye umuntu wese, kand’ ukw Imana yamuhamagaye, abe ari kw amera. Ni ko ngera mu mashengero yose. 18 Mbega harih’ umuntu yahamagawe yarakebge? Ntagacike nk’ūtakebge. Harih’ umuntu yahamagawe atākebge? Ntagakebge. 19 Gukebga nta co kumaze, no kudakebga nta co kumaze, arikw ikigira ico kimaze n’ukwitondera ivyagezwe n’Imana. 20 Umuntu wese, uko yar’ ari mw ihamagarwa ryiwe, abigumemwo. 21 Wahamagawe ur’ umugurano? Ntibikubabaze. Ariko, namba bishoboka k’ucika uwidegemvya, ubihitemwo. 22 Uwahamagawe n’Umwami wacu ar’ umugurano, aba acitse uwidegemvya acunguwe n’Umwami. Ni ko, uwahamagawe n’Umwami ar’ uwidegemvya, aba acitse umugurano wa Kristo. 23 Mwaguzwe igiciro, ntimukabe abagurano b’abantu. 24 Bene Data, umuntu wese uko yar’ ari aho yahamagarwa, akugumanemwo n’Imana. 25 Ku vy’ inkumi, simfise icagezwe n’Umwami wacu; ariko ndababgira ivyo niyumvira, nk’umuntu yagiriwe ikigongwe n’Umwami, ngo mbe umwizigirwa. 26 Nuko ndiyumvira yukw ari vyiza kubg’ igihe kigoye ca none, yukw ari vyiza k’umuntu aguma ukw ari. 27 Wahambiriwe ku mugore? Nturondere kubohorwa. Wabohowe ku mugore? Nturondere umugore. 28 Arikw iy’ urongoye, nta caha uba ukoze. N’inkumi, iy’ irongowe nta caha iba ikoze. Mugabo, abameze bartyo bazogira amagorwa mu mubiri, ariko jewe nagomba kuyabakingira. 29 Ariko, bene Data, ibi ni vyo mvuga, yukw igihe cāgiriye: uhereye none abari n’abagore bamere nk’abatabagira; 30 kand’ abarira bamere nk’abatarira, n’abanezerewe bamere nk’abatanezerewe, n’abagura bamere nk’abatagira ico bafise, 31 n’abakoresha ivy’ isi, bamere nk’abatabishishikaye: kuk’ ukw isi imeze uku, kugenda gushira. 32 Ariko ndagomba ko mutiganyira. Ūtagira umugore yitwaririka ivy’ Umwami wacu, uko yonezereza Umwami: 33 arik’ ūmufise yitwaririka ivy’ isi, uko yonezereza umugore. 34 Kandi harih’ itandukaniro ku mugore n’inkumi. Ūtābiriwe yitwaririka ivy’ Umwami wacu, kugira ngw abe uwera ku mubiri no mu mutima: arik’ uwābiriwe yitwaririka ivy’ isi, uko yonezereza umugabo. 35 Ivyo mbivugiye kubafasha, s’ukubashira mu mpururu, ariko n’ukubiroranya, no kugira ngo mukorere Umwami wacu, mudafise imitima ibiri. 36 Arik’ umuntu ni yiyumvira kw atagirira umukobga wiwe neza, namb’ arenze ubukumi, kandi namba bikwiye rwose, n’agenze ukw agomba: nta caha azoba akoze, abareke barongorane. 37 Arik’ ūkomeye mu mutima wiwe, adafise ikimuhambira, arikw ashobora gukora ivy’ agomba ubgiwe, yagabiye mu mutima kuzigama umukobga wiwe ngo ntarongorwe, azoba agize neza. 38 Nuk’ ūtanga umukobga wiwe ngw arongorwe aba agize neza; kand’ ūtamutanga aba arushirije kugira neza. 39 Umugore ahambīrirwa ku mugabo wiwe akiriho; arikw iy’ umugabo apfuye, nta kimubuza gucūrwa n’uw’ agomba, mugabo rero, ar’ ūri mu Mwami wacu. 40 Arikw iy’ agumye ukw ari, ni ho arushiriza guhirwa, uko niyumvira kubganje: kandi ngira ngo nanje mfise Mpwemu w’Imana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi