Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Korinto 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ingabire iruta izindi

1 Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasāma.

2 Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.

3 Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyommarira.

4 Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza,

5 ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu,

6 ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri:

7 rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.

8 Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n’Imana kuzokūrwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokūrwaho.

9 Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n’Imana agace,

10 ariko, ah’ igihingūye kizoshikira, ivy’ agace bizokūrwaho.

11 Nkir’u mwana mutoya, navuga rwana, niyumvira rwana, nibgira rwana. Mmaze gukura, mva mu vy’ ubgana.

12 Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.

13 None rero hagumyeh’ ukwizera, n’ivyizigiro, n’urukundo, ivyo ukw ari bitatu: arikw ikibiruta n’urukundo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan