Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga

1 Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Ng’uku uko vyagenze:

2 Simoni Petero, Toma (uwo batazira Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe.

3 Simoni Petero arababwira ati: “Jewe ngiye kuroba.” Nabo baramubwira bati: “Turajana.” Nuko baragenda baja mu bwato, ariko ntibaroba ifi n’imwe iryo ijoro.

4 Kare mu gitondo, Yesu ahagarara ku nkengera y’ikiyaga, ariko ba bigishwa ntibashobora kumenya uwo ari we.

5 Arabahamagara ati: “Bagenzi, nta fi mufise?” Na bo bati: “Oya!”

6 Arababwira ati: “Nimuterere urusenga ku ruhande rw’i buryo bw’ubwato, muraronka.” Nuko baterera urusenga, maze ntibashobora kurukwega kubera ifi zari nyinshi.

7 Wa mwigishwa Yesu yakunda abwira Petero ati: “Ni Umwami!” Simoni Petero yumvise ko ari Umwami, aca yambara impuzu yiwe yo hejuru (kuko yari yayikuye) asimbira mu mazi.

8 Abandi bigishwa bagumye mu bwato bakwegera rwa rusenga rwuzuye ifi ku nkengera, kuko bari nko ku metero ijana.

9 Bururutse ubwato babona umuriro w’amakara wokejeko ifi, babona n’imikate.

10 Yesu arababwira ati: “Nimuzane zimwe muri izo muhejeje kuroba.”

11 Nuko Simoni Petero asubira mu bwato akwegera ku nkengera y’ikiyaga rwa rusenga rwuzuye ifi nininini, zishika ijana na mirongo itanu na zitatu. Ariko naho zari nyinshi, urusenga ntirwatabutse.

12 Yesu arababwira ati: “Nimuze mufungure.” Nta n’umwe muri ba bigishwa yubahutse kumubaza uwo ari we, kuko bari batahuye ko ari Umwami.

13 Nuko Yesu arabegera, abagaburira wa mukate, abaha n’ifi.

14 Ubwo bwagira gatatu Yesu yiyereka abigishwa inyuma yo kuzuka kwiwe.


Yesu na Petero

15 Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?” Petero aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu na we ati: “Gaburira imyagazi y’intama zanje.”

16 Yesu yongera kubaza Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda?” Aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Ragira intama zanje.”

17 Yesu amubaza ubugira gatatu Yesu ati: “Simoni mwene Yohana, mbega urankunda?” Petero aca arababara kuko Yesu amubajije ubugira gatatu ati: “Mbega urankunda?” Aramwishura ati: “Mwami, wewe uzi vyose, urazi ko ndagukunda.” Yesu aramubwira ati: “Gaburira intama zanje.

18 Ndakubwire ukuri, ukiri muto wariyambika ukaja aho ushaka; ariko niwasaza, uzogorora amaboko yawe, uwundi muntu akwambike akujane aho udashaka kuja.”

19 Yesu yavuze ivyo ashaka kwerekana urupfu Petero azopfa ahesha Imana icubahiro. Aca abwira Petero ati: “Nkurikira!”

20 Nuko Petero arahindukira abona wa mwigishwa Yesu yakunda ariko arabakurikira. (Uwo ni umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko barafungura akamubaza ati: “Mwami, ni nde agiye kukugurisha?”)

21 Petero amubonye abaza Yesu ati: “Mwami, urya we ivyiwe bizogenda gute?”

22 Yesu aramwishura ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki? Wewe nkurikira gusa.”

23 Ivyo vyatumye haba ibihuha hagati mu bizera ko uwo mwigishwa atazopfa. Ariko Yesu ntiyavuze ngo ntazopfa; yavuze ati: “Nimba nshaka ko abaho gushika ngarutse, ivyo bigutwaye iki?”

24 Uwo mwigishwa ni we ashingira intahe ivyo kandi ni na we yavyanditse. Kandi turazi ko intahe yiwe ari iy’ukuri.

25 Yesu yarakoze n’ibindi bintu vyinshi. Iyo vyose vyandikwa, nibaza ko n’isi yose itokwiwemwo ibitabu vyokwanditswe.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan