Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Korinto 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ ukuvugishwa n’Imana no kuvuga indimi zitamenyekana

1 Mwirukire urukundo: yamara mwifuze cane ingabire za Mpwemu, cane‐cane kuvugishwa n’Imana.

2 Ūvuga ururimi rutamenyekana s’abantu abarira, arikw abarira Imana, kukw ata wuvyumva, ariko mu mpwemu avuga amabanga.

3 Arik’ ūvugishwa n’Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n’ivyo kubahanūra n’ivyo kubirura.

4 Ūvuga ururimi rutamenyekana ariyubaka, arik’ ūvugishwa n’Imana yubaka ishengero.

5 Nagomba ko mwese muvuga indimi zitamenyekana, arikw ikirushiriza, ko muvugishwa n’Imana. Ūvugishwa na yo aruta ūvuga indimi zitamenyekana, shiti yobisobanura, kugira ngw ishengero ryubakwe.

6 Ariko none, bene Data, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, cank’ ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n’Imana, canke kwigisha?

7 Kandi n’ibidafise ubugingo biri n’amajwi: umwironge iy’ udatandukanije ijwi, cank’ inanga, bomenya bate irivuzwa cank’ iricurarangwa?

8 Kandi n’inzamba yovuga ijwi ritamenyekana, ni nde yokwitegura gutabara?

9 Namwe n’uko, ururimi rwanyu ni rutavuga ibimenyekana, bazomenya bate ivyo muvuga? Kuko muzoba muvuga ibitwarwa n’umuyaga.

10 Amajwi yo mw isi, nah’ ari menshi ate, nta ridafise uko risobanurwa:

11 nukw iyo ntamenye ukw ijwi risobanurwa, uno avuga mba ndamubereye ūdebagura, kandi nanje, uno avuga aba ambereye ūdebagura.

12 Namwe n’uko, kuko mwifuza ivya Mpwemu, kuremesha ishengero kube ari kwo gutuma mugomba kurushiriza.

13 Nuk’ ūvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugira ngw ahabge kubisobanura.

14 Iyo nsenga mu rurimi rutamenyekana, impwemu yanje irasenga, arik’ ubgenge bganje buragumbaha.

15 Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n’ubgenge: nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubgenge.

16 Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze?

17 N’ukuri kubgawe ushima neza, ariko wa wundi ntakomezwa.

18 Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga indimi zitamenyekana:

19 ariko mw ishengero nopfuma mvugisha ubgenge bganje amajambo atanu, kugira ngo nigishe n’abandi, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rurimi rutamenyekana.

20 Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.

21 Mu vyagezwe handitswe, ngo Nzovuganira n’ubu bgoko mu kanwa k’abavuga izindi ndimi no mu kanwa k’abanyamahanga, ariko naho nzovuga ntyo, ntibazonyumvira, ni k’Uhoraho agize.

22 Ni co gituma indimi zitamenyekana zitabera abizera ikimenyetso, ariko zikibera abatizera: ariko kuvugishwa n’Imana kwo, ntikubera abatizera ikimenyetso ariko kukibera abizera.

23 Nukw ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramw’ abatungu cank’ abatizera, ntibovuga yuko mwasaze?

24 Ariko bose iyo bavugishwa n’Imana, hakinjiramw’ ūtizera cank’ umutungu, yomenyeshwa ivyaha vyiwe na bose, agahinyuzwa na bose,

25 ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; nukw akubika inda, agasenga Imana, akātura yukw Imana iri muri mwebge vy’ukuri.


Vyose bikwiye gutungana neza mu makoraniro

26 Ni bite ga bene Data? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, cank’ amajambo yo kwigisha, cank’ amajambo ahishuriwe, cank’ ururimi rutamenyekana, cank’ amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngw abantu bakomezwe.

27 Ni haba harih’ abavuga ururimi rutamenyekana, havuge babiri canke batatu, badasāga, kandi bavuge bakurikirana, hagire ūbisobanura.

28 Ariko ni haba hatarih’ ūbisobanura, ūvuga urutamenyekana acereze mw ishengero, yibgire, kand’ abgire Imana.

29 Kandi n’abavugishwa n’Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure.

30 Arik’ uwundi yicaye ni yagira ic’ ahishūrirwa, uwabanje ahore.

31 Kuko mwese mushobora kuvugishwa n’Imana umwe‐umwe, ngo bose bige, bose bahanūrwe.

32 Impwemu z’abavugishwa n’Imana ziganzwa na bo:

33 kukw Imana atar’ iy’ umuvurungano, ariko n’iy’ amahoro. Nk’uko bimeze mu mashengero yose y’abera,

34 abagore bacereze mw ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk’ukw ivyagezwe na vyo bivuga.

35 Kandi ni hagira ico bagomba kwiga, babarize abagabo babo i muhira, kuko biteye isoni k’umugore avuga mw ishengero.

36 Mbega kuri mwebge ni ho ijambo ry’Imana ryandurutse? Canke ryashitse kuri mwebge mwenyene?

37 Ni hagira umuntu yiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana, canke kw ar’ uw’ impwemu, amenye ivyo mbandikiye yukw ar’ icagezwe c’Umwami wacu.

38 Ariko, namba har’ umuntu atabimenye, ntakabimenye.

39 Nuko, bene Data, mwifuze cane kuvugishwa n’Imana, kandi ntimubuze kuvuga indimi zitamenyekana.

40 Ariko vyose bitungane neza, birorane.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan