Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

1 Abami 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Adoniya agerageza kwiyimika Dawidi akiriho

1 Umwami Dawidi yar’ ashaje, ageze mu zabukuru; bāri basigaye bamupfuka impuzu ntabe agisusurukirwa.

2 Bituma abīshikira biwe bamubarira, bati Mwami wacu nyen’ ingoma, ni bakuronderere umwigeme w’inkumi, yamane nawe, akubungabunge, agupfumbatire, kugira ng’ ususurukirwe, mugenzi.

3 Nuko barondera umwigeme mwiza mu gihugu cose c’Abisirayeli; baronka Abishagi w’i Shunemu, bamuzanira umwami.

4 Uwo mwigeme yari mwiza w’umunyakaranga; nukw aba uwo kubungabunga umwami, akāma amukorera; ariko ntibāmenyana mu buryo bg’umugabo n’umugore.

5 Hanyuma Adoniya umwana wa Hagita arishira hejuru, aravuga, ati Ni jewe nzoba umwami. Yironderera imikogote n’abagendera ku mafarasi, n’abantu mirongwitanu bo kumwiruka imbere.

6 Kandi se nta ho yigeze amukankamira, ngw amubaze at’ Ivyo ukora ubiterwa n’iki? Kandi Adoniya yar’ umuntu mwiza w’ umunyakaranga, mu nda kwa se ni we yavutse inyuma ya Abusalomu.

7 Nukw aja inama na Yowabu umwana wa Seruwiya, na Abiyatari umuherezi, baramukurikira ngo bamushigikire.

8 Ariko Sadoki umuherezi na Benaya mwene Yehoyada na Natani uwavugishwa n’Imana na Shimeyi na Reyi na ba bahizi ba Dawidi, ntibāfatanya na Adoniya.

9 Bukeye Adoniya abāgira intama n’inka n’amashūri y’ibitegetera ku gitandara c’i Zoheleti hahereranye n’i Eni‐rogeli; atumira abana b’umwami bose, ari bo barumuna biwe, n’Abayuda bose bagendanira umwami.

10 Ariko Natani uwavugishwa n’Imana, na Benaya, na ba bahizi, na Salomo mwene se, bo ntiyabatumira.

11 Maze Natani abaza Batisheba nyina wa Salomo, at’ Ubgo ntiwumvise ko Adoniya umwana wa Hagita yiyimitse, kandi databuja Dawidi ata co azi?

12 None rero, enda ndakugīre inama, kugira ng’ ubone gukiza agatwe kawe n’ak’ umwana wawe Salomo.

13 Genda ushikīre umwami Dawidi, umubaze, uti Mwami wanje nyen’ ingoma, uti Mbega ntiwandahiye jewe incoreke yawe, yuko Salomo umwana wanje ari we azokwima ni watanga, akagusubirira ku ngoma? Uti None n’iki gitumye Adoniya ari we yimye?

14 Maz’ ukirik’ urabonana n’ umwami, nanje nza kuza ngukurikiye, nemeze ivyo uvuze.

15 Nuko Batisheba arinjira, aja i kare iy’ umwami ari; kand’ umwami yar’ ashaje cane, Abishagi w’i Shunemu ni we yamukorera.

16 Maze Batisheba akubita inkoro hasi, yunamira umwami. Umwami aramubaza, at’ Ugomba iki?

17 Aramwishura, at’ Urazirikanye, jewe incoreke yawe wandahiye Uhoraho Imana yawe, yuko Salomo umwana wanje ari we azokwima ni watanga, akagusubirira ku ngoma.

18 Ariko none, mwami wanje nyen’ ingoma, Adoniya ni we yimye, kandi ntiwabimenye.

19 Yabāze inka n’ amashūri y’ibitegetera n’intama vy’isinzi, atumira abana bawe bose mugenzi, na Abiyatari umuherezi na Yowabu umugabisha w’ ingabo; arik’ umusavyi wawe Salomo ntiyamutumiye.

20 None rer’ amaso y’Abisirayeli bose bayahanze wewe, mwami wanje nyen’ ingoma, kugira ng’ ubamenyeshe ūzosubira ku ngoma yawe ni watanga.

21 Arik’ utagize ico ukora ga mwami wanje nyen’ ingoma, ni wahamvya ba sogokuruza, twe n’umwana wanje Salomo bazotwita abagarariji.

22 Akirikw arabonana n’umwami, Natani ūvugishwa n’Imana arinjira.

23 Babarira umwami, bat’ Ūvugishwa n’Imana Natani nguyu hano. Arengutse imbere y’umwami, akubita inkoro hasi, aramwunamira.

24 Natani abaza umwami, ati Mwami wanje nyen’ ingoma, mbega ni wewe wavuze yuko Adoniya ari we azokwima ni watanga, akagusubirira ku ngoma?

25 Uyu musi ko yamanutse, akabāga inka n’amashūri y’ibitegetera n’intama vy’isinzi, agatumira abana bawe bose mugenzi, n’abagabisha b’ ingabo, na Abiyatari umuherezi; none bakaba bariko bararya, banywa, bar’ imbere yiwe, bavuga ng’ Umwami Adoniya n’ahangame!

26 Ariko jewe umusavyi wawe, na Sadoki umuherezi, na Benaya mwene Yehoyada, n’umusavyi wawe Salomo, tweho ntiyadutumiye.

27 None ga mwami wanje nyen’ ingoma, ivyo ni wewe wabigeze, kandi twebge abasavyi bawe ata ho wigeze kutubarira ūzogusubirira ku ngoma ni watanga ga mwami wanje nyen’ ingoma?

28 Maz’ umwami Dawidi aramubarira, ati Mpamagarira Batisheba. Nukw arengutse, ahagarara imbere y’umwami.

29 Umwami ararahira, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, yagiye andokora mu vyago vyose,

30 uko nakurahiye Uhoraho Imana ya Isirayeli, yuko Salomo umwana wawe ari we azokwima ni natanga, akansubirira ku ngoma, ni ko ngira ndabishitse uyu musi.

31 Maze Batisheba akubita inkoro hasi, yunamira umwami Dawidi, aravuga, at’ Uragahora ku ngoma, mwami wanje nyen’ ingoma.

32 Maz’ umwami Dawidi aravuga, ati Ni mumpamagarire Sadoki umuherezi n’ūvugishwa n’ Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada. Nuko bararenguka.

33 Umwami arababarira, ati Ni mujane ingabo zanje, kandi mushire umwana wanje Salomo ku nyumbu yanje bgite, ayigendereko, mumumanukane i Gihoni;

34 maze Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani baheze bamwimikishirizey’ amavuta, abe umwami w’Abisirayeli; maze muce muvuza inzamba, mut’ Umwami Salomo n’ahangame!

35 Muheze mudūge mumugendaniye, aze avyagire ku ntebe yanje y’ubgami; kukw ari we azoba umwami mu gishingo canje, kand’ ari we nyene nageze kw azoba segaba w’Abisirayeli n’Abayuda.

36 Maze Benaya mwene Yehoyada yishura umwami, ati Ni bibe birtyo: Uhoraho Imana yawe n’ ibishitse, mwami wanje nyen’ ingoma.

37 Nk’uk’ Uhoraho yabanye nawe, mwami wanje, abe ari kw azobana na Salomo, atume ingoma yiwe isumburuka iyawe, mwami wanje nyen’ ingoma.

38 Nuko Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti bamanukana Salomo, bamushize ku nyumbu y’ umwami Dawidi, bamujana i Gihoni.

39 Umuherezi Sadoki araheza akūra ihembe ry’amavuta mw Ihema, ayimikisha Salomo; maze bavuza inzamba; abantu bose baravuga, bat’ Umwami Salomo n’ahangame!

40 Maz’ abantu bose bamukondorera inyuma, baradūga, bavuza imyironge, basēsereza impundu nyinshi, urwamo rwabo rutuma imisozi yāsīra.

41 Maze Adoniya n’abatumire biwe bose bari kumwe na we baravyumva, bakiriko baraheza kurya. Yowabu yumvise ijwi ry’inzamba aravuga, at’ Urwo rwamo rwinshi ruri mu gisagara n’urw’ iki?

42 Akibivuga, haza Yonatani mwene Abiyatari umuherezi; Adoniya aramubarira, ati Shika, kuk’ ur’ umuntu ameze neza, ntiwobura kuzana inkuru nziza.

43 Yonatani yishura Adoniya, at’ Eka si ko, ariko segaba umwami Dawidi yimitse Salomo ngw abe umwami.

44 Kand’ umwami yarungitse Sadoki umuherezi n’ūvugishwa n’ Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada, bo n’Abakereti n’Abapeleti, bajana na we bamushize ku nyumbu y’umwami;

45 kandi Sadoki umuherezi n’ūvugishwa n’Imana Natani bamwimikishirije amavuta i Gihoni; ubu baravuyeyo, baradūze basēsereza impundu, igisagara cose n’urwamo rusa. Iyo ni yo ntūrēka mwumvise.

46 Mbere Salomo yavyagiye ku ntebe y’ubgami.

47 Bitayekw abantu b’umwami baje guhezagira segaba umwami Dawidi, bat’ Imana yawe itume izina rya Salomo risumburuka iryawe, n’ingoma yiwe isumburuka iyawe. Umwami na we yaciye yunama ku kirwa ciwe;

48 mbere yavuze, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ahimbazwe, ampaye uwo kuvyagira ku ntebe yanje nkibona.

49 Maz’ abatumire ba Adoniya bose baranduka imitima, bava hasi, umuntu wese afata inzira yiwe.

50 Maze Adoniya atinya Salomo, aca ava hasi, aragenda yumira ku mahembe y’igicaniro.

51 Nuko babarira Salomo, bati Adoniya yakugiriye ubgoba mugenzi; kuko yagiye kwumira ku mahembe y’igicaniro, at’ Umwami Salomo andahire uyu musi kw atanyicisha inkota, jewe umusavyi wiwe.

52 Maze Salomo aravuga, ati Ni yaboneka kw ameze neza, nta n’agashatsi na kamwe kiwe kazohara ngo gakorokere hasi; ariko ni hagira ikibi kimubonekako, azopfa.

53 Nuk’ umwami Salomo atuma abamukūra ku gicaniro. Nukw araza yikubita imbere y’ umwami Salomo. Salomo aramubarira, ati Ni witahire.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
Lean sinn:



Sanasan