1 Abami 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Salomo agira inama yo kwubakira Uhoraho urusengero 1 Hiramu umwami w’i Tiro yumvise ko bimikishije Salomo amavuta ngw asubire ku ngoma ya se, amutumakw intumwa, kuk’ uhereye kera Hiramu yakundana na Dawidi. 2 Nuko Salomo atuma kwishura Hiramu, 3 ut’ Urazi ko se Dawidi atābonye uburyo bgo kwubaka ingoro y’izina ry’ Uhoraho Imana yiwe, kubg’ intambara z’abansi biwe zari zimuturutse irya n’ino, uti Gushitsa ah’ Uhoraho yabashiriye musi y’ibirenge vyiwe. 4 Ut’ Ariko we, Uhoraho Imana yiwe amuhaye impore impande zose; uti Nta murwanizi nta n’agakakaza. 5 Uti Non’ afise imigabo yo kwubaka ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, uti Nk’uk’ Uhoraho yabariye se wiwe Dawidi, at’ Umwana wawe nzosubiza ku ngoma yawe ni we azonyubakira ingoro y’izina ryanje. 6 Uti None rer’ umubaririre abamwicirira ibiti vy’ amasederi i Lebanoni, uti Kand’ abantu biwe bazofatanya n’abawe; uti Kand’ azoguha ingero z’abakozi bawe uk’ uzozicīra kwose; uti Kuk’ uzi yukw ata n’umwe mu b’i wabo azi kwicira ibiti nk’Abasidoni. 7 Nuko Hiramu yumvise amajambo ya Salomo aranezerwa cane, aravuga, at’ Uyu musi Uhoraho ashemagizwe, kuko yahaye Dawidi umwana w’incabgenge wo kuganza iryo hanga rihambaye. 8 Nuko Hiramu atuma kuri Salomo, uti Yumvise ivyo umutumyeko; uti Nukw azogukorera ivyo wamusavye vyose ku vy’ibiti vy’amasederi no ku vy’ akajwari. 9 Ut’ Abantu biwe bazobikūra i Lebanoni, babimanukane babishikane ku kiyaga; uti Bishitseyo azobitekera imbambo, abicīshe mu kiyaga, ut’ Abishikane ah’ uzomurangira, babitekururireho, uti Nawe abe ari ho uzovyākīrira. Uti Nawe ni watanga ivyo kugaburira abo mu rugo rwiwe, uzoba uhaye. 10 Nuko Hiramu aha Salomo ibiti vy’amasederi n’ivy’ akajwari, nk’uko yagomba kwose. 11 Salomo na we agaha Hiramu ingano ingero zitwa koro ibihumbi mirongwibiri zo kugaburira abo mu rugo rwiwe, n’amavuta akūwe muri elayo zisekuwe ingero mirongwibiri. Uko ni ko Salomo yaha Hiramu uk’ umwaka utashe. 12 Nuk’ Uhoraho aha Salomo ubgenge nk’uko yamusezeraniye, na we abana amahoro na Hiramu, basezerana isezerano ryo gufatanya. 13 Maz’ umwami Salomo atoza abantu bo kuba abanyabikebere mu Bisirayeli hose; abo yatoje baba ibihumbi mirongwitatu. 14 Akāma abarungika i Lebanoni, bagahāna imbu, ibihumbi icumi‐icumi mu kwezi, bakamara ukwezi kumwe i Lebanoni, abiri bakayamara i muhira. Adoniramu ni we yagaba ivy’ abo banyabikebere. 15 Kandi Salomo yari yarashizeh’ abantu ibihumbi mirongwirindwi bāshinzwe ivyo kwikorera, n’abandi ibihumbi mirongumunani bāshinzwe kubāza amabuye ku misozi; 16 udashizemw’ abakoresha biwe bakuru bākoresha ivyo bikorwa, ibihumbi bitatu n’amajana atatu, bāgaba abo bakozi. 17 Nuk’ umwami agera ko bimba amabuye manini‐manini y’igiciro kinini, kugira ngw itanguriro ry’iyo ngoro ryubakishwe amabuye abājwe. 18 Maz’ abubatsi ba Salomo n’aba Hiramu n’Abagebali barayabāza, batunganya ibiti n’amabuye, kugira ngo bavyubakishe iyo ngoro. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi