Yohana 19 - Bibiliya mu Kirundi corosheBacira Yesu urubanza rwo kubambwa 1 Nuko Pilato afata Yesu ategeka ko bamutonagura. 2 Abasoda bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe, bamwambika n’impuzu y’ubwami, 3 bamwegera kenshi bavuga bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!” Bongera bamukubita mu maso. 4 Pilato yongera gusohoka abwira Abayuda bari bakoraniye aho ati: “Ngira ndamusohore ndamubazanire, ariko mumenye ko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.” 5 Nuko Yesu asohoka yambaye urugori rw’amahwa ku mutwe n’impuzu y’ubwami. Pilato arababwira ati: “Ng’uwu wa muntu!” 6 Abakuru b’abaherezi n’abarinzi b’urusengero bamubonye, barasemerera bati: “Nabambwe! Nabambwe!” Pilato arabishura ati: “Nimumujane mwebwe mumwibambire kuko ata kibi na kimwe nasanze kimwagira.” 7 Abakuru b’Abayuda baramwishura bati: “Dukurikije ivyagezwe vyacu, akwiye gupfa kuko yiyise Umwana w’Imana.” 8 Pilato yumvise ayo majambo, agira ubwoba bwinshi. 9 Aca asubiza Yesu mu kirimba, aramubaza ati: “Uri uwa he?” Ariko Yesu ntiyagira ico amwishura. 10 Pilato aramubaza ati: “Ni kuki utanyishura? Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura canke kukubamba?” 11 Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.” 12 Kuva ako kanya, Pilato agerageza kurekura Yesu, ariko abakuru b’Abayuda babandanya basemerera bati: “Niwarekura uwo muntu, ntuzoba ukiri umugenzi wa Kayisari. Umuntu wese yiyita umwami aba agararije Kayisari.” 13 Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Umusezero w’Amabuye (mu rurimi rw’Igiheburayo hitwa Gabata). 14 Hari nk’isaha zitandatu ku musi wo kwitegurira Pasika. Nuko Pilato abwira Abayuda ati: “Ng’uwu umwami wanyu!” 15 Barasemerera bati: “Napfe! Napfe! Nabambwe!” Pilato arababaza ati: “Mushaka ko mbamba umwami wanyu?” Abakuru b’abaherezi baramwishura bati: “Nta wundi mwami dufise atari Kayisari.” 16 Pilato aca atanga Yesu kugira ngo bamubambe. Nuko baramufata baramujana. Ukubambwa kwa Yesu 17 Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota). 18 Aho ni ho bamubamvye. Hari n’abandi bantu babiri babambanywe na we: umwe hirya, uwundi hino, Yesu na we asigara hagati. 19 Maze Pilato ategeka ko bandika icandiko bakakimanika ku musaraba. Ico candiko cavuga ngo: yesu w’i nazareti, umwami w’abayuda. 20 Abayuda benshi barasomye ico candiko, kuko aho Yesu yari abambwe hari hegereye igisagara, kandi ico candiko cari canditswe mu Giheburayo, mu Kilatini no mu Kigiriki. 21 Abakuru b’abaherezi babwira Pilato bati: “Reka kwandika ngo: ‘Umwami w’Abayuda,’ hindura wandike uti: yavuze ngo ni umwami w’Abayuda.” 22 Pilato arabishura ati: “Ico nanditse, nacanditse.” 23 Bahejeje kubamba Yesu, abasoda bafata impuzu ziwe bazigaburamwo kune, umusoda wese atwara umuce, basigaza ikanzu yiwe. Iyo kanzu ntiyagira umubaririro, yari igizwe n’igitambara kimwe kuva hejuru gushika hasi. 24 Baravugana bati: “Ntidukwiye kuyitabura. Reka tuyipfindire kugira ngo tumenye uwuyegukira.” Ibi vyabaye kugira ngo bishitse Ivyanditswe bivuga ngo: “Bagabuye impuzu zanje, bapfindira umutamana wanje.” Ivyo ni vyo abasoda bakoze. 25 Hafi y’umusaraba wa Yesu, hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalena. 26 Yesu abonye nyina ahagaze aho, na wa mwigishwa Yesu yakunda amwegereye, abwira nyina ati: “Muvyeyi, ng’uwo umwana wawe,” 27 abwira wa mwigishwa ati: “Ng’uwo umuvyeyi wawe.” Kuva ico gihe, wa mwigishwa aca ajana Mariya iwe. Urupfu rwa Yesu 28 Inyuma y’ivyo, Yesu amenye ko vyose birangiye, kandi kugira ngo Ivyanditswe bishike, aravuga ati: “Ndanyotewe.” 29 Hafi yaho hari umubindi urimwo inkarisha, maze abasoda bafata ipampa barijobeka muri ya nkarisha, baridugisha ishami rya ezobu ku munwa wa Yesu. 30 Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: “Birarangiye.” Nuko ajondamika umutwe aracikana. 31 Kubera ko wari umusi wo kwitegurira Isabato idasanzwe, kuko bwaca ari Pasika; abakuru b’Abayuda ntibashaka ko abantu baguma bamanitse ku misaraba ku musi w’Isabato. Ni co catumye basaba Pilato ko babavuna amaguru, bakururutsa ibiziga vyabo. 32 Nuko abasoda baraza bavuna amaguru ya bamwe babiri bari babambanywe na Yesu. 33 Ariko bashikiriye Yesu basanga yamaze gucikana, ntibaba bakimuvuna amaguru. 34 Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi. 35 Uwabibonye ni we yabishingiye intahe, kandi intahe yiwe ni iy’ukuri, kandi ashinga iyo ntahe kugira ngo mwizere. 36 Ibi vyabaye kugira ngo hashitswe Ivyanditswe bivuga ngo: “Nta na rimwe mu magufa yiwe rizovunika.” 37 Ahandi Ivyanditswe bivuga ngo: “Bazobona uwo bacumise.” Uguhambwa kwa Yesu 38 Inyuma y’ivyo, Yosefu w’i Arimataya asaba Pilato uruhusha rwo kumanura ikiziga ca Yesu. Uwo Yosefu yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu kinyegero, kuko yatinya abakuru b’Abayuda. Pilato amwemereye, Yosefu araza ajana ikiziga ca Yesu. 39 Yari kumwe na Nikodemu, umwe yagendera Yesu mw’ijoro. Nikodemu yari yaje azanye nk’ibiro mirongo itatu vy’ibimota neza. 40 Nuko bafata ikiziga ca Yesu bakizingira mu bitambara vyera, bashiramwo na vya bimota neza, nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba. 41 Hafi y’aho Yesu yabambwe hari itongo, kandi muri iryo tongo hari imva nshasha, itari bwigere ihambwamwo umuntu. 42 Kubera wari umusi wo kwitegurira Isabato y’Abayuda, kandi iyo mva ikaba yari hafi, Yosefu na Nikodemu baciye baryamika ikiziga ca Yesu muri iyo mva. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.