Tito 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka, 2 ukwizera n’ubumenyi bishingiye ku vyizigiro vy’ubugingo budashira turi kumwe n’Imana idapfa, ubwo twasezeraniwe isi itarabaho, 3 hanyuma igihe cayo kigeze ihishura ijambo ryayo biciye mu kuvuga Ubutumwa Bwiza nizigijwe n’icagezwe c’Imana, yo Mukiza wacu, 4 Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we. Ivyo kugena abarongozi b’ishengero 5 Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse. 6 Umurongozi w’ishengero ategerezwa kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, abana biwe bizera kandi batazwi nk’abigenza nabi canke abagarariji. 7 Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi. 8 Ariko akwiye kuba uwukunda kwakira abantu i muhira iwe, akunda kugira neza, aganza ingeso ziwe, agororoka, yejejwe kandi yirinda. 9 Ategerezwa kuba uwuzigama neza ijambo ry’ukwizera yigishijwe, kugira ngo ashobore kuremesha abandi mu vyizerwa vy’ukuri, no gutsinda abamuhaririza. Kwihaniza abadakora ivyiza 10 Kuko hari abantu benshi b’abagarariji, bavuga ibitagira ikimazi kandi babesha, kandi no mu bakebwe bakaba barimwo. 11 Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi. 12 N’umwe mu bavugishwa babo yaravuze ati: “Abanyakirete bama babesha: ni ibikoko vy’inkazi, ni ibinebwe n’abakunzi b’inda.” 13 Ivyo avuga ni vyo. Ni co gituma ukwiye kubihanikiriza ushimitse, kugira ngo bakomezwe mu kwizera kw’ukuri. 14 Ntibasubire gutega amatwi imigani y’Abayuda, canke amabwirizwa y’abataye ukuri. 15 Nta kintu gihumanye ku bafise imitima idahumanye. Ariko ku bahumanye kandi batizera, nta kidahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ivyiyumviro vyabo vyarononekaye. 16 Bigira abazi Imana ariko ibikorwa vyabo bikagaragaza ko bayihakana. Ni abo kwankwa, ntibumvira kandi nta gikorwa ciza na kimwe bashoboye gukora. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.