Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Urupfu rwa Lazaro

1 Hariho umuntu yitwa Lazaro yava i Betaniya yari arwaye. Betaniya cari igisagara Mariya na Marita mwene nyina babamwo.

2 (Uwo Mariya ni umwe yasuka amavuta atamirana ku birenge vy’Umwami Yesu akabihanaguza imishatsi yiwe. Musazawe, Lazaro, ni we yari arwaye.)

3 Nuko bashiki ba Lazaro batumako Yesu bati: “Mwami, umwe ukunda ararwaye.”

4 Yesu avyumvise, aravuga ati: “Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo.”

5 Yesu yarakunda Marita na mwene nyina Mariya na Lazaro.

6 Ariko inyuma yo kwumva ko Lazaro arwaye, yamaze aho yari ari iyindi misi ibiri.

7 Hanyuma abwira abigishwa biwe ati: “Ingo dusubire i Yudaya.”

8 Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, haheze imisi mike cane Abayuda bashatse kugutera amabuye, none ushaka gusubirayo?”

9 Yesu arabishura ati: “Mbega umurango ntugizwe n’amasaha cumi n’abiri? Uwugenda ku murango ntashobora gutsitara, kuko abonesherezwa n’umuco w’iyi si.

10 Ariko iyo umuntu agenda mw’ijoro arashobora gutsitara kuko ata muco uba uhari.”

11 Ahejeje kuvuga ivyo, arababwira ati: “Umukunzi wacu Lazaro arasinziriye; ariko ngira nje kumuvyura.”

12 Abigishwa baramwishura bati: “Mwami nimba asinziriye, azokira.”

13 Yesu yashaka kuvuga ko Lazaro yapfuye, ariko bo bibaza ko ari ugusinzira gusanzwe.

14 Nuko aca arabitomora ati: “Lazaro yapfuye,

15 kandi ndanezerewe ku bwanyu kubona atari yo nari ndi, kuko muraja kunyizera. Nimuze tuje kumuraba.”

16 Toma (uwo batazira Ihasa) abwira abigishwa bagenziwe ati: “Reka tugende natwe dupfane na Yesu.”


Yesu ni ukuzuka n’ubugingo

17 Yesu ashitse i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine ari mu mva.

18 Betaniya hari hafi y’i Yerusalemu, nko ku birometero bitatu.

19 Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya kubaremesha inyuma y’urupfu rwa musaza wabo.

20 Marita yumvise ko Yesu aje, arasohoka aja kumusanganira, ariko Mariya aguma i muhira.

21 Maze Marita abwira Yesu ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.

22 Ariko n’ubu ndazi ko ico usaba Imana cose ikiguha.”

23 Yesu aramubwira ati: “Musazawe azozuka.”

24 Marita aramwishura ati: “Ndazi ko azozuka ku musi wa nyuma.”

25 Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Uwunyizera wese, naho yopfa, azobaho.

26 Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?”

27 Marita aramwishura ati: “Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi.”

28 Ahejeje kuvuga ayo majambo, aca aja guhamagara mwene nyina Mariya aramwihereranya, amubwira ati: “Umwigisha ari hano kandi arashaka kukubona.”

29 Mariya avyumvise aca arahaguruka ubwo nyene aja iyo Yesu ari.

30 Yesu ntiyari bwinjire mu mihana, yari akiri aho bahuriye na Marita.

31 Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamuremesha babonye ahagurutse yihuta agaca asohoka, baramukurikira, kuko bibaza ko yoba agiye ku mva kuririrayo.

32 Nuko Mariya ashika aho Yesu ari aramubona, aca apfukama imbere yiwe, amubwira ati: “Mwami, iyo uja kuba hano, musazanje ntaba yarapfuye.”

33 Yesu abonye amarira ya Mariya n’ay’Abayuda bari bazananye na we, afatwa n’ibigumbagumba arababara cane.

34 Arababaza ati: “Mwamuhamvye he?” Baramwishura bati: “Mwami ingo wirabire.”

35 Yesu aca ararira.

36 Abayuda bari aho baravuga bati: “Ehe ingene yamukunda!”

37 Ariko bamwe baravuga bati: “None ko yakijije ya mpumyi, ntiyari gushobora gukingira Lazaro urupfu?”


Yesu azura Lazaro

38 Nuko Yesu ashika ku mva akibabaye. Iyo mva yari isenga ryugaje ikibuye kinini.

39 Yesu arababwira ati: “Nimukureho ico kibuye.” Ariko Marita, mushiki w’uwapfuye aramubwira ati: “Mwami, honuka cane kuko amazeyo imisi ine!”

40 Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”

41 Nuko bakuraho ca kibuye. Maze Yesu arangamiza hejuru aravuga ati: “Data, ndagushimiye kuko unyumva iyo nsenga.

42 Ndazi ko wama unyumva, ariko ibi ndabivuze ku neza y’aba bantu bahagaze hano, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”

43 Ahejeje kuvuga ayo majambo aca arasemerera ati: “Lazaro, sohoka!”

44 Wa muntu yari yarapfuye arasohoka, amaboko n’ibirenge vyiwe bikizingiriyeko impuzu bamuhamvyemwo, mu maso hiwe hazingiriyeko igitambara. Yesu arababwira ati: “Nimumubohore, mumureke agendagende.”


Abayuda barondera kwica Yesu

45 Ivyo vyatumye Abayuda benshi bari baje kugarukira kuri Mariya bizera Yesu, bamaze kubona ivyo akoze.

46 Ariko bamwe muri bo baciye baja ku Bafarisayo bababwira ivyo Yesu yakoze.

47 Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda. Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi.

48 Nitwamureka akabandanya uku, abantu bose bazomwizera, maze Abaroma baze bigarurire urusengero rwacu n’igihugu cacu.”

49 Nuko umwe muri bo yitwa Kayafa, ari na we yari umuherezi mukuru uwo mwaka, aravuga ati: “Ntimuzi ico muriko muravuga!

50 Ntimubona ko ari vyiza ko umuntu umwe apfira abantu hako igihugu cose kigwa mu kaga?”

51 Ivyo ntiyabivuze avyigeneye; ariko nk’umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yaravugishijwe ko Yesu yari agiye gupfira igihugu cose.

52 Kandi si igihugu ca Isirayeli gusa, ahubwo yari agiye gupfira n’abana b’Imana bashwiragiriye mu mahanga, kugira ngo abegeranirize hamwe, abagire umwe.

53 Kuva uwo musi baca batangura gutegura ingene bokwica Yesu.

54 Ivyo vyatumye Yesu adasubira kugendagenda ku mugaragaro mu Bayuda. Ahubwo yaciye aja mu karere ko hafi y’ubugaragwa, mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n’abigishwa biwe.

55 Imisi mikuru ya Pasika Abayuda bahimbaza yari yegereje, kandi abantu benshi bava mu mihingo yose y’igihugu bakaja i Yerusalemu kugira ngo bagire umugenzo wo kwihumanura imbere y’uko Pasika ishika.

56 Abantu baguma barondera Yesu mu rusengero, babazanya bati: “Mwibaza ko azoza mu misi mikuru?”

57 Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bari batanze itegeko ko umuntu wese yobona aho Yesu ari yoca aja kubibabwira kugira ngo bamufate.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan