Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 13 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yesu yoza ibirenge vy’abigishwa

1 Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.

2 Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.

3 Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.

4 Nuko arahaguruka ava ku meza, akura umutamana wiwe, afata igitambara co kwihanaguza aragikenyera.

5 Ahejeje, afata amazi ayasuka mw’ibesani, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe, abihanaguza ca gitambara yakenyera.

6 Ashikiriye Simoni Petero, Petero aramubwira ati: “Mwami, ni wewe ugira unyoze ibirenge!”

7 Yesu aramwishura ati: “Ntushobora gutahura ico ndiko ndakora ubu nyene, ariko uzogitahura hanyuma.”

8 Petero aramubwira ati: “Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko.”

9 Simoni Petero na we ati: “Mwami, nimba ari uko rero ntunyoze ibirenge gusa, unyoze n’ibiganza n’umutwe na vyo.”

10 Yesu aramwishura ati: “Uwumaze kwoga umubiri wose, aba akeneye kwoga ibirenge gusa, kuko umubiri wiwe wose uba usukuye. Mwebwe muratunganye naho atari mwese.”

11 Yesu yari azi uwugiye kumugurisha, ni co gituma yavuze ko batari batunganye bose.

12 Ahejeje kuboza ibirenge, aca yambara wa mutamana wiwe asubira mu cicaro ciwe. Arababaza ati: “Muratahuye ico ndabakoreye?

13 Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri.

14 Nimba jewe, Umwigisha wanyu n’Umwami wanyu, ndabogeje ibirenge, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.

15 Ndaberetse akarorero kugira ngo namwe mukore nk’uko nabakoreye.

16 Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye.

17 Ivyo murabimenye, ariko muzohezagirwa ni mwabishira mu ngiro.


Yesu avuga ko agiye kugurishwa

18 Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’

19 Ndabibabwiye bitaraba, kugira ngo nivyashika muze mwizere ko ndi uwo ndi we.

20 Ndababwire ukuri, umuntu wese yakira intumwa yanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye.”

21 Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, agira uruhagarara mu mutima wiwe, maze ashinga intahe avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe agiye kungurisha.”

22 Abigishwa barabana mu maso, bibaza uwo ariko aravuga.

23 Umwe muri bo, uwo Yesu yakunda, yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bari ku meza.

24 Simoni Petero avunira akagohe uwo mwigishwa, amubwira ati: “Mubaze uwo ari we.”

25 Na we yegamira Yesu aramubaza ati: “Mwami, ni nde?”

26 Yesu aramwishura ati: “Ni uwo nza gukoreza umukate mw’isahani nkawumuha.” Yesu ahejeje kuwukoza mw’isahani awuha Yuda, mwene Simoni Isikariyote.

27 Yuda amaze kurya uwo mukate, Satani aca amwinjiramwo. Yesu aramubwira ati: “Nyarutsa ukore ico wateguye gukora.”

28 Ariko mu bariko barasangira na we nta n’umwe yamenye igituma amubwiye ayo majambo.

29 Kubera Yuda ari we yari ajejwe ikigega, bamwe bibajije ko Yesu amusavye kugura ibikenewe vy’umusi mukuru, canke kugira ico aha abakene.

30 Yuda agiheza kurya wa mukate, aca arasohoka kandi hari mw’ijoro.


Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana

31 Yuda amaze kugenda, Yesu aravuga ati: “Umwana w’Umuntu agira ahabwe icubahiro, kandi n’Imana igira ihabwe icubahiro muri we.

32 Kandi nimba Imana igira ihabwe icubahiro muri we, na yo igiye kumuha icubahiro vuba.

33 Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.

34 Ndabahaye icagezwe gishasha: Nimukundane. Nk’uko nabakunze, ni ko namwe mukwiye gukundana.

35 Nimwakundana, bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”

36 Simoni Petero aramubaza ati: “Mwami, ugiye kuja he?” Yesu aramwishura ati: “Ntushobora kunkurikira aho ngiye, ariko uzonkurikira hanyuma.”

37 Petero aramubwira ati: “Mwami, ni kuki ntogukurikira ubu? Nditeguye no gupfa ndakuzira!”

38 Yesu aramwishura ati: “Gupfa unzira? Ndakubwire ukuri, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan