Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Abami 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abo Salomo yahaye amabango

1 Umwami Salomo yar’ umwami w’Abisirayeli bose.

2 Kand’ aba ni bo baganwa biwe: Azariya mwene Sadoki umuherezi;

3 Elihorefu na Ahiya bene Shisha bar’ abakarani; Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ ivyaja biraba;

4 Benaya mwene Yehoyada yar’ umugabisha w’ ingabo; Sadoki na Abiyatari ni bo bar’ abaherezi;

5 Azariya mwene Natani yar’ umukuru w’ abamenyekana; Zabudi mwene Natani nyene yar’ umuherezi kandi yar’ umukunzi w’umwami;

6 Ahishari yar’ umubgiriza wo mu rugo; Adoniramu mwene Abuda ni we yagaba ivy’ abanyabikebere.

7 Kand’ umwami Salomo yar’ afise abamenyekana cumi na babiri bakwiragiye mu Bgisirayeli hose, kugira ngo bame bamutoreza ivyo kumutunga bo n’abo mu rugo rwiwe; umuntu wese yar’ afise ukwezi kumwe mu mwaka kwo kubitoza.

8 Aya ni yo mazina yabo: mwene Huri yatoza ivyo mu mugamba w’Abefurayimu;

9 na mwene Dekeri yatoza ivy’ i Makasi n’i Shalibimo n’i Beti‐shemeshi n’i Eloni‐beti‐hanani;

10 na mwene Hesedi yatoza ivy’ i Aruboti, akaganza n’i Sokoho n’intāra yose y’i Heferi;

11 na mwene Abinadabu yatoza ivyo mu misozi yose ihagaze y’i Dori, kandi yar’ afise umukobga wa Salomo yitwa Tafati;

12 na Bayana mwene Ahiludi yatoza ivy’ i Tanaki n’i Megido, n’i Beti‐sheyani hose hahereranye n’i Zaretani hepfo y’i Yezireli, uhereye i Beti‐sheyani nyene ugaca i Abeli‐mehola ukarinda ushika hirya y’i Yokumeyamu;

13 na mwene Geberi yatoza ivy’ i Ramoti‐gileyadi, akaganza n’ibisagara vya Yayiri mwene Manase vyar’ i Gileyadi nyene, bo n’intāra y’i Arugobu i Bashani yarimw’ ibisagara mirongwitandatu bikomeye, bizitijwe inzitiro z’amabuye, vyugazwa ibihindizo vy’imiringa;

14 na Ahinadabu mwene Ido yatoza ivy’ i Mahanayimu;

15 na Ahimasi yatoza ivy’ Abanafutali, yari yarongoye Basemati umukobga wa Salomo;

16 na Bayana mwene Hushayi yatoza ivy’ Abasheri n’ivy’ i Beyaloti;

17 na Yehoshafati mwene Paruwa yatoza ivy’ Abisakari;

18 na Shimeyi mwene Ela yatoza ivy’ Ababenyamini;

19 na Gebera mwene Uri yatoza ivyo mu gihugu c’i Gileyadi, mu ntāra yar’ iya Sihoni umwami w’Abamori na Ogi umwami w’i Bashani; hār’ umumenyekana umwe gusa yatoza ivyo mur’ ico gihugu.

20 Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bār’ isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa.

21 Kandi Salomo yaganza ibihugu vyose vy’abami, uhereye kuri rwa ruzi Efurate, ugashitsa ku gihugu c’Abafilisitiya ukagarukira ku rubibe rwa Egiputa, bakāma bamuzanira amashikanwa, bakamusaba, igihe cose yabaye ku ngoma.


Ivyāgaburwa ku musi umwe mu vyātojwe

22 Ivyāgaburwa kwa Salomo ku musi ku musi vyar’ ibi: ingero zitwa koro mirongwitatu z’ifu igogōretse, n’ingero mirongwitandatu z’ayandi mafu;

23 n’ibimasa cumi vyagaburiwe neza, n’ ibindi mirongwibiri vyirishiriza, n’intama ijana, ukūyemw’ impongo n’ingeregere n’amafumberi, bo n’inkoko zagaburiwe neza.

24 Kuko yaganza igihugu cose co hakuno ya rwa ruzi Efurate, uhereye i Tifusa ugashitsa i Gaza, akaganza n’abami bose bo hakuno yarwo, kandi yabana amahoro n’ ibihugu vyose bimukikije;

25 nukw Abayuda n’Abisirayeli bībēra amahoro, umuntu wese mu mizabibu yiwe no mu misukoni yiwe, uhereye i Dani ugashitsa i Beri‐sheba, igihe cose Salomo yari ku ngoma.

26 Kandi Salomo yar’ afise impongore ibihumbi bine z’amafarasi yakwega imikogote yiwe, n’abantu bagendera ku mafarasi ibihumbi cumi na bibiri.

27 Nukw abo bamenyekana bama batoza ivyo gutunga umwami Salomo n’abaza kurīra ku meza yiwe bose, umuntu wese uk’ ukwezi kwiwe gutashe; nta kintu na kimwe bāhaza ngo kibure.

28 Kandi bama bazana na sayiri n’ivyarire vy’amafarasi akwega imikogote n’ayandi yo kwirukako, nk’uko vyashinzwe, bakabizana aho bikwiye kuja.


Ivy’ ubgenge bga Salomo

29 Nukw Imana iha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane, n’ umutima wagutse, nk’ukw isēsero ry’umusenyi wo ku kiyaga ryagutse.

30 Ubgenge bga Salomo bgāruta ubg’ abanyabgenge bose b’i burasirazuba n’ubg’ Abanyegiputa bgose.

31 Yarusha abandi bantu bose ubgenge, yarusha na Etani Umwezerahi, na Hemani na Kalukoli na Darada, bene Maholi; mbere yaravugangwa mu mahanga yose amukikije.

32 Yigeneye imigani ibihumbi bitatu, n’indirimbo igihumbi na zitanu.

33 Yar’ azi kudondora ivy’ ibiti, uhereye kw isederi y’i Lebanoni ugashitsa kuri ezobu imera ku mazu; yar’ azi no kudondora ivy’ ibikōko n’ ibisīga n’ivyikwega hasi n’amafi.

34 Nukw abantu bakava mu mahanga yose bazanywe no kwumva ubgenge bga Salomo, barungitswe n’abami bose bo mw isi bumvise ivy’ ubgenge bgiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan