1 Abami 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Eliya atuma Obadiya kuri Ahabu 1 Hashize igihe kirekire ijambo ry’Uhoraho riza kuri Eliya; hāri mu mwaka ugira gatatu inzara iteye. Riti Genda wiyereke Ahabu, nanje nzorekurira imvura kw isi. 2 Nuko Eliya aragenda, ngw aje kwiyereka Ahabu. Ico gihe kigoyi cari cinshi cane i Samariya, 3 kandi Ahabu yari yahamagaye Obadiya umubgiriza wiwe. Kandi Obadiya uwo yama yubaha Uhoraho cane; 4 ushime, aho Yezebeli yahonnya abavugishwa b’Uhoraho, Obadiya yahitanye abavugishwa ijana, arabanyegeza, mirongwitanu mw isenga rimwe, yindi mirongwitanu mu rindi, akabagaburira ivyo kurya n’amazi. 5 Maze Ahabu abarira Obadiya, ati Genda ugendure igihugu cose, ahantu hose har’ amariba y’amazi, no ku myonga yose; kumbure twobonay’ uturemba two gukiza amafarasi n’ inyumbu, kugira ngo binanage, ntitubure vyose. 6 Nuko bagabura igihugu kugira ngo bakigendure; Ahabu ajana iyiwe nzira, Obadiya ajana iyindi. 7 Maze Obadiya ari mu nzira, agira artya abona Eliya aza iy’ ari; aramumenya, akubita inkoro hasi, aramubaza, ati Mbega ni wewe ga mugenzi? 8 Aramwishura, ati Ni jewe; genda ubarire shobuja, uti Eliya ari hano. 9 Obadiya aramwishura, ati Nagucumuyekw iki, gitumye ungabura mu maboko ya Ahabu ngw anyice? 10 Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Imana yawe, nta hanga na rimwe cank’ igihugu, databuja atātumye kukurondereramwo; bahakanye k’utariyo, yaciye yaka indahiro abami b’ivyo bihugu cank’ ayo mahanga ko bakubuze koko. 11 Non’ ugize ngo ni ngende mbarire databuja yuk’ uri hano! 12 Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho. 13 Mbega none mugenzi, nta ho bakubariye ivyo nakoze, igihe Yezebeli yica abavugishwa b’Uhoraho, ko nanyegeje abantu b’abavugishwa ijana, mirongwitanu mw isenga rimwe, yindi mirongwitanu mu rindi, nkabagaburira ivyo kurya n’amazi? 14 Non’ urambarira ngo ni ngende mbarire databuja k’uri hano; ntuzi kw aheza akanyica? 15 Eliya aramwishura, ati Nkurahiye uguhoraho kw’Uhoraho Nyen’ ingabo, ari we nyene nsavye, nkagenda ntamwiyeretse uyu musi. 16 Nuko Obadiya aragenda aja kurondera Ahabu, arabimubarira; Ahabu araheza aza guhūra na Eliya. 17 Maze Ahabu abonye Eliya, aramubarira, ati Mbega ni wewe nyene, n’ukuntu wateje amagorwa Abisirayeli? 18 Na we aramwishura, at’ Eka si jewe nateje amagorwa Abisirayeli, ariko ni wewe, mwe n’inzu ya so, mwayabateye, kuko mwaretse ivyagezwe vy’Uhoraho, mugakurikira za Bayali. 19 Nuko rero n’umpamagarize Abisirayeli bose, bakoranire ku musozi Karumeli, bo na ba kamenyi ba Bayali ukw ar’ amajana ane na mirongwitanu, na ba kamenyi ba Ashera barīra ku meza ya Yezebeli, ukw ar’ amajana ane. Agahinyuza kabaye i Karumeli 20 Maze Ahabu atuma guhamagaza Abisirayeli bose, bo n’abo ba kamenyi, abakoraniriza ku musozi Karumeli. 21 Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe. 22 Maze Eliya arongera abarira abantu, ati Ni jewe jenyene nsigaye mu bavugishwa n’Uhoraho; ariko ba kamenyi ba Bayali n’ amajana ane na mirongwitanu. 23 Nuko ni baduhe amamasa abiri; baheze bihitiremw’ iyo bagomba, bayibāge bayijanjagure mu bikenye vyayo, babigereke ku nkwi, ariko boye gushirak’ umuriro; nanje ndabāga iya kabiri, ndayigereke ku nkwi nyene, sinshirek’ umuriro. 24 Muheze mutakambire izina ry’imana yanyu, nanje ndatakambira izina ry’Uhoraho. Maz’ Imana iza kwishurisha kurekura umuriro, iza kuba ari yo Mana. Abantu bose baravuga, bat’ Iyo nama ni yo! 25 Maze Eliya abarira abo ba kamenyi ba Bayali, ati Ni muhitemw’ imasa mugomba; mube ari mwebge mubanza kubāga, kuko muri benshi, muheze mutakambire izina ry’imana yanyu, ariko ntimushirek’ umuriro. 26 Nuko bābīra imasa bahawe, barayibāga, maze batakambira izina rya Bayali, uhereye mu gitondo ugashitsa mu mashōka, bavuga, bat’ Ewe Bayali, n’utwumvire! Ariko ntihagira ijwi ryumvikana cank’ ikibishura na mba. Basimbagurika bicumbagiza hirya no hino y’igicaniro bubatse. 27 Bagejeje mu mashōka, Eliya arabashinyagurira, ati Ni mushire ijwi hejuru: erega n’imana! Kumbure yahubiye ku bindi, canke har’ ibiyifatiriye, canke yamaze urubanza, canke kumbure irasinziriye mukwiye kuyikangura! 28 Nuko barashimika bashira amajwi hejuru, bikebagurisha intambi n’amacumu, nk’ uk’ umugenzo wabo war’ uri: amaraso aravirirana. 29 Maz’ igihe c’amashōka kirenze, batangura kuvovota, gushitsa igihe kigeze co gutanga ikimazi ca ni kera; ariko ntihagira ijwi ribītaba, cank’ ikibishura, cank’ ikibababara. 30 Maze Eliya abarira abantu bose, ati Ni mwīgire hino; nukw abantu bose baramwēgēra. Asanasana igicaniro c’Uhoraho cari carahomvotse. 31 Araheza yābīra amabuye cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango ya bene Yakobo kingana, ari we nyene ijambo ry’Uhoraho ryajeko, riti Isirayeli ni ryo ribaye izina ryawe. 32 Nukw ayo mabuye Eliya ayubakisha ico gicaniro mw izina ry’Uhoraho: araheza yimba umuvo ukikuje ico gicaniro, uburebure bgawo bg’ amajepfo bgokwuzuzwa n’ingero zibiri z’imbuto. 33 Araheza akomānya inkwi, abāga ya masa, ayijanjagura mu bikenye vyayo, abigereka kur’ izo nkwi. Maz’ arababarira, ati Ni mwuzuze imibindi ine amazi, muyasuke ku kimazi co kwoswa no ku nkwi. Barabigira. 34 Arababarira, ati Ni musubīre ubugira kabiri. Barasubīra. Arongera, ati Ni musubīre n’ ubugira gatatu. Bagira kuno nyene. 35 Amazi arasēndēra, atembera hirya no hino y’igicaniro; yuzuza n’uyo muvo amazi. 36 Maz’ igihe co gutanga ikimazi ca ni kera kigeze, uwo muvugishwa n’Imana Eliya yīgira hafi, aravuga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya Aburahamu na Isaka na Isirayeli, uyu musi bimenyekane kw ari wewe Mana mu Bisirayeli, nanje ko nd’ umusavyi wawe, kandi ko nkoze ibi vyose kubg’ ijambo ryawe. 37 Unyumvire se, ewe Uhoraho, unyumvire kugira ngw aba bantu bamenye kw ari wewe Mana, ewe Uhoraho, kandi kw ari wewe ugarukana imitima yabo. 38 Maz’ umuriro w’Uhoraho uca uratibuka, uturira ikimazi co kwoswa na za nkwi na ya mabuye n’umukungugu, urigata na ya mazi yari mu muvo. 39 Maz’ abantu bose babibonye, barunama bashika hasi, baravuga, bat’ Uhoraho ni we Mana, Uhoraho ni we Mana! 40 Maze Eliya arababarira, ati Ni mufate abo ba kamenyi ba Bayali, ntihagire ūcika n’umwe. Barabafata; maze Eliya abamanukana ku mugezi Kishoni, abīcirayo. Imvura isubira kugwa 41 Maze Eliya abarira Ahabu, ati Genda udūge, ufūngure, wuhire, kuko numva akariri k’imvura nyinshi. 42 Nuko Ahabu aradūga, aja gufūngura. Eliya na we aradūga, aja ku mpinga y’uwo musozi Karumeli, arunama ashika hasi, acurika umutwe mu maguru. 43 Abarira umuntu wiwe, ati Dūga, witegereze ku kiyaga. Aradūga, aritegereza; aragaruka, aramubarira, ati Nta kintu mbonye. Aramubarira, ati Subira ugende, ushitse ibihetangabo ndwi. 44 Hanyuma ku bugira indwi, aravuga, at’ Ehe mbonye agacu gatoya kangana ikiganza c’umuntu, kadūga kava mu kiyaga. Eliya aramubarira, ati Genda ubarire Ahabu, uti Zirikisha umukogote wawe ku mafarasi, umanuke, ut’ Imvura ntikubuze. 45 Nuko hashize akanya gatoya, ijuru ryubikiza ibicu, umuyaga urakubeba, hagwa imvura y’isegenya. Ariko Ahabu yūrira mu mukogote wiwe, aja i Yezireli. 46 Ukuboko kw’Uhoraho kuja kuri Eliya; arakenyera, yiruka imbere ya Ahabu barinda bashika kw irembo ry’i Yezireli nyene. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi