Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Abami 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ umwami w’umugore yaganza i Sheba

1 Umwami w’umugore yaganza i Sheba yumvise ingen’ izina ry’Uhoraho ryahaye Salomo kuba rurangiranwa, aza azanywe no kumugerageresha ibibazo bigoye.

2 Nukw ashika i Yerusalemu agendaniwe n’abantu benshi b’ isinzi, afise n’ingamiya zīremētse imibavu n’amazahabu menshi cane n’utubuyenge tw’igiciro kinini. Ashitse kwa Salomo amudondorera ivyari mu mutima wiwe vyose.

3 Nuk’ umwami Salomo amusobanurira ivyo amubajije vyose; nta kintu na kimwe cāmunaniye kw amusobanurira.

4 Nuk’ uwo mwami w’i Sheba abonye ingene Salomo ar’ umunyabgenge, n’ingoro yubatse ukw imeze,

5 n’ivyo kurya vyo ku meza yiwe ukuntu vyari, n’abo mu rugo rwiwe uko bīfata, n’abasuku biwe uko bahēreza, n’ukuntu bambaye, n’abakevyi biwe bamuhēreza igiturire, n’ibimazi vyo kwosa yatanga mu ngoro y’Uhoraho, arajorerwa.

6 Abarira umwami, at’ Inkuru numvise ndi mu gihugu canje z’ ibikorwa vyawe n’ubgenge bgawe zar’ iz’ ukuri.

7 Ariko sinari navyemeye gushitsa niyiziye, nkavyibonera n’amaso yanje. Ereg’ ivyo bāmbariye ntibishika n’agace k’ivyo mbonye; ubgenge bgawe n’ubutunzi bgawe bisumba uko navyumvise.

8 Hahirwa abantu bawe, hahirwa n’aba bagendanyi bawe bama imbere yawe bakumva ubgenge bgawe!

9 Uhoraho Imana yawe ahimbazwe, yagushimye akagushira ku ngoma mu Bisirayeli. Kuk’ Uhoraho yakunze Abisirayeli uhereye kera hose, ni co catumye akwimika, kugira ng’uce izibereye n’iziroranye.

10 Maz’ aha umwami izahabu italanto ijana na mirongwibiri, amuha n’imibavu myinshi y’isinzi, n’utubuyenge tw’igiciro kinini; ntihongeye kuboneka imibavu ingana n’iyo uwo mwami w’i Sheba yahaye umwami Salomo.

11 Kand’ amāto ya Hiramu yahora azana amazahabu ayakūye i Ofiru, yazanana n’ibiti vyinshi cane vyitwa alumugi, n’utubuyenge tw’igiciro kinini, abikūye i Ofiru nyene.

12 Ivyo biti vya alumugi umwami ni vyo yabājemw’ inkingi zo mu ngoro y’Uhoraho n’izo mu ngoro yiwe ubgiwe; yabibājemwo n’inanga n’amakembe vy’abaririmvyi; ntihigeze kuza canke kuboneka ibiti vya alumugi nk’ivyo gushitsa na bugingo n’ubu.

13 Nuk’ umwami Salomo aha uwo mwami w’i Sheba ivyo yagomba vyose n’ico amwatse cose, udashizemw’ ivyo yagomvye kumwihēra ubgiwe, nk’uk’ umwami ameze nka we asanganywe ikiganza ciza. Bukeye uwo mwami arahaguruka, aragenda asubira mu gihugu ciwe, bo n’abantu biwe.


Ubutunzi bga Salomo

14 Amazahabu yaza kwa Salomo mu mwaka mu mwaka, ukuriba kwayo kwashika italanto amajana atandatu na mirongwitandatu na zitandatu,

15 udashizemw’ ayakwa abahanjuzi kw ibibuguro n’ayakwa mu nyungu z’abadandaza, n’ayakwa abami bose bo muri Arabiya n’abaganza igihugu.

16 Maz’ umwami Salomo acurisha inkinzo nini‐nini amajana abiri mw izahabu, imwe‐imwe yacurwa mw izahabu irivye shekeli amajana atandatu.

17 Acurisha n’inkinzo nto‐nto amajana atatu mw izahabu nyene, imwe‐imwe yacurwa mw izahabu irivye mina zitatu; umwami azishira muri ya nzu yitwa iy’ Ikibira c’i Lebanoni.

18 Kand’ umwami yibāzishiriza intebe nini y’ubgami mu mahembe y’inzovu, ayomekakw izahabu iramuye;

19 iyo ntebe yar’ ifise aho kudondagira hatandatu; aho kwegamira hayo hāri hihese, kand’ impande zompi z’icicaro cayo yar’ ifise aho gushirakw amaboko, n’ibishushanyo bibiri vy’ intambge, kimwe gihagaze ku ruhande rumwe, ikindi ku rundi rw’ahashirwa amaboko nyene.

20 Kandi hār’ ibishushanyo vy’ intambge cumi na bibiri, bidondagije kimwe‐kimwe impande zompi z’aho kudondagira ukw ari hatandatu; mu bihugu vyose nta ntebe y’ubgami yigeze kubāzwa ihwanye n’iyo.

21 Kand’ ibintu vyose vy’umwami Salomo vyo kunywesha vyar’ ivy’ izahabu, n’ ibikoreshwa vyose vyo mur’ iyo nzu yitwa iy’ Ikibira c’i Lebanoni vyar’ ivy’ izahabu iramuye; nta citwa ic’ ifeza cariho, kuko ku ngoma ya Salomo ifeza ata co bāyiyumvirako.

22 Kuk’ umwami yar’ afise amāto y’i Tarushishi yagendera ku kiyaga yajana n’aya Hiramu; ukw imyaka itatu ishize, ayo māto y’i Tarushishi yagaruka azanye amazahabu n’amafeza n’ amahembe y’inzovu n’inkima n’ ibisīga vyitwa tawusi.

23 Uko ni k’umwami Salomo yarusha abami bose bo mw isi ubutunzi n’ubgenge.

24 Mu bihugu vyose vyo mw isi hāhora haza abagomba kubona Salomo, no kwumva ivyo avugishwa n’ubgenge Imana yashize mu mutima wiwe.

25 Umuntu wese yaza azanye indamukanyo, ar’ ivyakozwe mu mafeza canke mu mazahabu, ar’ ivyambarwa, ar’ ibirwanishwa, ar’ imibavu, ar’ amafarasi, ar’ inyumbu; ni ko vyagenda uk’ umwaka utashe.

26 Kandi Salomo yironderera imikogote y’intambara n’abo kugendera ku mafarasi; yar’ afise imikogote igihumbi n’amajana ane, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi cumi na bibiri, bamwe abashira mu bisagara bibīkwamw’ imikogote, abandi i we i Yerusalemu.

27 Amafeza umwami yararushe ayahindura nk’amabuye i Yerusalemu, n’ibiti vy’amasederi bihinduka nk’ivy’ imisukomora vyo mu biyaya mu kuba vyinshi.

28 Kand’ amafarasi Salomo yar’ atunze bāyakūra muri Egiputa; abadandaza b’umwami bayagura ar’ amasho, ubusho bgose igiciro cabgo.

29 Umukogote umwe‐umwe bāwukūra muri Egiputa kuri shekeli z’ifeza amajana atandatu, ifarasi kw ijana na mirongwitanu. Kand’ abo bādandariza umwami bāshōrera n’abami bose bo mu Baheti n’abo mu Basiriya.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan