Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Abami 15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivya Abiya, umwami w’i Buyuda

1 Mu mwaka ugira icumi n’ umunani umwami Yerobowamu mwene Nebati ari ku ngoma, ni ho Abiya yima i Buyuda.

2 Amara imyaka itatu i Yerusalemu ari ku ngoma, kandi nyina yitwa Mayaka umukobga wa Abishalomu.

3 Nuko Abiya akomeza kugendera mu vyaha vyose vya se, ivyo yakoze Abiya atarīma; kand’ umutima wiwe ntiwar’ utunganiye Uhoraho Imana yiwe, nk’uwa sekuruza Dawidi.

4 Yamar’ Uhoraho Imana yiwe amuha itara i Yerusalemu, kuko yamuhaye umwana wo kumusubirira ku ngoma, atuma n’i Yerusalemu hahangama kubga Dawidi;

5 kuko Dawidi yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, ntakikame ngw ace mu kintu na kimwe yamugeze igihe cose yamaze akiriho, ukūye ivyo yakoze ku vya Uriya Umuheti.

6 Kandi Rehobowamu akiriho, hāmah’ intambara hagati yiwe na Yerobowamu;

7 no hagati ya Abiya na Yerobowamu hakomeza kubah’ intambara. Ibindi vyose vyadonzwe kuri Abiya, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’Abayuda?

8 Nuko Abiya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Asa asubira ku ngoma yiwe.


Ivya Asa, umwami w’i Buyuda

9 Mu mwaka ugira mirongwibiri Yerobowamu umwami w’Abisirayeli ari ku ngoma, ni ho Asa yima i Buyuda.

10 Amara imyaka mirongwine n’umwe i Yerusalemu, ari ku ngoma; kandi inakuru yitwa Mayaka umukobga wa Abishalomu.

11 Asa uwo yakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, nk’uko sekuruza Dawidi yakora.

12 Akūra mu gihugu abagabo bendana, akūraho n’ibishushanyo vyose ba se birondereye.

13 Mbere yirukana na inakuru Mayaka mu bugabekazi, kuko yabājishije igishushanyo c’ubuyobe ngo kibe Ashera; asitura ubgo buyobe bgiwe, agituririra ku mugezi Kidironi.

14 Arikw ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi vyo ntivyākūrwaho; mugabo, umutima wiwe war’ utunganiye Uhoraho igihe cose yamaze akiriho.

15 Kandi yinjiza mu ngoro y’ Uhoraho ibintu se yari yaratanzekw inyegu, n’ivyo yatanzekw inyegu na we ubgiwe, amafeza n’ amazahabu, n’ibintu vy’ibikoreshwa.

16 Kandi hāmah’ intambara hagati ya Asa na Bayasha umwami w’Abisirayeli igihe cabo cose.

17 Bayasha umwami w’Abisirayeli atera i Buyuda, yubaka i Rama, ngo yīmīre abaja kwa Asa umwami w’Abayuda, cank’ abavayo.

18 Maz’ umwami Asa abibonye, ahitana amafeza n’amazahabu yose yar’ asigaye mu bubīko bgo mu ngoro y’Uhoraho n’ubgo mu ngoro yiwe, ayarungikana abantu biwe, abatuma kwa Beni‐hadadi umwami w’i Siriya yaba i Damasiko; yari mwene Taburimoni, Taburimoni mwene Heziyoni.

19 Abatuma ut’ Urazi ko mwe na we mufitaniye isezerano, uti Kandi ryamye hagati ya so na se; uti Non’ akurungikiye ingabire y’ifeza n’izahabu: uti Genda ureke isezerano war’ ufitaniye na Bayasha umwami w’Abisirayeli, uti Kugira ngw amuvire mu gihugu.

20 Nuko Beni‐hadadi yemerera umwami Asa, agomora abagabisha b’ingabo ziwe ngo baje gutera ibisagara vy’Abisirayeli; nuko batsinda Iyoni n’i Dani n’i Abeli‐beti‐mayaka n’i Kinereti hose n’igihugu cose c’i Bunafutali.

21 Bayasha avyumvise, areka kwubaka i Rama, aragenda asubira i Tirusa.

22 Maz’ umwami Asa araheza ahamagaza Abayuda bose, ata n’umwe asize, baja i Rama bakūray’ amabuye n’ibiti, ivyo Bayasha yarikw arubakisha; maz’ umwami Asa avyubakisha i Geba h’i Bubenyamini n’i Misipa.

23 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Asa, n’ivy’ ububasha bgiwe bgose, n’ivyo yakoze vyose, n’ibisagara yubatse, none ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’ abami b’i Buyuda? Arikw ageze mu zabukuru, arwara ibirenge.

24 Nuko Asa ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa sekuruza Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Yehoshafati asubira ku ngoma yiwe.


Ivya Nadabu, umwami w’Abisirayeli

25 Mu mwaka ugira kabiri Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Nadabu mwene Yerobowamu yima mu Bgisirayeli; amara imyaka ibiri aganza Abisirayeli.

26 Yakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, akagendera mu ngeso za se, no mu vyaha yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli.

27 Maze hanyuma Bayasha mwene Ahiya, wo mu muryango wa Isakari, aramugarariza; amwicira i Gibetoni haganzwa n’Abafilisitiya; kukw ico gihe Nadabu n’ Abisirayeli bose bari bateye i Gibetoni bahūgarije.

28 Mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Abayuda ari ku ngoma ni ho ico gihe Bayasha yamwica; araheza yiyimika mu gishingo ciwe.

29 Agiheza kwima, ageseza ab’ inzu ya Yerobowamu bose; mu ba Yerobowamu ntiyasiga n’umwe agihumeka, gushitsa abaherengeteje, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, iryo yavugiye mu kanwa k’umusavyi wiwe Ahiya w’i Shilo,

30 kubg’ ivyaha Yerobowamu yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli, no kubg’ umwikomo yateye Uhoraho Imana y’Abisirayeli, akamuratsa.

31 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Nadabu, n’ivyo yakoze vyose, none ntivyanditswe mu gitabo c’ ivyo ku ngoma z’abami b’Abisirayeli?

32 Kandi hāmah’ intambara hagati ya Asa na Bayasha umwami w’Abisirayeli igihe cabo cose.


Ivya Bayasha, umwami w’Abisirayeli

33 Mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ni ho Bayasha mwene Ahiya yimira i Tirusa, agaca aganza Abisirayeli bose; amara imyaka mirongwibiri n’ine ari ku ngoma.

34 Yakora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, akagendera mu ngeso za Yerobowamu, no mu vyaha yakoze, akabikwegeramwo n’Abisirayeli.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan