Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Korinto 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ ukuzuka kwa Kristo

1 Bene Data, ndabamenyesha ubutumwa bgiza, ubgo nababariye, namwe mukabgākīra, kandi mukabuhagararamwo,

2 kandi mugakizwa na bgo, asangwa mukibufashe nk’uko nabubabgiye, shiti mwoba mwizereye ubusa.

3 Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga,

4 agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga;

5 akiyereka Kefa, maz’ akiyereka bamwe cumi na babiri,

6 akongera akiyerekera hamwe bene Data basāga amajana atanu, mur’ abo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe bārasinziriye:

7 maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose.

8 Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana w’icenda.

9 Mbere jewe nd’ inyuma y’izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana.

10 Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.

11 Nukw ari jewe ar’ abo, ivyo ni vyo tubabarira, namwe ni vyo mwizeye.


Ivy’ ukuzuka kw’abapfuye

12 Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebge bavuga bate yukw ata wuzuka?

13 Asangw’ ata wuzuka, na Kristo ntarakazuka:

14 kand’ asangwa Kristo atāzutse, ivyo twigisha n’ivy’ ubusa, n’ukwizera kwanyu n’ukw’ ubusa.

15 Natwe twoba tubonetse ko tur’ abashingira Imana intahe y’ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko yazuye Kristo, uwo itāzuye, namb’ abapfuye batazuka.

16 Asangw’ abapfuye batazuka na Kristo ntarakazuka:

17 arikw asangwa Kristo atāzutse, ukwizera kwanyu n’ukw’ ubusa, muracari mu vyaha vyanyu.

18 Kand’ asangwa bimeze birtyo, n’abāsinziririye muri Kristo barayogeye.

19 Asangwa mur’ ubu bugingo bgonyene ari ho twizigirira Kristo, turusha abandi bantu bose kuba abagowe.

20 Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye.

21 Kuko nk’uk’ urupfu rwazanywe n’umuntu, n’ukuzuka kw’abapfuye kwazanywe n’umuntu.

22 Nk’uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima.

23 Arik’ umuntu wese mu mwanya wiwe: Kristo ni we mushuzo, maz’ aba Kristo bazobonerwa bazuke, ah’ azozira;

24 iherezo rizoca rishika, ah’ azoshikiriza Imana ubgami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukūrah’ ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose.

25 Kuko guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’ azoshirira abansi biwe bose musi y’ibirenge vyiwe.

26 Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.

27 Kuko handitswe, ngo Yamuhaye kuganza vyose, ibishira musi y’ibirenge vyiwe. Ariko kw ivuga, it’ Ahawe kuganza vyose; biraboneka yukw Iyamuhaye kuganza vyose itabiharūrwamwo.

28 Ariko ni yamara gushikirizwa inganji ya vyose, ni ho n’Umwana ubgiwe azoganzwa n’Iyamuhaye inganji ya vyose, ngw Imana ibe vyose muri vyose.

29 Cank’ ababatizwa mu gishingo c’abapfuye bazobamarira iki? Asangw’ abapfuye batazurwa na mba, n’iki gituma bababatirizwa?

30 Natwe n’iki gituma twama turi mw irinde?

31 Uko bukeye ndapfa, indahiro ndahiye ni mwebge vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu.

32 Asangwa narwaniye n’ibikōko muri Efeso, ndi mu buryo bg’abantu gusa, bimmarira iki? Namb’ abapfuye batazurwa, ni twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.

33 Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.

34 Mushire ibirāre, mugororoke, ntimukore ivyaha: kuko bamwe batazi Imana. Mbivugiye kubatētereza.

35 Arik’ umuntu yobaza, at’ Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri ki?

36 Wa gipfu we, ic’ ubiba ntikimera kitabanje gupfa.

37 Kand’ ic’ ubiba, ntubiba umutumba uzohaba, arik’ ubiba akabuto uko kari, ari nk’ak’ ingano, cank’ akandi kose.

38 Arikw Imana igaha umutumba, nk’uko yagomvye, kand’ akabuto kose igaha umutumba wako ukwako.

39 Inyama zose si zimwe; iz’ abantu zir’ ukwazo, n’iz ibikōko zir’ ukwazo, n’iz’ inyoni n’ibisīga zir’ ukwazo, n’iz’ ifi zir’ ukwazo.

40 Kandi har’ imitumba yo kw ijuru n’imitumba yo kw isi: arik’ ubgiza bg’iyo kw ijuru bur’ ukwabgo; n’ubg’ iyo kw isi bur’ ukwabgo.

41 Ubgiza bg’izuba bur’ ukwabgo, n’ubgiza bg’ukwezi bur’ ukwabgo, n’ubgiza bg’inyenyeri bur’ ukwabgo: kand’ inyenyeri ntinganya ubgiza na mugenzi wayo.

42 N’ukuzuka kw’abapfuye ni nk’uko: habibga ikibora, hazurwa ikitabora;

43 habibga igikēngērwa, hazurwa ic’ icubahiro; habibga ikinyantege nke hazurwa ic’ inkomezi;

44 habibga umubiri w’inyama, hazurwa umubiri w’impwemu. Asangwa harih’ umubiri w’inyama hariho kandi n’uw’ impwemu.

45 Kand’ uko ni ko handitswe, ng’ Umuntu wa mbere Adamu yabaye ūfise ubugingo; Adamu wo hanyuma yabaye impwemu itanga ubugingo.

46 Arikw ic’ impwemu si co kibanza, yamar’ ic’ inyama ni co kibanza, kigaherukirwa n’ic’ impwemu.

47 Umuntu wa mbere yandurutse mw ivu, n’uw’ umukungugu: umuntu wa kabiri yandurutse mw ijuru.

48 Nk’uk’ uw’ umukungugu ari, ni ko n’ab’ umukungugu bandi bari: kandi nk’uk’ uw’ ijuru ari, ni ko n’ab’ ijuru bandi bari.

49 Kandi nk’uko twambaye ishusho y’uw’ umukungugu, ni ko tuzokwambara n’ishusho y’uw’ ijuru.

50 Ariko bene Data, ico mvuga n’iki, yukw ab’inyama n’amaraso badashobora kuragwa ubgami bg’Imana, kand’ ibibora bitaragwa ibitabora.

51 Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa,

52 mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita ingohe, ah’ inzamba y’iherezo izovugira. Kukw inzamba izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa.

53 Kuk’ uyu mubiri ubora ukwiye kuzokwambara ukutabora, kand’ uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa.

54 Ariko, uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ng’Urupfu rumizwe n’intsinzi.

55 Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?

56 Ivyaha ni vyo ruboyi rw’urupfu, kand’ ubushobozi bg’ivyaha n’ivyagezwe.

57 Arikw Imana ishimwe, iduha gutsinda kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo.

58 Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan