Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Abami 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Salomo yinjiza isandugu y’Uhoraho mu rusengero

1 Maze Salomo akoranya abashingantahe b’Abisirayeli n’ abakuru b’imiryango bose, ari bo bakuru bo mu mazu ya ba sekuruza b’Abisirayeli, bakoranira i Yerusalemu bītavye umwami, kugira ngo badūgane isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayikūye mu gisagara ca Dawidi, ari ho i Siyoni.

2 Nukw abagabo bose b’Abisirayeli bakoranira i bgami kwa Salomo, mu kwezi kwa Etanimu, ari kwo kwezi kw’indwi, ngo bagire imisi mikuru.

3 Nukw abakuru bose bo mu Bisirayeli baraza, abaherezi baraheza barerura isandugu.

4 Nuko badūgana iyo sandugu y’ Uhoraho, n’ihema ry’ibonaniro, bo n’ibintu vyera vyari mw ihema vyose; ivyo vyose abaherezi n’ Abalewi ni bo bābidūganye.

5 Maz’ umwami Salomo hamwe n’ ikoraniro ryose ry’Abisirayeli bari bakoraniye imbere yiwe, bahagararana na we imbere y’iyo sandugu, batanga intama n’inka kw ibimazi zitoharūrwa canke ngo zimenyekane igitigiri kuko zar’ isinzi.

6 Maz’ abaherezi binjiza iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayishikana ahayo, haruguru mu ngoro, ari ho Hēra Cane, musi y’amababa y’abakerubi;

7 kukw ivyo bishushanyo vy’abakerubi vyari bishānje amababa hejuru y’ikibanza c’iyo sandugu, bigakīngīra iyo sandugu n’iminiho yayo.

8 Kand’ iyo miniho yayo yari miremire, bigatuma ūhagaze Ahēra, hafi y’Ahēra Cane, yashobora kubona imitwe yayo, arik’ ūhagaze hanze ntiyayibona; kandi ni ho ikiri no kugeza n’ubu.

9 Mur’ iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri vy’amabuye Mose yashiriyemw’ i Horebu, igihe Uhoraho yasezerana isezerano n’Abisirayeli, hamwe bava mu gihugu ca Egiputa.

10 Maz’ abaherezi bavuye Ahēra, igicu c’ igipfungu cuzura mu ngoro y’ Uhoraho,

11 bituma abaherezi badashobora guhagararayo ngo bahēreze kubg’ ico gicu, kuk’ ubgiza bg’Uhoraho bgari bguzuye mur’ iyo ngoro yiwe.


Salomo avuga icamuteye kwubaka urusengero

12 Salomo araheza aravuga, at’ Uhoraho yavuze kw azokwibera mu mwiza w’umuzitanya!

13 None ndakwubakiye ingoro yo kubamwo, ahantu uzokwibera ibihe vyose.

14 Maz’ umwami arahindukira, ahezagira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli; kand’ iryo koraniro ryose ryari rihagaze.

15 Maz’ aravuga, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, yashikije n’ukuboko kwiwe ivyo yavuze n’akanwa kiwe, abarira data Dawidi,

16 yuk’ uhereye igihe yakūriye abantu biwe b’Abisirayeli muri Egiputa, ata gisagara co mu miryango yose y’Abisirayeli yigeze gutoranya co kwubakamw’ ingoro ngw izina ryiwe rihabe; ariko yatoranije Dawidi kugira ngw aganze abantu biwe b’Abisirayeli.

17 Kandi data Dawidi yari yaragabiye mu mutima wiwe kuzokwubakira ingoro izina ry’Uhoraho Imana y’ Abisirayeli.

18 Arik’ Uhoraho abarira data Dawidi, ati Ko war’ ufise imigabo mu mutima wawe yo kwubakira izina ryanje ingoro, wagize neza kuvyiyumvira;

19 at’ Ariko wewe ntuzokwubaka iyo ngoro, izokwubaka umwana wawe uzokwikūrira mu nda; uwo ni we azokwubakira izina ryanje ingoro.

20 Non’ Uhoraho ashikije iryo jambo ryiwe yavuze, kuko nsubiye mu gishingo ca data Dawidi, kandi nkaba ndi ku ngoma y’i Bgisirayeli nk’uko yasezeranye, kandi nkaba nujuje iyi ngoro nubakiye izina ry’Uhoraho Imana y’Abisirayeli.

21 Ni ho nashingiye umwanya isandugu irimw’ isezerano ry’Uhoraho yasezeranye na ba sogokuruza, aho yabakūra mu gihugu ca Egiputa.


Isengesho rya Salomo

22 Salomo araheza ahagarara imbere y’igicaniro c’Uhoraho, ishengero ryose ry’Abisirayeli rirorēra, agaranzura amaboko ayatumbereje mw ijuru,

23 aravuga, at’ Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, nta mana ihwanye nawe, uhereye hejuru mw ijuru no hasi kw isi; ni wewe wama ushitsa amasezerano, ukagirira imbabazi abasavyi bawe bagendera imbere yawe bitonze n’imitima yabo yose;

24 kandi washikije ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi; mber’ ivyo wavugishije akanwa kawe ubishikishije ukuboko kwawe, nk’ uko bir’ uyu musi.

25 None rero, Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, komeza ivyo wasezeraniye data umusavyi wawe Dawidi, nk’ uko wamubariye kw atazobura uwo guhora ku ngoma y’i Bgisirayeli imbere yawe, abana biwe ni bagendera imbere yawe bitonda mu ngeso zabo, nk’uko na we yagendera imbere yawe.

26 None rero, Mana y’Abisirayeli, ndakwinginze, ijambo ryawe wabariye data umusavyi wawe Dawidi urishitse.

27 Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!

28 Arik’ Uhoraho Mana yanje, shira umutima ku gusenga kw’umusavyi wawe no ku kwinginga kwanje, zirikana ugutakamba kwanje n’ ugusenga jewe umusavyi wawe nsengeye imbere yawe uyu musi,

29 kugira ng’ uhoze inyonga zawe kur’ iyi ngoro ku murango no mw ijoro, ni ho wavuze k’uzoshira izina ryawe, kugira ng’ uze wame wumva amasengesho yanje, jewe umusavyi wawe nzogusenga ntumbereye aha hantu.

30 Kand’ uze wame wumva ukwinginga kwanje, jewe umusavyi wawe, n’ ukw’ abantu bawe b’Abisirayeli, uko tuzosenga dutumbereye aha hantu; ego me koko, uze wame uvyumva uri mw ijuru ah’ uba, kand’ uk’ uzovyumva, uze wame uharira.

31 Umuntu ni yagirira nabi mugenzi we, bakamwaka indahiro, akaza akarahirira imbere y’igicaniro cawe mur’ iyi ngoro;

32 nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, ugire ico ukora, ucire abantu bawe imanza, utsindishe uwakoze nabi, bimusubire ku mutwe, ucire umugororotsi urubanza, atsinde nk’ uk’ ukuri kwiwe kumeze.

33 Kand’ abantu bawe b’Abisirayeli ni baneshwa n’abansi, bazize ko bagucumuyeko, hanyuma bakaguhindukirira, bakātura izina ryawe, bagasenga bakwingingira mur’ iyi ngoro;

34 nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, uharire icaha c’abantu bawe b’Abisirayeli, ubagarukane mu gihugu wahaye ba sekuruza.

35 Kand’ ijuru ni ryakingwa, imvura ntikoroke, kuko bāgucumuyeko; ni basenga batumbereye aha hantu, bakātura izina ryawe, bagahindukira bakareka icaha cabo, kuko wabahannye;

36 nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru, uharire abasavyi bawe icaha cabo, ari bo bantu bawe b’Abisirayeli, ubarangire inzira nziza bakwiye kujana, urekurire imvura mu gihugu cawe, ico wahaye abantu bawe kw ishamvu.

37 Inzara ni yatera mu gihugu, cank’ ikīza, canke kurumbisha, cank’ ururyi rw’agahezambuto, cank’ inzige, cank’ inzikira, cank’ abansi babo ni babatera bakabaziguza mu gisagara cabo ic’ ari co cose; ni haramuka hateye icago ic’ ari co cose, cank’ indwara,

38 hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’ abantu bawe bose b’Abisirayeli, umuntu wese ukw azoba yimenyekw indwara yo mu mutima wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro;

39 nuk’ uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uharire, ugire ico ukora, ugenze umuntu wese nk’ukw ameze, wewe uzi umutima wiwe, kukw ari wewe wenyene uzi imitima y’abantu bose;

40 kugira ngo baze bahore bagutinya imisi yose bazomara bakiriho, mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.

41 Kandi n’umunyamahanga, atar’ uwo mu bantu bawe b’Abisirayeli, ni yaza avuye mu gihugu ca kure azanywe n’izina ryawe;

42 (kuko batazobura kwumva ivy’ izina ryawe rihambaye, n’ivy’ ububasha bgawe bukomeye, n’ ivy’ ubushobozi bgawe); nuko ni yaza agasenga atumbereye iyi ngoro,

43 uz’ uvyumve uri mw ijuru ah’ uba, uwo munyamahanga umumarire ivyo azoba agutakambiye vyose, bitume amahanga yose yo mw isi amenya izina ryawe, bakwubahe, nk’ukw abantu bawe b’Abisirayeli bakwubaha, kandi bamenye n’iyi ngoro nubatse ko yitwa iy’ izina ryawe.

44 Kand’ abantu bawe ni baramuka bagiye gutera abansi babo ah’ uzoba ubagomoye hose, bakagusenga wewe Uhoraho, batumbereye uyu murwa watoranije n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe;

45 nuk’ uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo uri mw ijuru, ubaroranirize ivyabo.

