Yohana 10 - Bibiliya mu Kirundi corosheYesu ni Umwungere mwiza 1 Ndababwire ukuri, umuntu wese yinjira adaciye mu muryango w’uruhongore rw’intama, ariko akuririra ahandi, uwo ni igisuma kandi ni umwambuzi. 2 Uwinjira aciye mw’irembo ni we mwungere w’intama. 3 Umurinzi w’irembo aramwugururira, kandi intama zirumva ijwi ryiwe. Ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa. 4 Amaze kuzisohora zose, azija imbere, na zo zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe. 5 Ntizishobora gukurikira uwo zitazi, ahubwo ziramuhunga kuko zitazi ijwi ryiwe. 6 Ivyo Yesu yabibabwiye mu mugani, kandi abamwumviriza ntibashoboye gutahura ico ashatse kuvuga. 7 Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ndababwire ukuri, ni jewe rembo ry’intama. 8 Abanyitangiye imbere bose bari ibisuma n’abambuzi, ariko intama ntizabumvirije. 9 Ni jewe rembo; umuntu wese yinjiye aciye muri jewe azokizwa. Azokwinjira, asohoke kandi aronke ikimutunga. 10 Igisuma ntikizanwa n’ikindi atari ukwiba, ukwica no gutikiza; ariko jewe naje kugira ngo intama zigire ubugingo, kandi zibugire busagutse. 11 Jewe ndi umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitangira intama ziwe. 12 Umucangero arahunga iyo abonye ibingira rije. Arata intama agahunga kuko atari umwungere wazo kandi intama zitari iziwe, maze rya bingira rikitera mu ntama rikazishwiragiza. 13 Umucangero arahunga kuko akorera amahera kandi atababaye intama. 14 Jewe ndi umwungere mwiza; ndazi intama zanje kandi na zo ziranzi, 15 nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Ni co gituma ntanga ubugingo bwanje ku bwazo. 16 Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru ruhongore. Na zo ntegerezwa kuzizana. Zizokwumva ijwi ryanje, maze habe umukuku umwe n’umwungere umwe. 17 Igituma Data ankunda ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nzosubire kubwakira. 18 Nta muntu n’umwe ashobora kubunyaka, ndabutanga ari uko ndabishatse. Mfise ubushobozi bwo kubutanga n’ubwo kubwakira gushasha. Iki ni co Data yantegetse gukora.” 19 Abayuda bumvise ayo majambo, baca basubira gucanamwo. 20 Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?” 21 Ariko abandi bavuga bati: “Aya majambo si ay’umuntu aboshwe n’umudayimoni. Mbega umudayimoni yohumura amaso y’impumyi?” Abayuda banka kwizera Yesu 22 Ico gihe i Yerusalemu hariko habera imisi mikuru yo kwibuka ishikirizwa ry’urusengero, kandi hari mu gihe c’imbeho nyinshi cane. 23 Yesu ariko aragendagenda mu rusengero mw’ibaraza rya Salomo, 24 Abayuda bari aho baramukikuza, bamubaza bati: “Uzodutomorera ryari? Nimba uri Kristo, bitubwire neza.” 25 Yesu arabishura ati: “Narabibabwiye ariko ntimwanyizera. Ikibishingira intahe ni ibikorwa nkora mw’izina rya Data, 26 ariko ntimwizera kuko mutari abo mu ntama zanje. 27 Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira. 28 Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko. 29 Data yazimpaye aruta bose; nta muntu n’umwe ashobora kuzikura mu kuboko kwa Data. 30 Kandi twe na Data turi umwe.” 31 Nuko Abayuda bongera gutora amabuye ngo bayamutere, 32 ariko Yesu arababwira ati: “Ko nakoreye imbere yanyu ibikorwa vyiza vyinshi ndabitumwe na Data, none ni ikihe muri ivyo gitumye mugomba kuntera amabuye?” 33 Baramwishura bati: “Ntitugomba kugutera amabuye kubera igikorwa ciza, ahubwo tuguhora gutuka Imana; kuko uri umuntu asanzwe, ariko ukigira Imana!” 34 Yesu arabishura ati: “Mbega mu vyagezwe vyanyu, ntihanditswe ko Imana yavuze iti: ‘Navuze ko muri imana’? 35 Murazi ko ata gishobora guhindura Ivyanditswe. None nimba ababwiwe iryo jambo biswe ‘imana,’ 36 none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’? 37 Nimba ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyizere! 38 Ariko nimba nkora ibikorwa vya Data, naho mutonyizera jewe, nimwizere ibikorwa nkora, kugira ngo mumenye kandi mutahure ko Data ari muri jewe nanje nkaba muri we.” 39 Nuko bagerageza kumufata kandi, ariko arabacika. 40 Yesu aca asubira hakurya ya Yorodani mu kibanza Yohana yabatirizamwo mu misi ya mbere, ahamara igihe. 41 Abantu benshi baza aho ari, baravuga bati: “Naho Yohana ata gitangaza yakoze, ivyo yavuze vyose kuri uwu muntu vyari ukuri.” 42 Maze benshi mu bari aho bizera Yesu. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.