Yohana 8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Nuko Yesu aduga ku Musozi wa Elayono. 2 Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha. 3 Abigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo bazana umugore bafashe ariko arasambana, bamuhagarika imbere y’abari aho bose. 4 Babaza Yesu bati: “Mwigisha, uwu mugore yafashwe ariko arasambana. 5 Ivyagezwe vya Mose bivuga ko umugore nk’uwu akwiye kwicishwa amabuye. None ubivugako iki?” 6 Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi. 7 Ba bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo babandanije bamubaza, aca urunamuka arababwira ati: “Umuntu atagira icaha muri mwebwe nabe ari we aba uwa mbere mu kumutera ibuye.” 8 Aca asubira kwunama abandanya yandika hasi. 9 Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwe umwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe. 10 Yesu arunamuka aramubaza ati: “Mbega abariko barakwagiriza bagiye he? Nta n’umwe yaguciriye urubanza?” 11 Na we aramwishura ati: “Oya, nyakwubahwa.” Yesu aramubwira ati: “Nanje nta rubanza ndagucira. Niwigire ariko ntugasubire gukora icaha.”] Yesu ni umuco w’isi 12 Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.” 13 Abafarisayo baramubwira bati: “Noneho wishingiye intahe! Intahe nk’iyo si iy’ukuri.” 14 Yesu arabishura ati: “Naho nishingiye intahe, intahe yanje ni iy’ukuri, kuko ndazi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja. Ariko mwebwe ntimuzi iyo naje mva n’iyo ndiko ndaja. 15 Mwebwe muca imanza nk’abantu, ariko jewe nta n’umwe ncira urubanza. 16 Iyo ndamutse nca urubanza, ruba ari urw’ukuri, kuko simba ndi jenyene, mba ndi kumwe na Data yantumye. 17 Mu Vyagezwe vyanyu haranditswe ko intahe y’ivyabona bibiri aba ari iy’ukuri. 18 Jewe ndishingira intahe, kandi na Data yantumye arayinshingira.” 19 Na bo baramubaza bati: “Mbega So ari he?” Yesu arabishura ati: “Ntimunzi kandi na Data ntimumuzi. Kuko iyo mumenya uwo ndi we, na Data mwari kumumenya.” 20 Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike. Babaza Yesu uwo ari we 21 Yesu yongera kubabwira ati: “Ngiye kugenda, kandi muzondondera, ariko muzopfira mu vyaha vyanyu. Aho ngiye kuja, ntimushobora kuhashika.” 22 Ivyo vyatumye Abayuda bibaza bati: “None agiye kwiyahura? Ni kuki avuze ngo: ‘Aho ngiye kuja, ntimushobora gushikayo’?” 23 Yesu arabandanya ati: “Mwebwe muri abo kuri iyi si, ariko jewe nkomoka hejuru. Muri ab’ino si, ariko jewe sindi uw’ino si. 24 Ni co gituma nababwiye ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko nimutizera ko ndi uwo nababwiye ko ndi, muzopfira mu vyaha vyanyu.” 25 Baramubaza bati: “None uri nde?” Yesu arabishura ati: “Ndi urya namye ndababwira ko ndi kuva mu ntango. 26 Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.” 27 Ariko ntibashoboye gutahura ko ariko avuga Se. 28 Nuko Yesu arababwira ati: “Nimwamara kumanika Umwana w’Umuntu ku musaraba ni ho muzomenya ko ndi uwo ndiko ndababwira, kandi ko ata co nkora nigeneye, ahubwo ko mvuga ivyo Data yanyigishije. 29 Kandi uwantumye ari kumwe nanje; ntiyandetse jenyene, kuko nama nkora ibimunezereza.” 30 Maze benshi mu bamwumvise avuga ayo majambo baramwizeye. Ukuri kuzobaha kwidegemvya 31 Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje. 32 Muzomenya ukuri, na kwo kuzobaha ukwidegemvya.” 33 Na bo baramwishura bati: “Twebwe turi uruvyaro rwa Aburahamu, ntitwigeze tuba abagurano b’umuntu n’umwe. Ni gute utubwira ngo tuzoronka ukwidegemvya!” 34 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco. 35 Kandi umugurano ntafise ikibanza gihoraho mu muryango, ariko umwana yama ari uwo mu muryago wiwe. 36 None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri. 37 Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko muriko murondera ingene mwonyica kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza mu mitima yanyu. 38 Ndiko ndababwira ivyo nabonanye Data, ariko mwebwe mukurikiza ivyo mwigishijwe na so.” 39 Baramwishura bati: “Data ni Aburahamu.” Yesu arababwira ati: “Iyo muba muri abana ba Aburahamu, mwari gukora ivyo Aburahamu yakora. 40 Raba ndababwiye ukuri nigishijwe n’Imana, none mushaka kunyica. Aburahamu ntiyigeze akora ibisa n’ivyo. 41 Mwebwe mukora nk’ivyo so akora.” Na bo baramwishura bati: “Twebwe ntituri abana b’ibivyarwa. Imana ubwayo ni yo Data.” 42 Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye. 43 Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje. 44 Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma. 45 Ni co gituma iyo ndababwiye ukuri, ntimushobora kunyizera. 46 Hari n’umwe muri mwebwe ashobora kunyagiriza icaha? None nimba ndababwira ukuri, ni kuki mutanyizera? 47 Uwuva ku Mana wese yakira amajambo y’Imana. Mwebwe ntimuyakira kuko mutari ab’Imana.” Yesu avuga uwo ari we 48 Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!” 49 Yesu arabishura ati: “Jewe simboshwe n’umudayimoni; nubaha Data ariko mwebwe ntimunyubaha. 50 Jewe sinironderera icubahiro; ariko hariho uwukindonderera kandi ni we mucamanza. 51 Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.” 52 Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’ 53 Mbega uruta sogokuruza Aburahamu, ko we n’abavugishwa n’Imana bapfuye? Wewe wigira iki?” 54 Yesu arabishura ati: “Nimba niha icubahiro, icubahiro canje nta co kimaze. Data, uwo muvuga ko ari Imana yanyu, ni we ampa icubahiro. 55 Naho mutamuzi, jewe ndamuzi. Iyo mvuga ko ntamuzi, nari kuba mbaye umubeshi nkamwe, ariko ndamuzi kandi ndumvira ijambo ryiwe. 56 Sokuruza wanyu Aburahamu yari yiteganye umunezero umusi wo kuza kwanje; yarawubonye kandi yaranezerewe.” 57 Abayuda baramubaza bati: “Nta n’imyaka mirongo itanu uramara none uvuze ngo warabonye Aburahamu?” 58 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, Aburahamu ataravuka, jewe nariho!” 59 Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.