Matayo 6 - Bibiliya mu Kirundi corosheUburyo bwiza bwo gutanga 1 Mwirinde ntimukore ibikorwa vyo kugororoka murondera gushimwa n’abantu. Kuko nimwabikora gutyo, So wo mw’ijuru ntazobaha impera. 2 Nihagira ico uha umukene, ntuze uvuze inzamba nk’uko indyarya zibikora mu masinagogi no ku mabarabara barondera gushimwa n’abantu. Ndababwire ukuri; abo baramaze guhabwa impera zabo zose. 3 Ariko niwagira ico uha umukene, ukuboko kwawe kw’i bubamfu, ntigukwiye kumenya ico ukuboko kw’i buryo gukoze. 4 Gutyo, gutanga kwawe kugume ari ibanga, kandi So wo mw’ijuru abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera. Inyigisho zerekeye gusenga 5 Kandi, iyo musenga, ntimumere nka za ndyarya kuko zikunda gusenga zihagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, kugira ngo abantu bose bababone. Ndababwire ukuri, abo baramaze guhabwa impera zabo zose. 6 Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera. 7 Iyo musenga, ntimuvuge amajambo menshi nk’abatizera Imana, biyumvira ko Imana ibumva kubera amajambo menshi bavuze. 8 Ntimugire nka bo, kuko Data wo mw’ijuru azi neza ivyo mukeneye imbere y’uko munabimusaba. 9 Mukwiye gusenga muvuga muti: Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryubahwe, 10 Ubwami bwawe buze, ivyo ugomba bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru. 11 Uduhe ivyokurya bidukwiye uno musi, 12 Uduharire ivyaha vyacu, nk’uko natwe duharira abaducumuyeko. 13 Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.] 14 Kuko nimwaharira abantu ibibi babakoreye, na So wo mw’ijuru azobaharira namwe. 15 Ariko nimutaharira abandi ivyaha vyabo, na So wo mw’ijuru ntazobaharira namwe ivyaha vyanyu. Gusenga no kwisonzesha 16 Iyo mwisonzesheje, ntimwerekane ko mubabaye nk’uko za ndyarya zibigira: kuko baca bijirirwa mu maso kugira ngo abababona bose babashimire ukwisonzesha kwabo. Ndababwire ukuri: iyo ni yo mpera yonyene bazoronka. 17 Ariko wewe, iyo wisonzesheje, woge mu maso hanyuma wisige amavuta mu mutwe, 18 kugira ngo ntiwereke abantu ko wisonzesheje; ahubwo uvyereke So ari ahihishije; maze So, we abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera. Tubike ubutunzi bwacu mw’ijuru 19 Ntimukirundanirize ubutunzi mw’isi, aho imiswa, inyenzi n’ingese bishobora kubwonona, kandi n’ibisuma bigashobora kumena bikabwiba. 20 Ariko, mwirundanirize ubutunzi mw’ijuru, aho imiswa, inyenzi n’ingese bidashika ngo bibwonone canke abasuma badashika ngo bamene babwibe; 21 kuko aho ubutunzi bwawe buri, ari ho n’umutima wawe uzoba. 22 Amaso ni yo matara y’umubiri. Iyo amaso yawe abona neza, umubiri wawe wose uba mu muco. 23 Ariko iyo atabona neza, umubiri wawe wose uca uba mu mwijima. Nimba wibaza ko ufise umuco kandi ari umwijima, umwijima uri muri wewe n’umuzitanya! 24 Nta muntu n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe yosanga yahemukiye uwundi. Nta muntu ashobora gukoreshwa n’Imana ngo yongere akoreshwe n’amahera. Ntimukiganyire 25 Ni co gituma ndababwiye nti: ntimukiganyire kubera ivyo mukeneye kugira ngo mubeho; vyaba ivyokurya, ivyo kunywa, canke ivyo kwambara. Mbega ubuzima ntiburuta cane ivyokurya canke umubiri nturuta cane ivyambarwa? 26 Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane? 27 Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira? 28 Ni kuki mwiganyira kubera ivyo mwambara? Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu. 29 Ariko ndababwiye ko na Salomo ubwiwe, mu cubahiro ciwe cose, atigeze ashaza nka rimwe muri yo. 30 Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke! 31 Ni co gituma mudakwiye kwiganyira; muvuga muti: ‘Mbega tuzorya iki?’ canke ‘Mbega tuzonywa iki?’ canke ‘Mbega tuzokwambara iki?’ 32 Ivyo ni vyo abatizera Imana birukira ubudahumeka; ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye. 33 Ahubwo, nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana no kugororoka kwayo, hanyuma ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera. 34 Nuko rero ntimugahagarike imitima ku vy’ejo, kuko ejo hazoza hafise ingorane bijanye. Umusi wose ufise umwitwarariko wawo. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.