46 Kandi ni baramuka bagucumuyeko, kukw ata muntu adacumura, ukabarakira, ukabagabura mu maboko y’abansi babo, bakabafata mpiri bakabajana mu gihugu cabo, naho hoba hafi canke kure;

47 maze bakīsubiramwo bari mu gihugu bajanywemw’ ar’ inyagano, bagahindukira, bakagutakambira bari mu gihugu c’ababafashe mpiri, bati Twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi;

48 bakakugarukako n’imitima yabo yose n’ivyiyumviro vyabo vyose, bari mu gihugu c’abansi babo babafashe mpiri, bakagusenga batumbereye igihugu cabo, ico wahaye ba sekuruza, n’uyu murwa watoranije, n’iyi ngoro nubakiye izina ryawe;

49 nuk’ uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo uri mw ijuru ah’ uba, ubaroranirize ivyabo,

50 uharire abantu bawe ivyaha n’ibicumuro vyabo vyose bagucumuyeko, ubahe gutera akagongwe ababafashe mpiri, kugira ngo babagirire imbabazi;

51 kukw ar’ abantu bawe n’ ishamvu yawe wīkūriye muri Egiputa, hagati muri rya tanure rivugutira ivyuma.

52 Tereza inyonga, urābe ingene ninginga, jewe umusavyi wawe, n’abantu bawe b’Abisirayeli, ubabangire ugutwi iyo bagutakambiye.

53 Kuko wabarobanuye mu mahanga yose yo mw isi ngo babe ishamvu yawe, nk’uko wavugiye mu kanwa ka Mose umusavyi wawe, ewe Mwami Uhoraho, igihe wakūra ba sogokuruza muri Egiputa.


Salomo ahezagira abantu, atanga n’ibimazi

54 Nuko Salomo arangije gusengesha ayo majambo yose no kwinginga Uhoraho, arahaguruka ava imbere y’igicaniro c’Uhoraho, aho yamye apfukamye agaranzuye amaboko ayatumbereje mw ijuru.

55 Arahagarara, asabira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli umugisha, avuga n’ijwi rirenga,

56 at’ Uhoraho ahimbazwe, ahaye impore abantu biwe b’Abisirayeli nk’uko yabasezeraniye; nta jambo na rimwe ritāshitse mu vyiza vyose yasezeraniye mu kanwa ka Mose umusavyi wiwe.

57 Uhoraho Imana yacu abane natwe, nk’uko yabana na ba sogokuruza bacu; ntaz’ aduhebe, ntaz’ adute,

58 arikw imitima yacu yame ayīgarukanako, kugira ngo tugendere mu nzira ziwe zose, twitondere ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’amateka ashinzwe, ivyo yageze ba sogokuruza bacu.

59 Kand’ ayo majambo yanje ningingiye Uhoraho nd’ imbere yiwe, Uhoraho Imana yacu aze yame ayibuka ku murango no mw ijoro, kugira ngw andoranirize ivyanje, jewe umusavyi wiwe, n’ivy’ abantu biwe b’Abisirayeli, ku bihora biba ku musi n’umusi;

60 kugira ngw amahanga yose yo mw isi amenye k’Uhoraho ari we Mana, ata yindi.

61 Nukw imitima yanyu ibe itunganiye Uhoraho Imana yacu, mugendere mu mabgirizwa yiwe, mwitondere ivyagezwe vyiwe, nk’uko mubigenjeje uyu musi.

62 Maz’ umwami n’Abisirayeli bose bafataniriza hamwe gutangira ibimazi imbere y’Uhoraho.

63 Salomo azanira Uhoraho inka ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’intama ibihumbi ijana na mirongwibiri kw ibimazi vy’ishimwe. Uko ni k’umwami n’Abisirayeli bose bashikirije Uhoraho ingoro yiwe.

64 Kur’ uwo musi umwami ashinga umwanya wo hagati mu nyubakwa imbere y’ingoro y’ Uhoraho, arahēza; aho ni ho yoshereje ibimazi vyo kwoswa n’ amashikanwa y’amafu n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe, kukw igicaniro c’umuringa car’ imbere y’ Uhoraho cari gito, kitokwirwakw ibimazi vyo kwoswa n’amashikanwa y’amafu n’ibinure vy’ibimazi vy’ishimwe.

65 Uko ni ko Salomo yagize imisi mikuru ico gihe, hamwe n’Abisirayeli bose, bār’ ikoraniro rinini bavuye mu gihugu cose, uhereye ahafata i Hamati ugashitsa ku mugezi wa Egiputa; bamara imisi ndwi, baraheza basubira iyindi ndwi, yose na yose iba icumi n’ine, bar’ imbere y’Uhoraho Imana yacu.

66 Ku musi ugira umunani w’ iyinga rya kabiri umwami asezera abantu, baramuhezagira, basubira i wabo banezerewe, bahimbawe mu mitima yabo kubg’ ivyiza vyose Uhoraho yagiriye umusavyi wiwe Dawidi n’abantu biwe b’Abisirayeli.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan