Yohana 16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Ibi ndabibabwiye kugira ngo ntimuzotakaze ukwizera nivyashika. 2 Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana. 3 Ivyo bazobikora kuko batamenye Data nanje ntibamenye. 4 Ibi ndabibabwiye kugira ngo nivyashika, muze mwibuke ko nari narabibabwiye. Icatumye ntabibabwira mu ntango ni uko nari nkiri kumwe namwe. 5 Ariko ubu ngiye gusubira ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebwe ambajije iyo ngiye kuja. 6 Yamara imitima yanyu yuzuye umubabaro kubera ivyo ndababwiye. 7 Ariko ndababwire ukuri, vyobabera vyiza ko ngenda, kuko nintagenda, Umwitsa ntazobazako. Ariko ninagenda, nzoca ndamubarungikira. 8 Uwo niyaza, azokwemeza abantu b’iyi si ivy’icaha, ukugororoka hamwe n’urubanza. 9 Ab’isi barihenda ku vy’icaha kuko banse kunyizera; 10 barihenda ku vy’ukugororoka, kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona. 11 Ku bijanye n’urubanza, barihenda kuko umutware w’iyi si yamaze gutsindwa n’urubanza. 12 Mfise vyinshi nashaka kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu. 13 Ariko Mpwemu w’ukuri niyaza, azobarongorera mu kuri kwose. Ntazovuga ivyo yigeneye; ahubwo azovuga ivyo yumvise gusa, kandi azobabwira ibigiye kuba. 14 Azompesha icubahiro kuko azokwakira ivyanje akabibamenyesha. 15 Ivya Data vyose ni ivyanje. Ni co gituma mvuze ko Mpwemu azokwakira ivyanje akabibamenyesha.” Umubabaro uzohinduka umunezero 16 Yesu arabandanya ati: “Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone.” 17 Bumvise ayo majambo, bamwe mu bigishwa baravugana bati: “Ashatse kuvuga iki? Ngo: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’ kandi ngo: ‘Ngiye kuja kwa Data’.” 18 Barongera babazanya bati: “ ‘Hasigaye igihe gito’ bisigura iki? Ntidutahura ico ashaka kuvuga.” 19 Nuko Yesu abonye ko bafise ico bashaka kumubaza, arababwira ati: “Muriko mubazanya ico nashatse kuvuga aho navuga nti: ‘Hasigaye igihe gito ntimusubire kumbona, ariko inyuma y’igihe gito muzosubira mumbone’? 20 Ndababwire ukuri, muzorira mugandare, ariko isi yo izonezerwa. Muzogira umubabaro, ariko umubabaro wanyu uzohinduka umunezero. 21 Iyo umugore agira yibaruke, agira umubabaro mwinshi kuko igihe ciwe co kwibaruka gishitse; ariko iyo umwana amaze kuvuka, yibagira wa mubabaro wiwe kuko anezerejwe no kubona ikibondo kivutse mw’isi. 22 Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu. 23 Uwo musi, nta kibazo na kimwe muzosubira kumbaza. Ndababwire ukuri, ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibaha. 24 Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure. 25 Ibi ndabibabwiye mu migani, ariko igihe kiraje aho ntazosubira kubigishiriza mu migani, ariko nzobabwira ivya Data ndabitomoye. 26 Muri ico gihe muzosaba mw’izina ryanje. Simvuze ko nzobavugira kuri Data. 27 Oya, Data ubwiwe asanzwe abakunda kuko mwankunze, mukizera ko naje ntumwe n’Imana. 28 Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.” 29 Maze abigishwa biwe baramubaza bati: “Ubu rero uriko uvuga udakoresheje imigani. 30 Turatahuye ko uzi vyose, kandi ko bidakenewe ko umuntu akubaza ibibazo. Ivyo bitumye twizera ko waje uva ku Mana.” 31 Yesu arabishura ati: “Ubu rero murizeye? 32 Igihe kiri hafi kandi kirashitse, aho mugiye gushwiragira, umwe wese afate inzira yiwe, munsige jenyene. Ariko sindi jenyene kuko Data ari kumwe nanje. 33 Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.