1 Korinto 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukw Imana yaseruye amabanga yayo 1 Nanje, bene Data, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje nd’agakūra mu majambo canke mu bgenge, mu kubamenyesha ibanga ry’Imana. 2 Kuko nagabiye kutagira ico mmenya muri mwebge, atari Yesu Kristo, we yabambge. 3 Ariko nabana namwe mfise intege nke, ndi n’ubgoba, mpinda agashitsi kenshi, 4 imvugo yanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimw’ amajambo y’ubgenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n’ubushobozi, 5 kugira ng’ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bgenge bg’abantu ariko guhagarare mu bushobozi bg’Imana. 6 Yamara, tuvugana ubgenge hagati mu bātunganijwe rwose, arik’ ubgo bgenge s’ubg’ iki gihe, cank’ ubg’ abaganza b’iki gihe bagenda bayōka. 7 Ariko tuvugishwa n’ubgenge bg’Imana bgari bgaragizwe ibanga, bgari bgaranyegejwe, ubgo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu. 8 Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro. 9 Ariko nk’uko handitswe, ngw Ivy’ ijisho ritigeze kubona, n’ivy’ ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w’umuntu, Vyose Imana yavyiteguriye abayikunda. 10 Arikw Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo: Mpwemu asesa vyose, n’ibihishijwe vy’Imana. 11 Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atar’ impwemu yiwe, iri muri we? Ni ko n’ivy’ Imana biri, nta wubizi, atari Mpwemu w’Imana. 12 Ariko tweho ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’ Imana yatugabiye. 13 Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubgenge bg’abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivy’ impwemu n’ivy’ impwemu bindi. 14 Arik’ umuntu afise umubiri n’ubgenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w’Imana: kukw ar’ ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bg’impwemu. 15 Arik’ umuntu w’impwemu asesa vyose, kand’ ubgiwe nta wumusesa. 16 Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy’Uhoraho ngo yigishe Uhoraho? Ariko twebge dufise ivyiyumviro vya Kristo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi