Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Yesu asukwako amavuta i Betaniya

1 Hagisigaye imisi itandatu ngo Pasika ishike, Yesu aja i Betaniya, aho Lazaro umwe yari yazuye yaba.

2 Nuko bategurira amazimano Yesu, kandi Marita ni we yazimana, Lazaro na we akaba umwe mu basangira na Yesu.

3 Maze Mariya afata icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini ahinguwe mu giti bita narada, ayasuka ku birenge vya Yesu, aca abihanaguza umushatsi wiwe. Inzu yose yuzura ugutamirana kw’ayo mavuta.

4 Ariko umwe mu bigishwa biwe yitwa Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha, aravuga ati:

5 “Ni kuki aya mavuta atagurishijwe ngo amahera avuyemwo afashe aboro? Igiciro cayo kingana n’idenariyo amajana atatu.”

6 Ivyo ntiyabivuze abitewe no kubabara aboro, ariko yabitewe n’uko yari umusuma. Ni we yari ajejwe ububiko bw’amahera y’abigishwa, kandi kenshi yarayihako akayakoresha ivyiwe.

7 Yesu arishura ati: “Nimureke kumugora! Ibi abikoze nk’uwuntegurira guhambwa.

8 Aboro bo muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.”

9 Abayuda bamenye ko Yesu ari i Betaniya, baza ari benshi kumuraba no kuraba Lazaro, umwe yari yazuye mu bapfuye.

10 Ivyo vyatumye abakuru b’abaherezi bagira imigambi yo kwica Lazaro na we,

11 kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.


Yesu yinjira i Yerusalemu nk’Umwami

12 Ku musi ukurikira, abantu benshi bari baje mu misi mikuru ya Pasika bumva ko Yesu ari mu nzira aja i Yerusalemu.

13 Maze baca amashami y’ibigazi, baja kumusanganira basemerera bati: “Hozana!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hahezagirwe Umwami wa Isirayeli.”

14 Nuko Yesu afata indogoba ayicarako, gutyo aba ashikije Ivyanditswe bivuga ngo:

15 “Ntutinye, Mukobwa w’i Siyoni; raba, umwami wawe araje, yicaye ku nyana y’indogoba.”

16 Abigishwa ntibatahuye ubwo nyene ibiriko biraba. Ariko Yesu amaze kwinjira mu bwiza bwiwe, ni ho bibuka ko ivyo bamukoreye vyari vyaranditswe kuri we.

17 Abantu benshi bari kumwe na Yesu igihe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye, babandanije bakwiza inkuru y’ivyo babonye.

18 Ni co gituma abantu benshi barondera iyo ari. Bari bumvise ko yakoze ico gitangaza.

19 Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”


Yesu avuga ku rupfu rwiwe

20 Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki.

21 Nuko begera Filipo yava i Betesayida mu ntara ya Galilaya baramubwira bati: “Mushingantahe, twipfuza kubona Yesu.”

22 Filipo aca aragenda abibwira Andereya, maze uko ari babiri baca baja kubibwira Yesu.

23 Yesu arabishura ati: “Igihe kirashitse Umwana w’Umuntu ahabwe icubahiro ciwe.

24 Ndababwire ukuri, iyo urutete rw’ingano rudatewe mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rumwe gusa. Ariko iyo rutewe rugapfa, bituma rwama izindi ntete nyinshi cane.

25 Umuntu wese akunda ubuzima bwiwe muri iyi si azobubura, ariko umuntu wese yanka ubuzima bwiwe muri iyi si azobuzigama ibihe bidashira.

26 Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.

27 Mfise uruhagarara mu mutima, mbega mvuge nti: ‘Data, nkiza iyi saha’? Ariko iki ni co canzanye, iki gihe ni co canzanye.

28 Data, hesha izina ryawe icubahiro.” Nuko ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Nararihesheje icubahiro, kandi nzosubira ndariheshe icubahiro.”

29 Abantu benshi bari ngaho bumvise iryo jwi, bavuga ko ari umuturagaro, abandi na bo ngo ni umumarayika yavuganye na we.

30 Yesu arababwira ati: “Iri jwi ntirivuze ku neza yanje, ni ku neza yanyu.

31 Igihe co gucira iyi isi imanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze.

32 Kandi ninamara kumanikwa hejuru y’isi, nzokwiyegeranirizako abantu bose.”

33 Ivyo yabivuze ashaka kwerekana urupfu yari agiye gupfa.

34 Ba bantu isinzi baramwishura bati: “Ivyagezwe bitubwira ko Kristo azokwamaho. None uvuze uti: ‘Umwana w’Umuntu azomanikwa hejuru’? Uwo ‘Mwana w’Umuntu’ ni nde?”

35 Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.

36 Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco.” Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.


Ukutizera kw’Abayuda

37 Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.

38 Ibi vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, aho yanditse avuga ati: “Mwami, ni nde yizeye Ubutumwa Bwiza twavuze? Ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?”

39 Ni co gituma batashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye yandika ati:

40 “Uhoraho yabagize impumyi akomantaza imitima yabo, kugira ngo amaso yabo ntabone, n’imitima yabo ntitahure, ngo boye kumpindukirira nanje ngo ndabakize.”

41 Ibi Yesaya yabivuze kuri Yesu, kuko yabonye ivyo muri kazoza maze avuga ku vy’ubwiza bwa Kristo.

42 Ariko rero benshi baramwizeye, harimwo na bamwe mu bakuru b’Abayuda. Ariko ntibavyemera ku mugaragaro kubera gutinya ko Abafarisayo babirukana mw’isinagogi;

43 kuko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.

44 Nuko Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye.

45 Uwumbonye aba abonye uwantumye.

46 Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.

47 Jewe sincira urubanza umuntu yumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro. Kuko sinaje gucira isi urubanza, ahubwo naje gukiza isi.

48 Ariko uwutanyakiriye akanka n’amajambo yanje azotsindwa n’urubanza; amajambo nababwiye ni yo azomutsindisha ku musi wa nyuma.

49 Sinavuze ivyo nigeneye. Data yantumye ni we yantegetse kuvuga amajambo yose navuze.

50 Kandi ndazi ko ivyo ategeka bizana ubugingo budashira. Ivyo mvuga ndabivuga nk’uko Data yabintegetse.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan