Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yohana 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Jambo yigize umuntu

1 Mu ntango ya vyose, Jambo yariho. Uwo Jambo yari kumwe n’Imana, kandi yari Imana.

2 Yari kumwe n’Imana mu ntango ya vyose.

3 Imana ni we yakoresheje mu kurema vyose; mu vyaremwe vyose nta na kimwe Imana yaremye itamukoresheje.

4 Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.

5 Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwawumenye.

6 Imana yatumye umuntu yitwa Yohana,

7 aza gushingira intahe uwo muco kugira ngo bose bizere kubera intahe yiwe.

8 Yohana ubwiwe si we yari uwo muco; ahubwo yaje ari icabona co gushingira intahe uwo umuco.

9 Umuco w’ukuri wakira umuntu wese wariko uraza mw’isi.

10 Jambo yari mw’isi kandi isi yaremwe na we, ariko ab’isi ntibamumenye.

11 Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.

12 Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.

13 Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.

14 Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.

15 (Yohana yamushingiye intahe aho yasemerera ati: “Uwu ni we navugako igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane kuko yariho jewe ntarabaho.’ ”)

16 Ku butunzi bwiwe busesekaye, twese twaronseko ubuntu bugeretse ku bundi.

17 Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.

18 Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Yohana Umubatizi avuga ko atari Kristo

19 Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.

20 Ntiyatinye kubishura, ahubwo yabivuze avyemanga ati: “Jewe sindi Kristo.”

21 Na bo baramubaza bati: “None uri nde? Woba uri Eliya?” Na we ati: “Sindi we.” Na bo bati: “Woba uri wa muvugishwa n’Imana?” Arabishura ati: “Oya.”

22 Ubwa nyuma, baravuga bati: “None uri nde? Tubwire ico tuja kwishura abadutumye. Wewe uvuga ko uri nde?”

23 Nuko Yohana yishura akoresheje amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya ati: “Ndi ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimugororere Uhoraho inzira.’”

24 Mu bari barungitswe kubaza Yohana harimwo Abafarisayo.

25 Nuko baramubaza bati: “None nimba utari Kristo, ntube Eliya, canke uwuvugishwa n’Imana, ni kuki ubatiza?”

26 Yohana arishura ati: “Jewe mbatiza abantu mu mazi, ariko hagati muri mwebwe hahagaze umuntu mutazi.

27 Uwo ni we aza inyuma yanje, ariko ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw’ibirato vyiwe.”

28 Ivyo vyose vyabereye ahitwa Betaniya, hakurya y’uruzi Yorodani, aho Yohana yabatiriza.


Yohana ashingira intahe Yesu

29 Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.

30 Uwu ni we navuga, igihe navuga nti: ‘Uwuje inyuma yanje aranduta cane, kuko yariho jewe ntarabaho.’

31 Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko icatumye nza mbatiza mu mazi, kwari ukugira ngo ahishurirwe Abisirayeli.”

32 Maze Yohana ashinga intahe avuga ati: “Nabonye Mpwemu Yera amanuka ava mw’ijuru mw’ishusho y’inuma, amugumako.

33 Nanje ubwanje sinari ndamuzi, ariko uwantumye kubatiza mu mazi ni we yambwiye ati: ‘uwo uzobona Mpwemu yururukirako akamugumako, ni we azobatiza abantu muri Mpwemu Yera.’

34 Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


Abigishwa ba Yohana bakurikira Yesu

35 Ku musi ukurikira, Yohana yari ahagaze ha handi nyene ari kumwe na babiri mu bigishwa biwe.

36 Abonye Yesu arengana, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana!”

37 Ba bigishwa biwe babiri bavyumvise, baca bakurikira Yesu.

38 Yesu ahindukiye, abona ko bamukurikiye. Arababaza ati: “Mwipfuza iki?” Baramwishura bati: “Rabi (bisigura ‘Mwigisha’), watse indaro he?”

39 Arabishura ati: “Nimuze muhirabire.” Aho hari nk’isaha cumi. Nuko bajana na we, babona aho yatse indaro, baca bamarana na we uwo muhingamo.

40 Umwe muri ba bigishwa babiri bumvise ivyo Yohana yavuze bagaca bakurikira Yesu, yitwa Andereya kandi yavukana na Simoni Petero.

41 Nuko Andereya aca aja kurondera mwene nyina Simoni, amubwira ati: “Twabonye Mesiya” (bisigura Kristo).

42 Maze aca amuzana aho Yesu ari. Nuko Yesu yihweza Petero, aramubwira ati: “Uri Simoni mwene Yohana, ariko ugiye kwitwa Kefa” (bisigura Petero).


Yesu ahamagara Filipo na Natanayeli

43 Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”

44 Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo.

45 Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”

46 Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”

47 Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”

48 Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”

49 Natanayeli aca aravuga ati: “Rabi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami wa Isirayeli.”

50 Yesu aramwishura ati: “Wizeye kubera nakubwiye ko nakubonye igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni? Uzobona ibihambaye kurusha ivyo.”

51 Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan