1 Abami 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Salomo asaba Imana ubgenge 1 Maze Salomo asabira Farawo umwami wa Egiputa, arongora umukobga wiwe, amujana mu gisagara ca Dawidi, gushitsa amaze kwubaka ingoro yiwe bgite n’ ingoro y’Uhoraho, n’uruzitiro rwo kuzitirira i Yerusalemu impande zose. 2 Kand’ ico gihe abantu bātangira ibimazi ku mpinga z’ imisozi; kuko gushitsa ico gihe ata ngoro bāribgubakire izina ry’ Uhoraho. 3 Kandi Salomo yakunda Uhoraho, akagendera mu mabgirizwa ya se Dawidi, mugabo yatangira ibimazi ku mpinga z’ imisozi, akahosereza imibavu. 4 Bukeye umwami Salomo aja i Gibeyoni gutangiray’ ibimazi, kukw ari ho hari hakuru ku zindi mpinga z’imisozi; nuko yosereza ku gicaniro caho ibimazi igihumbi. 5 Kandi Salomo akir’ i Gibeyoni, Uhoraho amwiyerekera mu nzozi mw ijoro. Nukw Imana iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe. 6 Salomo arishura, ati Wagiriye neza cane data, umusavyi wawe Dawidi, kuko yagendera imbere yawe mu vy’ukuri no mu vy’ukugororoka, agutunganiye mu mutima wiwe, kand’ ukaba waramugereye kuzomugirira neza cane nk’uku, ukamuha umwana wo kumusubirira ku ngoma, nk’uko bir’ uyu musi. 7 Nuko none, Uhoraho Mana yanje, jewe umusavyi wawe wanyimitse mu gishingo ca data Dawidi, naho nkir’ umwana muto gusa; sinzi iyo bija n’iyo biva. 8 Kandi jewe umusavyi wawe ndi hagati mu bantu bawe watoranije, ihanga rihambaye, ritoharūrika canke ngo rimenywe ubginshi bgaryo. 9 None rero, jewe umusavyi wawe, n’umpe umutima w’ubgenge, nshobore gucira abantu bawe imanza, mmenye gutandukanya ikibi n’iciza. None ni nde yoshobora gucira imanza iri hanga ryawe rihambaye? 10 Maze binezereza Uhoraho yuko Salomo asavye ivyo. 11 Nukw Imana iramubarira, it’ Ivyo kw ari vyo usavye, ukaba udasavye kuramba, canke ng’ usabe ubutunzi, canke ng’ usabe kw abansi bawe bapfa; arik’ ukaba wisabiye ubgenge bgo guca imanza neza; 12 nuko nkugiriye nk’uk’ usavye: ehe nguhaye umutima w’ubgenge wo gutahura, ata we muhwanye mu bākwitangiye imbere canke mu bazoguherukira. 13 Kandi nguhaye n’ico utansavye: nguhaye ubutunzi n’icubahiro, bitume ata mwami n’umwe azohwana nawe igihe cose ukiriho. 14 Kandi ni wagendera mu nzira zanje, ukitondera amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, nk’uko so Dawidi yagenjeje, nzoguha kuramba. 15 Maze Salomo aribambura, amenya kw ar’ inzozi. Maz’ aja i Yerusalemu, ahagarara imbere y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho, ahosereza ibimazi, ahatangira n’ibimazi vy’ishimwe, atumirira abantu biwe bose amazimano. Salomo acira urubanza abagore babiri 16 Bukeye ba maraya babiri baza ku mwami, bahagarara imbere yiwe. 17 Umwe muri bo aravuga, at’ Urazirikanye mugenzi; jewe n’uyu mugore tubana mu nzu imwe; bukeye mvyara umwana turi kumwe mu nzu. 18 Mmaze imisi itatu mvyaye, uyu mugore na we aravyara; kandi twari twenyene, ata muntu wundi yari kumwe natwe mu nzu, atari twebge twempi gusa. 19 Hanyuma umwana w’uyu mugore ahenga mw ijoro arapfa, nyina yamuryamyeko. 20 Na we aca avyuka mu gicugu, ankūra umwana i ruhande nsinziriye, jewe umusavyi wawe, amuryamika mu gikiriza ciwe, wa wundi yapfuye amuryamika mu gikiriza canje. 21 Ngo mvyuke kwonsa umwana bugira buce, nsanga yapfuye; ariko bukeye ndamwitegereje, nsanga si we w’iwanje navyaye. 22 Uwundi mugore aramwishura, ati Na mba! Ūkomeye ni we w’ iwanje, na we uwapfuye ni rwawe. Uno na we at’ Eka na mba! Uwapfuye ni we mwana wawe, ūgikomeye ni we w’iwanje. Uko ni ko bābūraniye imbere y’umwami. 23 Nuk’ umwami aravuga, ati Mbega k’umwe avuga, ng’ Ūkomeye ni we w’iwanje, ngo Na we uwapfuye ni we w’iwawe; uwundi akavuga, ati Na mba! Uwapfuye ni we w’iwawe, ūgikomeye ni we w’iwanje! 24 Umwami arongera aravuga, ati Ni munzanire inkota. Bayizana imbere y’ umwami. 25 Maz’ umwami aravuga, at’ Uwo mwana akomeye ni mumucemwo kubiri, igihimba kimwe mugihe umwe, ikindi mugihe uwundi. 26 Nuko wa mugore nyina w’umwana akomeye, kuko mu mutima yar’ afise ikibabarwe c’umwana wiwe, abarira umwami, at’ Ewe mugenzi! Uyo mwana akomeye pfuma umumuha, ntumwice na gatoya. Ariko wa wundi ati Ni mumucemwo kubiri, tumubure twempi. 27 Maz’ umwami araheza aravuga, at’ Uwo mwana akomeye ntimumwice na gatoya, mumuhe urya, kukw ari we nyina. 28 Nukw Abisirayeli bose bumvise uk’ umwami yaciye urwo rubanza, baca baramutinya, kuko bābonye k’ubgenge buva ku Mana buri muri we bgo guca imanza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi