1 Korinto 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Paulo agaya ab’i Korinto ko biciyemw’ amacakubiri 1 Kubganje, bene Data, sinashoboye kubabgira nk’ab’ impwemu, ariko nababgiye nk’abaganzwa n’akameremere k’imibiri yabo, nk’abana b’inzoya bo muri Kristo. 2 Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye: kuko mutaribgabishobore. Kandi na none ntimurabishobora, 3 kuko mukiganzwa n’ivy’ akameremere kanyu. Ko muri mwebge har’ ishari n’ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk’abantu? 4 Umuntu umwe kw avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo, uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo, ntimur’ abantu se? 5 None Apolo n’iki? Kandi Paulo n’iki? Mbega s’abakozi batumye mwizera Imana, nk’ukw Imana yahaye umuntu wese? 6 Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, arikw Imana ni yo yazikujije. 7 Nuk’ ūzitera nta co amaze, cank’ ūzivomera, atar’ Imana ikuza. 8 Ūzitera n’ūzivomera ni bamwe: arik’ umuntu wese azogererwa nk’uko yakoze igikorwa ciwe. 9 Kukw Imana ari yo dukorana, namwe mur’ indimiro y’Imana, mur’ inzu yubakwa n’Imana. Uko dukwiye kwubaka kw itanguriro 10 Nk’uko nahawe ubuntu n’Imana, nashizeh’ itanguriro, nk’umwubakisha mukuru w’ubgenge, uwundi yubakako. Arik’ umuntu wese ni yiyubare uko yubakako. 11 Kukw irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atar’ iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo. 12 Arikw iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishakw izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye y’igiciro kinini, cank’ ibiti, cank’ ubgatsi, cank’ ibishakashaka, 13 igikorwa c’umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuk’ uzohishuranwa n’umuriro, kand’ igikorwa c’umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo. 14 Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kur’ iryo tanguriro, ni carama, azohabga ingero; 15 igikorwa c’umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubgiwe azokira, ariko nk’uwokowe mu muriro. 16 Mbega ntimuzi yuko mur’ urusengero rw’Imana, kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebge? 17 Umuntu ni yonona urusengero rw’Imana, Imana izomurandura; kuk’ urusengero rw’Imana ar’ urwera, kand’ urwo rusengero ni mwebge. 18 Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebge ni yiyumvira kw ar’ umunyabgenge ku vy’iki gihe, abe igipfu, kugira ngw abone kuba umunyabgenge. 19 Kuk’ ubgenge bg’iyi si ar’ ubupfu ku Mana. Kuko handitswe, ngw Itegesha abanyabgenge ubugunge bgabo. 20 Kandi ng’Uhoraho arazi ivyiyumviro vy’abanyabgenge, kandi ko bitagira ikimazi. 21 Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ar’ ivyanyu: 22 ari Paulo, canke Apolo, canke Kefa, cank’ isi, cank’ ubugingo, cank’ urupfu, cank’ ibiriho, cank’ ibizoba, vyose n’ivyanyu, 23 namwe mur’ aba Kristo, Kristo n’uw’ Imana. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi