Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yesu ni umuzabibu w’ukuri

1 Jewe ndi umuzabibu w’ukuri, Data na we ni we awitaho.

2 Ishami ryose ryo kuri jewe ritama ararica, ariko ishami ryose ryama ararituturira akarituganya kugira ngo rirushirize kwama.

3 Mwebwe muramaze gutungana kubera ijambo nababwiye.

4 Nimugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwaryo, kiretse rigumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe.

5 Jewe ndi umuzabibu; namwe muri amashami. Nimwaguma muri jewe nanje nkaguma muri mwebwe, muzokwama ivyamwa vyinshi. Erega mutari kumwe nanje nta co mushobora gukora!

6 Uwutagumye muri jewe, ameze nk’ishami riterewe hanze rikuma; amashami ameze nk’iryo barayegeranya bakayaterera mu muriro agasha.

7 Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.

8 Iyo mwamye ivyamwa vyinshi, muba mwerekanye ko muri abigishwa banje kandi ivyo bihesha Data icubahiro.

9 Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze, nuko rero nimugume mu rukundo rwanje.

10 Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data nkaguma mu rukundo rwiwe.

11 Ibi ndabibabwiye kugira ngo umunezero wanje ube muri mwebwe, kandi umunezero wanyu wuzure.

12 Ibwirizwa ryanje ni iri: Nimukundane nk’uko nabakunze.

13 Nta rukundo ruruta gutanga ubugingo bwawe ku bwa bagenzawe.

14 Muzoba muri abakunzi banje nimwakora ivyo mbategeka.

15 Sinkibita abakozi, kuko umukozi ntamenya ivyo shebuja akora. Mwebwe nabise abakunzi banje, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.

16 Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.

17 Iri ni ryo bwirizwa ryanje: Nimukundane.


Urwanko rw’isi

18 Isi niyabanka, muze mwibuke ko yabanje kunyanka.

19 Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.

20 Mwibuke ivyo nababwiye: ‘Umukozi ntaruta shebuja.’ Nimba barampamye, namwe bazobahama. Nimba barakurikije inyigisho zanje, bazokurikiza n’izanyu.

21 Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.

22 Iyo ntaza nkavugana na bo, ntibokwagirijwe icaha. Ariko noneho nta co bafise bireguza ku caha cabo.

23 Uwunyanka aba yanka na Data.

24 Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.

25 Ibi bishitsa ivyanditswe mu Vyagezwe vyabo bivuga ngo: ‘Banyanse ata co bampoye.’


Igikorwa ca Mpwemu Yera

26 Ariko nzobarungikira Umwitsa, ari we Mpwemu w’ukuri azoza avuye kwa Data. Uwo niyaza, azonshingira intahe.

27 Kandi namwe muzonshingira intahe, kuko mwabanye nanje kuva mu ntango y’igikorwa canje.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan