Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yuda 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Jewe Yuda, umukozi wa Yesu Kristo n’umuvukanyi wa Yakobo, Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:

2 Imbabazi, amahoro n’urukundo bibe muri mwebwe birwiriye.


Urubanza rw’abigisha b’ibinyoma

3 Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.

4 Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu Vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.

5 Naho mwari musanzwe mubizi vyose, ndashaka kubibutsa ko Umwami Imana yatabaye ubwoko bw’Abisirayeli akabukura mu gihugu ca Egiputa, ariko hanyuma yahoneje abatizeye bo muri bo.

6 Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.

7 Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana yabatanzeko akarorero mu kubahanisha umuriro udashira.

8 Uko ni ko n’abo bantu bagendera mu ndoto zabo, bonona imibiri yabo, bagasuzugura ububasha bw’Imana bagatuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru.

9 Ariko na Mikayeli, Umumarayika mukuru, aho yariko araharira na Satani bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumutuka, ariko yavuze ati: “Uhoraho aguhane!”

10 Ariko abo bantu bo batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko bitazi ubwenge kandi ivyo bibaza ngo barazi ni vyo bibahonya.

11 Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze barwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.

12 Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.

13 Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.

14 Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,

15 aje gucira imanza abantu bose, no kwemeza abanyavyaha bose ibikorwa vyo kutubaha Imana bakoze, n’ibitutsi vyose abatubaha Imana bayitutse.”

16 Abo bantu ni abanyamwikomo bama bidodombera abandi; bakurikira ivyipfuzo vyabo bibi; barishira hejuru kandi bakoresha amajambo meza babesha abandi mu kurondera inyungu.


Imburi n’impanuro

17 Ariko mweho bakundwa, mwibuke ivyo intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo zari zaravuze imbere y’igihe.

18 Bababwiye bati: “Mu bihe vy’iherezo hazobaho abacokoranyi bakurikira ivyipfuzo vyabo vyo kutubaha Imana.”

19 Abantu nk’abo ni bo babacamwo ibice, bakurikira ivyipfuzo vyabo vy’ab’isi gusa, ntibagira Mpwemu.

20 Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.

21 Mwizigamire mu rukundo rw’Imana mu kurindira ko Umwami wacu Yesu Kristo, mu mbabazi ziwe, abaha ubugingo budashira.

22 Mugirire impuhwe abakekeranya.

23 Mukize abandi mubakure mu muriro w’urubanza. Mwerekane imbabazi ku bandi ariko zivanze no gutinya. Yamara mwirinde no gukora ku mpuzu zandujwe n’imibiri yabo yandujwe n’ivyipfuzo vyabo bibi.


Gushima Imana

24 Imana irashoboye kubazigama ngo ntimurwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.

25 Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan