Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Abami 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ahabu na Yehoshafati bagīsha inama abavugishwa

1 Kand’ Abasiriya n’Abisirayeli bari bamaze imyaka itatu batekereje batarwana.

2 Maze mu mwaka ugira gatatu, Yehoshafati umwami w’Abayuda aramanuka, aja kuramutsa umwami w’ Abisirayeli.

3 Maz’ umwami w’ Abisirayeli abarira abantu biwe, ati Harya ntimuzi yukw i Ramoti‐gileyadi hār’ ahacu, natwe tugapfa kwihorera, ntituhagobotore umwami w’Abasiriya?

4 Araheza abaza Yehoshafati, ati Mbega wokwemera kuntabara, ukajana natwe kuja gutera i Ramoti‐gileyadi? Yehoshafati yishura umwami w’ Abisirayeli, at’ Ego cane, jewe nd’ umwe nawe, n’abantu banje ni bo b’iwawe, n’amafarasi yanje ni yo y’iwawe.

5 Maze Yehoshafati abarira umwami w’Abisirayeli, at’ Enda se banza usiguze ijambo ry’ Uhoraho.

6 Nuk’ umwami w’ Abisirayeli akoranya ba kamenyi, bār’ abantu nk’amajana ane; arababaza, ati Mbega tuje gutera i Ramoti‐gileyadi canke dusigeho? Baramwishura, bati Dūga uhatere, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.

7 Ariko Yehoshafati arabaza, ati Mbeg’ uretse aba, nta muntu avugishwa n’Uhoraho yobaho ngo tumusiguze?

8 Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!

9 Nuk’ umwami w’Abisirayeli ahamagara umuntu w’inkone, aramubarira, ati Genda unyaruka uzane Mikaya mwene Imula.

10 Kand’ umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’Abayuda bāri bavyagiye ku ntebe zabo z’ubgami, bambaye imyambaro yabo y’ubgami, bari ku nama kw ishikiro ry’ikirimba c’i Samariya; ba kamenyi bose bavugishirizwa imbere yabo.

11 Maze Zedekiya mwene Kenayana yicurishiriza amahembe y’ivyuma, aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Aya mahembe ni yo uzokwirukanisha Abasiriya gushitsa baherengeteye.

12 N’abandi ba kamenyi bose bavugishwa bartyo, bati Dūga utere i Ramoti‐gileyadi, bizokubera ko, kuk’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi.

13 Maz’ intumwa yari yagiye guhamagara Mikaya iramubarira, it’ Abavugishwa bose bahūrije hamwe gusigurira umwami ivyiza; none rero nawe amajambo yawe n’abe nk’ayabo, uvuge ivyiza.

14 Mikaya aramwishura, ati Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ic’ Uhoraho ambarira cose ni co nja kuvuga.

15 Nukw ashitse imbere y’umwami, umwami aramubaza, ati Mikaya, tuje gutera i Ramoti‐gileyadi, canke dusigeho? Aramwishura, ati Dūga utere, bizokubera ko, kand’ Uhoraho azohagabura mu maboko yawe, mugenzi!

16 Umwami aramubarira, at’ Aho nakurahirije nzogeza ryari, kugira ngo ntugire ico umbarira kitar’ ic’ ukuri mw izina ry’ Uhoraho?

17 Aramwishura, ati Mbonye Abisirayeli bose basābagiye ku misozi nk’intama zitagira umwungere; kand’ Uhoraho agize ngo Bariya n’abatagira shebuja; ni basubire i wabo, umuntu wese yīgīre amahoro.

18 Umwami w’Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Sinakubariye kw atogira ivyiza avugishwa kuri jewe, atar’ ivyago?

19 Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.

20 Maz’ Uhoraho arabaza, ati Ni nde yogenda kwosha Ahabu ngw adūge i Ramoti‐gileyadi, agweyo? Nuk’ umwe aravuga, ashira ukwiwe, uwundi ukwiwe.

21 Hanyuma haza impwemu, ihagarara imbere y’Uhoraho, iravuga, iti Jewe ndamwosha.

22 Uhoraho arayibaza, at’ Uja kumwosha ute? Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuko, uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.

23 Nuko non’ ehe rāba, Uhoraho ashize impwemu y’ibinyoma mu kanwa k’aba ba kamenyi bawe bose; kand’ akugeneye ivyago.

24 Maze Zedekiya mwene Kenayana yēgēra Mikaya amukubita urushi, aramubaza, at’ Iyo mpwemu y’Uhoraho yaciye hehe mu kuva muri jewe iza kuvugana nawe?

25 Mikaya aramwishura, at’ Uzoba urabimenya ku musi uzokwitera haruguru mu mpete winyegeza.

26 Maz’ umwami w’ Abisirayeli aravuga, ati Ni mufate Mikaya, mumushīre Amoni umukuru w’umurwa, na Yowasi umwana wanje,

27 mut’ Umwami agize ng’ Uru rugabo murushire mw ibohero, murugaburire ivyo kurya n’amazi vy’intīca ntīkize, uti Kugeza ah’ azotabarukira amahoro.

28 Mikaya aravuga, ati Ni waramuka utabarutse amahoro, Uhoraho azoba atamvugishije. Arongera ati Mwa bantu mwese, muraba muvyumvise!


Ahabu agwa mu ntambara

29 Nuk’ umwami w’Abisirayeli na Yehoshafati umwami w’Abayuda baradūga, baja gutera i Ramoti‐gileyadi.

30 Maz’ umwami w’ Abisirayeli abarira Yehoshafati, ati Ngiye kwiyoberanya, nje mu rugamba; ariko weho ni wambare imyambaro yawe y’ubgami. Nuk’ umwami w’Abisirayeli ariyoberanya, aja mu rugamba.

31 Kand’ umwami w’i Siriya yari yabariye abagabisha b’imikogote yiwe y’intambara, ukw ari mirongwitatu na babiri, ati Ntimutumbere kurasa abandi, ar’ aboroshe cank’ abahambaye, atar’ umwami w’Abisirayeli wenyene.

32 Nukw abo bagabisha b’imikogote y’ intambara babonye Yehoshafati, baravuga, bati Nguriya umwami w’Abisirayeli nta gukēka! Nuko barakebanuka, batumbera we; Yehoshafati atura ubuku.

33 Maz’ abo bagabisha b’imikogote babonye kw atar’ umwami w’Abisirayeli, barahindukira bareka kumwirukana.

34 Maz’ umuntu umwe wo mu rugamba apfa kurasa, agema umwami w’Abisirayeli ah’ ivyuma bimukīngīra bihūrira; aca abarira ūtumbereza umukogote wiwe, ati Hindukiza, unkūre mu rugamba, kuko nkomeretse bibi.

35 Uwo musi intambara irushiriza kuba ihambaye; umwami bamushigikirira aho nyene mu mukogote wiwe, ahangana n’Abasiriya; hageze ku mugoroba aratanga; kand’ amaraso yari yacunduguse ava mu ruguma, atega imbere mu mukogote.

36 Maze nko ku kirengazuba humvikana akāmo mu ngabo, ngo Ni mutahe, musubire mu bisagara vyanyu no mu ntāra z’i wanyu.

37 Uko ni k’umwami yatanze; bamujana i Samariya, bamuhambayo.

38 Umukogote wiwe bawogereza ku kidengeri c’i Samariya aho ba maraya biyuhagirira; imbga ziraza zirigata amaraso yiwe nk’ukw ijambo Uhoraho yavuze riri.

39 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Ahabu, n’ivyo yakoze vyose, n’ivy’ inzu yubatse isharijwe n’amahembe y’inzovu, n’ibisagara vyose yubatse, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’ abami b’Abisirayeli?

40 Uko ni ko Ahabu yahambije ba sekuruza; maz’ umuhungu wiwe Ahaziya asubira ku ngoma yiwe.


Ivya Yehoshafati na Ahaziya

41 Yehoshafati mwene Asa aho yima i Buyuda hāri mu mwaka ugira kane Ahabu umwami w’ Abisirayeli ari ku ngoma.

42 Kandi Yehoshafati, aho yatangura kwima, yar’ amaze imyaka mirongwitatu n’itanu; araheza amara ku ngoma imyaka mirongwibiri n’itanu i Yerusalemu. Nyina yitwa Azuba umukobga wa Shiluhi.

43 Kandi yagendera mu ngeso zose za se Asa; ntiyatirimuka ngw azivemwo, ariko yagenda akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza. Mugabo ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi vyo ntivyākūrwaho, arikw abantu bākomeje gutangiray’ ibimazi no kuhosereza imibavu.

44 Kandi Yehoshafati ashira hamwe n’umwami w’Abisirayeli.

45 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Yehoshafati, n’ivy’ ubuhizi bgiwe, n’ingene yarwana intambara, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abayuda?

46 Kand’ abāri basigaye ku bagabo bendana, ari bo nyene bāri basigaye ku ngoma ya se Asa, abakūra mu gihugu ciwe.

47 Kandi mur’ ico gihe nta mwami yariho mu gihugu ca Edomu: hāganza uwar’ agihagarikiye.

48 Yehoshafati abāzisha amato y’i Tarushishi yo kwama aja i Ofiru kuzana amazahabu; ariko ntiyashikayo, kuko yamenagurikiye i Eziyoni‐geberi.

49 Maze Ahaziya mwene Ahabu asaba Yehoshafati kw abantu biwe bojana n’abiwe mu mato, ariko Yehoshafati ntiyabikunda.

50 Maze Yehoshafati ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa sekuruza Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Yehoramu asubira ku ngoma yiwe.

51 Ahaziya mwene Ahabu aho yima i Samariya mu Bgisirayeli hāri mu mwaka ugira icumi n’ indwi Yehoshafati umwami w’ Abayuda ari ku ngoma; amara imyaka ibiri aganza Abisirayeli.

52 Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, agendera mu ngeso za se n’iza nyina, n’iza Yerobowamu mwene Nebati yakwegeye Abisirayeli mu vyaha.

53 Asaba Bayali arayisenga, atera umwikomo Uhoraho Imana y’Abisirayeli, amuratsa nk’uko se yagize mu vyo yakoze vyose.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan