Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Bafata Yesu

1 Yesu ahejeje gusenga, ajabuka umwonga wa Kidironi ari kumwe n’abigishwa biwe, maze baja mw’itongo ryari hakurya.

2 Yuda, uwagira amugurishe, yari ahazi, kuko Yesu yakunda kujana n’abigishwa biwe muri iryo tongo.

3 Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.

4 Maze, kuko Yesu yari azi ibigiye kumushikira, arabegera arababaza ati: “Murondera nde?”

5 Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.” Na we ababwira ati: “Ni jewe.” (Kandi Yuda, uwagira amugurishe, yari ahagararanye na bo.)

6 Yesu avuze ati: “Ni jewe,” baca bagenza umugongo, baratemba.

7 Yesu yongera arababaza ati: “Murondera nde?” Baramwishura bati: “Yesu w’i Nazareti.”

8 Na we abishura ati: “Nababwiye ko ari jewe. Nimba ari jewe murondera, nimureke aba turi kumwe bigire.”

9 Ivyo yabikoze kugira ngo ashitse ico yari yavuze, aho yavuga ati: “Sinazimije n’umwe mu bo wampaye.”

10 Maze Simoni Petero, yari asanganywe inkota, arayisokora, ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi. (Uwo mugurano yitwa Malikusi.)

11 Yesu aca abwira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati. Mbega sinkwiye kunywa ku gikombe c’umubabaro Data yampaye?”

12 Nuko wa mugwi w’abasoda n’umukuru wabo hamwe na ba barinzi b’urusengero bafata Yesu baramuboha,

13 babanza kumujana kwa Anasi, sebukwe wa Kayafa, umuherezi mukuru muri uwo mwaka.

14 Kayafa ni we yari yahanuye abakuru b’Abayuda ababwira ko vyoba vyiza ko umuntu umwe apfira abantu.


Petero yihakana Yesu

15 Nuko Simoni Petero n’uwundi mwigishwa bakurikira Yesu. Uwo mwigishwa wundi yari azwi n’umuherezi mukuru, ivyo vyatumye yemererwa kwinjirana na Yesu mu rugo rw’umuherezi mukuru,

16 ariko Petero we asigara hanze. Maze wa mwigishwa yari azwi n’umuherezi mukuru aragaruka avugana n’umukobwa yarinda umuryango, na we yemerera Petero kwinjira.

17 Wa mukobwa arinda umuryango abaza Petero ati: “Ubwo wewe nturi umwe mu bigishwa b’uwu mugabo?” Petero aramwishura ati: “Oya sindi we.”

18 Kubera hari hakanye, abakozi n’abarinzi baciye bacana umuriro, bahagarara i ruhande yawo bota. Petero na we nyene ahagararana na bo yota.


Umuherezi mukuru asambisha Yesu

19 Ico gihe, umuherezi mukuru yariko arasambisha Yesu ku vyerekeye abigishwa biwe n’inyigisho ziwe.

20 Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.

21 Ni kuki munsambisha? Nimubaze abanyumvirije; barazi ivyo navuze.”

22 Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, umwe mu barinzi bari bahagaze hafi yiwe amukubita urushi mu maso, aramubaza ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”

23 Yesu aramwishura ati: “Ninaba mvuze ibinyoma, vyerekane. Ariko nimba mvuze ukuri, unkubitiye iki?”

24 Nuko Anasi aca arungika Yesu aboshwe kwa Kayafa, umuherezi mukuru.


Petero asubira kwihakana Yesu

25 Ico gihe, Simoni Petero yari agihagaze ha handi yota umuriro. Nuko baramubaza bati: “Wewe utegerezwa kuba uri umwe mu bigishwa biwe!” Na we arabihakana ati: “Sindi we.”

26 Umwe mu bagurano b’umuherezi mukuru yari incuti ya wa muntu Petero yaca ugutwi aramubwira ati: “Wewe sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?”

27 Petero yongera kubihakana, maze uwo mwanya nyene isake ica irabika.


Yesu imbere ya Pilato

28 Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.

29 Nuko Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: “Uwu muntu mumwagiriza iki?”

30 Baramwishura bati: “Ntitwari kumukuzanira ata kimwagira.”

31 Pilato arababwira ati: “Nimumujane mwebwe nyene mumucire urubanza mukurikije amategeko yanyu.” Baramwishura bati: “Ntitwemerewe gucira umuntu urubanza rwo gupfa.”

32 Ibi vyabaye kugira ngo bishitse ico Yesu yari yaravuze igihe yavuga urupfu yari agiye gupfa.

33 Nuko Pilato asubira ku kirimba, ahamagara Yesu, aramubaza ati: “Uri Umwami w’Abayuda?”

34 Yesu aramubaza ati: “Ibi ubibajije bivuye muri wewe canke ni ivyo wumvise abandi bamvugako?”

35 Pilato aramwishura ati: “Ubona jewe ndi Umuyuda? Abo mu bwoko bwawe n’abakuru b’abaherezi banyu ni bo bakunzaniye. Wagirizwa iki?”

36 Yesu aramubwira ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo buba ubwo muri iyi si, abayoboke banje bari kungwanira bakabuza abakuru b’Abayuda kumfata. Ariko Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”

37 Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”

38 Pilato aramubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: “Nta kintu na kimwe kimwagira.

39 Ariko musanzwe mufise umugenzo wo kunsaba imbohe imwe mu gihe c’imisi mikuru ya Pasika. Mushaka ko ndabarekurira Umwami w’Abayuda?”

40 Barasemerera bati: “Oya, si we dushaka! Turekurire Baraba!” Uwo Baraba yari umugumutsi.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan