Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ukuzuka kwa Yesu

1 Umusi w’Isabato urangiye, mu mutwenzi w’umusi wa mbere utangura indwi, Mariya Magadalena na Mariya wundi baja kuraba imva ya Yesu.

2 Ubwo nyene, haca haba ukunyiganyiga gukomeye kw’isi, kuko umumarayika w’Umwami Imana yamanutse avuye mw’ijuru, agatembagaza ca kibuye cugaye imva ya Yesu akacicarako.

3 Mu maso hiwe hasa n’umuravyo, kandi impuzu ziwe zarera derere.

4 Ba barinzi b’imva ya Yesu bagira ubwoba bwinshi ku buryo bamera nk’abapfuye.

5 Umumarayika abwira abo bagore ati: “Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe.

6 Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.

7 Nuko rero, nimugende mwihuta mubwire abigishwa biwe ko yazutse kandi ko agiye kubarindirira i Galilaya. Ni ho muzomubonera. Ubwo ni bwo butumwa nari ndabafitiye.”

8 Abo bagore baca bava ku mva, bagenda bihuta. Bari bafise ubwoba ariko kandi bafise n’akanyamuneza kenshi. Nuko bariruka baja kubwira abigishwa biwe iyo nkuru.

9 Ubwo nyene, Yesu aca ahura na bo arabaramutsa. Na bo baramwegera bamufata ku birenge baramusenga.

10 Yesu aca arababwira ati: “Ntimutinye; nimugende mubwire bene Data baje i Galilaya, aho ni ho tuzobonanira.”


Ivyavuzwe n’abarinzi b’imva

11 Ba bagore bakiri mu nzira bagenda, bamwe mu barinzi b’imva binjira mu gisagara, babwira abakuru b’abaherezi ingene ibintu vyagenze.

12 Abo bakuru b’abaherezi baca bagirana inama n’abakuru b’Abayuda, baha amahera menshi ba barinzi b’imva,

13 bababwira bati: “Muze muvuge muti: ‘Abigishwa biwe baraje mw’ijoro dusinziriye, biba ikiziga ciwe.’

14 Pilato niyavyumva, tuzomwumvisha nta ngorane muzogira.”

15 Abo barinzi bakira ayo mahera hanyuma bakora nk’uko babwiwe. Inkuru yabo ikwira hose mu Bayuda, kugeza n’uno musi.


Yesu atuma abigishwa biwe

16 Nuko ba bigishwa cumi n’umwe baja i Galilaya, ku musozi Yesu yari yarabarangiye.

17 Bamubonye, baramusenga, ariko bamwe muri bo barakekeranya.

18 Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.

19 Nuko nimugende, muhindure amahanga yose abigishwa: mubabatize mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’irya Mpwemu Yera,

20 mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan