Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Korinto 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Indamukanyo no gushima Imana

1 Jewe Paulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk’ukw Imana yagomvye, na Sositene mwene Data,

2 turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry’Imana ry’i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bāhamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n’uwacu.

3 Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebge, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.

4 Ndashima Imana yanje na ntaryo kubganyu, kubg’ ubuntu bg’Imana mwahērewe muri Kristo Yesu:

5 kuko muri vyose mwatungiye muri we, mu vyo muvuga vyose, no mu bgenge bgose,

6 kuk’ ugushingira intahe Kristo kwakomejwe muri mwebge.

7 Bituma mutagira ingabire n’imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw’ Umwami wacu Yesu Kristo.

8 Ni we azobakomeza gushitsa kw iherezo, kugira ngo ntimuze mugawe kuri wa musi w’Umwami wacu Yesu Kristo.

9 Imana n’iyo kwizerwa, yabahamagariye kugirirana ubumwe n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu.


Amacakubiri yari yateye mw ishengero ry’i Korinto

10 Ariko ndabinginga, bene Data, mw izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n’ibice ntibiremwe muri mwebge, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhūje umutima n’inama.

11 Kuko nabariwe ivyanyu, bene Data, n’abo kwa Kilowe, yuko har’ imitongano muri mwebge.

12 Ico mvuze n’iki, yuk’ umuntu wese muri mwebge avuga, ati Jeho nd’uwa Paulo; uwundi ati Jeho nd’uwa Apolo; uwundi ati Jeho nd’uwa Kefa; uwundi ati Jeho nd’uwa Kristo.

13 Mbega Kristo aragabanijwemw’ ibice? Paulo yarababambiwe? Canke mwabatijwe mw izina rya Paulo?

14 Nshimira Imana yukw ata n’umwe nabatije muri mwebge, atari Kirisipo na Gayo;

15 kugira ngo ntihagire umuntu avuga yuko mwabatijwe mw izina ryanje.

16 Kandi nabatije n’abo kwa Stefana: atar’ abo, sinzi ko har’ uwundi nabatije.

17 Kuko Kristo atāntumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga ubutumwa bgiza, ntavugishije ubgenge bg’amajambo, kugira ng’ umusaraba wa Kristo ntucīke ubusa.


Ubushobozi bg’umusaraba

18 Kukw ijambo ry’umusaraba ku bahona ar’ ubupfu, ariko kuri twebge abakizwa n’ubushobozi bg’Imana.

19 Kuko handitswe, ngo Nzohonnya ubgenge bg’abanyabgenge, N’ubuhanga bg’abahanga nzobuhindura ubusa.

20 Umunyabgenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihāri wo mur’ iki gihe ari hehe? Mbeg’ Imana ntiyahinduye ubupfu ubgenge bg’iyi si?

21 Kuko nah’ ubgenge bg’Imana bgageze yukw ab’ isi batazohabga n’ubgenge bg’isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bg’ivyigishwa.

22 Kukw Abayuda basaba ibimenyetso, Abagiriki barondera ubgenge,

23 ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambge: uyo ku Bayuda n’ikigwisha, ku banyamahanga n’ubupfu:

24 ariko ku bahamagarwa, b’Abayuda n’Abagiriki, ni Kristo, ubushobozi bg’Imana, kandi n’ubgenge bg’Imana.

25 Kuk’ ubupfu bg’Imana burusha abantu ubgenge; kandi n’intege nke z’Imana zirusha abantu inkomezi.

26 Muzirikane ihamagarwa ryanyu, bene Data, yukw ab’ ubgenge bg’abantu bāhamagawe atari benshi, abakomeye bāhamagawe atari benshi, abapfasoni bāhamagawe atari benshi.

27 Arikw Imana yatoranije ibipfu vyo mw isi, ngw imāramāze abanyabgenge: kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw isi ngw imāramāze ibikomeye,

28 kandi n’ivyoroshe vyo mw isi, n’ibikēngērwa, mbere n’ibitariho, Imana yarabitoranije ngw itītūre ibiriho:

29 kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y’Imana.

30 Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:

31 kugira ngo bibe nk’uko handitswe, ng’ Uwirata, yirate Uhoraho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan