Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Yakobo 3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Gufata ururimi

1 Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.

2 Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.

3 Iyo dushize umugozi mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atuyoboke, dushobora kwerekeza imibiri yayo yose iyo dushaka.

4 Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka.

5 Ni ko biri no ku rurimi. Ni urugingo rutoya mu zigize umubiri, ariko rwihayagiza muri vyinshi. Raba ingene ishamba rinini rishobora kudomekwa n’akamuri gato.

6 N’ururimi na rwo ni umuriro, ni isi y’ikibi iri mu ngingo z’imibiri yacu. Rwanduza umubiri w’umuntu wose, rukadomeka ukubaho kwiwe kwose, kandi na rwo rudomekwa na Gehinomu.

7 Ibikoko vy’ubwoko bwose, inyoni, ibikwega inda hasi n’ibiba mu biyaga umuntu ashobora kubiganza kandi yarabiganje koko,

8 ariko nta muntu ashobora kuganza neza ururimi rwiwe. Ni ikibi kitaruhuka, cuzuye ubumara bwica.

9 Mu gihe kimwe usanga ururimi ari rwo duhimbarisha Umwami Imana Data wa twese, mu kindi gihe akaba ari rwo tuvumisha abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana.

10 Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.

11 Mbega mw’isoko imwe hovamwo amazi meza n’ayandi arura?

12 Bene Data, mbega umusukoni wokwama ivyamwa vya elayo, canke uruzabibu rwokwama insukoni? Ntibishoboka, uko ni ko n’isoko y’amazi arura idashobora kuvamwo amazi meza.


Ubwenge bw’uburyo bubiri

13 Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.

14 Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.

15 “Ubwenge” nk’ubwo ntibwururuka buva mw’ijuru ariko ni ubw’isi, si ubw’impwemu, ni ubwa wa mubi.

16 Kuko aho ishari n’ukwikunda vyiganziye, ni naho hari umuvurungano n’ibikorwa bibi vyose.

17 Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.

18 Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan