Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Abami 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abagore ba Salomo bamukwegera mu bigirwamana

1 Kand’ umwami Salomo yagomwa abanyamahangakazi benshi, udashizemw’ umukobga wa Farawo yar’ asanganywe, ni bo Banyamowabukazi n’Abamonikazi n’Abanyedomukazi n’Abasidonikazi n’Abahetikazi,

2 bo mu mahanga Uhoraho yari yarabujije Abisirayeli, ati Ntimuze musabirane na bo, na bo ntibaze basabirane namwe, kuko bohava bahindura imitima yanyu, mugakurikira ibigirwamana vyabo. Ariko Salomo yifatanya na bo akaramata kubgo kubagomwa.

3 Yar’ afise abagore amajana ndwi b’abamikazi bgite, n’abandi amajana atatu bo mu buryo bg’incoreke; nukw abo bagore biwe bamuhuvya umutima.

4 Kukw amaze gusāza, abagore biwe bāciye bakwegera umutima wiwe ku zindi mana; nuk’ umutima wiwe ntiwaba ugitunganira Uhoraho Imana yiwe, nk’uwa se Dawidi,

5 kuko Salomo yakurikiye Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Milikomu, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.

6 Uko ni ko Salomo yakoze ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, ntiyayoboka Uhoraho rwose, nka se Dawidi.

7 Bukeye Salomo ataba ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu igitabo ca Kemoshi, ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, bo n’ica Moleki, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.

8 Uko ni ko yagiriye abagore biwe bose b’abanyamahangakazi, bagahora bosereza imibavu ivyo bigirwamana vy’i wabo, bakabiha ibimazi.


Uhoraho arakira Salomo

9 Maz’ Uhoraho arakira Salomo, kuk’ umutima wiwe wavuye kuri we, kand’ Uhoraho Imana y’ Abisirayeli ari we yari yaramwiyeretse ibihetangabo kabiri,

10 kandi yari yaramutesheje ivyo, ngo ntaz’ akurikire izindi mana; ariko ntiyumvira ico Uhoraho yamubariye.

11 Ni co catumye Uhoraho abarira Salomo, ati Ko wakoze ivyo, ntiwitondere isezerano ryanje n’amabgirizwa yanje nakugeze, sinzogenda ntagushikuye ubgami, nkabuha umusavyi wawe.

12 Mugabo sinzobikora ku ngoma yawe kubga so Dawidi, ariko nzobushikura umwana wawe.

13 Na we nyene sinzomushikura ubgami bgose, ariko nzomusigariza umuryango umwe kubga Dawidi umusavyi wanje, no kubga Yerusalemu natoranije.


Abarwanizi ba Salomo

14 Maz’ Uhoraho ahagurukiriza Salomo umurwanizi, ni we Hadadi Umunyedomu; yar’ uwo mu nzu y’umwami wa Edomu.

15 Igihe Dawidi yatera Edomu, Yowabu umugabisha w’ingabo ziwe yadūze guhambisha abāguye mu ntambara, araheza ageseza izinamuhungu wese wo muri Edomu;

16 mbere Yowabu n’Abisirayeli bose bamaray’ amezi atandatu, gushitsa baherengeteje izinamuhungu muri Edomu.

17 Ico gihe Hadadi ahungana n’Abanyedomu bamwe bo mu bantu ba se, kugira ngw ahungire muri Egiputa; kandi Hadadi uwo yar’ akir’ umwana w’umuyabaga.

18 Nuko bafata inzira, bava i Midiyani bashika i Parani; bahitana abantu bamwe b’i Parani, baja muri Egiputa kwa Farawo umwami waho. Farawo amuha inzu, amugerera ivyo kumutunga, amuha n’itongo.

19 Maze Hadadi atona cane kuri Farawo, bituma amushingira muramu we, murumuna wa Tahupenesi umwamikazi wiwe.

20 Hanyuma uwo mugore, murumuna wa Tahupenesi, bavyarana umwana w’umuhungu, bamwita Genubati; igihe kigeze, Tahupenesi aramucūtsa, amujana kwa Farawo; nuko Genubati aguma i bgami mu bana ba Farawo.

21 Maze Hadadi yumvise ko Dawidi yatanze, agahamvya ba sekuruza, kandi ko Yowabu umugabisha w’ingabo yapfuye, avyumviye muri Egiputa, araheza abarira Farawo, ati Ndekura ngende, nsubire mu gihugu c’i wacu.

22 Farawo aramubaza, ati Mbega har’ ico wabuze i wanje cotuma ugomba gusubira i wanyu? Na we aramwishura, ati Nta co; ariko pfa kundekura ngende.

23 Hanyuma Imana yongera guhagurukiriza Salomo uwundi murwanizi, ni we Rezoni mwene Eliyada; uwo yari yarahunze shebuja Hadadezeri umwami w’i Zoba.

24 Maz’ igihe Dawidi yageseza ab’i Zoba, Rezoni yakoranije abantu, yīgira umugabisha w’igitero; baraheza baja i Damasiko, babayo; na we yīgira umwami waho.

25 Uwo na we aba umurwanizi w’Abisirayeli imisi yose Salomo yamaze ku ngoma, akora nabi nka Hadadi; yanka Abisirayeli urunuka, kand’ aganza i Siriya.


Ahiya amenyesha Yerobowamu kw azoba umwami

26 Maze Yerobowamu mwene Nebati, Umwefurayimu w’i Sereda, umusavyi w’umwami Salomo, na we aramugarariza; nyina yar’ umupfakazi yitwa Zeruwa.

27 Ivyamuteye kugarariza umwami vyatanguye birtya: Salomo yarikw arubaka i Milo, asana n’ikirengero c’uruzitiro rw’igisagara ca se Dawidi.

28 Kandi Yerobowamu uwo yar’ umuntu w’umuhinga; nuko Salomo abonye uwo musore kw ar’ umukozi w’umunyamwete, amugira umukoresha w’ibikebere vyose vy’abo mu muryango wa Yosefu.

29 Maz’ umusi ur’ izina, Yerobowamu avuye i Yerusalemu, Ahiya w’i Shilo, ūvugishwa n’Imana, ahwanira na we mu nzira; kandi Ahiya yari yambaye umwambaro musha; nuko bāri ngaho bonyene mu gahinga ukw ari babiri.

30 Maze Ahiya afata uwo mwambaro musha yari yambaye, awutaburamw’ ibitabu cumi na bibiri.

31 Abarira Yerobowamu, ati Ni wābīre ibitabu cumi; kuk’ ukw ari k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngw Agiye gutabura ubgami, abukūre mu maboko ya Salomo, aguhemw’ imiryango cumi;

32 ngw Ariko we azomusigarana umuryango umwe, ngo Kubga Dawidi umusavyi wiwe, no kubga Yerusalemu, umurwa yitoranirije mu miryango yose y’Abisirayeli;

33 ngw Abitewe n’uko bāmutaye, bakaja gusenga Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Milikomu imana y’Abamoni; ntibagendere mu nzira ziwe, ngo bakore ivyo abona ko bibereye, bitondere amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, nk’uko Dawidi se wa Salomo yagenza.

34 Ngw Ariko ntazomunyaga ubgami bgose, ngw Azomureka akomeze kuba umwami imisi yose azomara, ngo Kubga Dawidi umusavyi wiwe yitoranirije, ngo Kuko we yitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe.

35 Ngw Arik’ ubgo bgami azobunyaga umwana wiwe, abuhe wewe, ni bgo ya miryango cumi.

36 Ngo Yamar’ uwo mwana wiwe azomuha umuryango umwe, ngo Kugira ng’ umusavvi wiwe Dawidi az’ ahorane itara imbere yiwe i Yerusalemu, ngo Wa murwa yitoranirije ngw ahashire izina ryiwe.

37 Ngo Maze wewe azokwābīra, aguhe kuganza nk’uk’ umutima wawe ugomba kwose, ngo Kand’ uzoba umwami w’Abisirayeli.

38 Ngo None rero, ni wumvira ivyo azokubarira vyose, ng’ Ukagendera mu nzira ziwe, ng’ Ugakora ivyo abona ko bibereye, ng’ Ukitondera amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, ngo Nk’uko Dawidi umusavyi wiwe yagenza, ngo Nukw azobana nawe, ngw Agushingire inzu itazovaho, nk’iyo yashingiye Dawidi, ngo Kand’ azoguha Abisirayeli.

39 Ngo Nukw azotītūza uruvyaro rwa Dawidi, ngw Aruhōye ivyo, ngw Ariko s’ugushitsa ibihe vyose.

40 Nuko Salomo arondera ingene yokwica Yerobowamu, ariko Yerobowamu ava hasi, ahungira muri Egiputa kwa Shishaki umwami wa Egiputa; agumayo gushitsa Salomo atanze.

41 Ibindi vyose vyadonzwe kuri Salomo, n’ivyo yakoze vyose, n’ ivy’ ubgenge bgiwe, mbega ntivyanditswe mu Gitabo c’Ivyakozwe na Salomo nyene?

42 Nukw igihe cose Salomo yamaze ari ku ngoma aganza Abisirayeli bose ar’ i Yerusalemu, cabaye imyaka mirongwine.

43 Nuko Salomo ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa wa se Dawidi; maz’ umwana wiwe Rehobowamu asubira ku ngoma yiwe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan