Matayo 27 - Bibiliya mu Kirundi corosheYuda yiyahura 1 Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bagira inama yo kwica Yesu. 2 Baca baramufata, baramuboha, bamujana kwa Pilato, umutware w’Umuroma. 3 Yuda yamugurishije abonye ko baciriye Yesu urubanza rwo gupfa, aca aricuza, hanyuma afata vya biceri vy’ifeza mirongo itatu, abishira abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru, 4 ababwira ati: “Nacumuye kuko nagurishije umuntu atagira icaha.” Baramwishura bati: “Ivyo ntibituraba, ni ingorane yawe!” 5 Yuda aca aterera ayo mahera mu rusengero, arasohoka aja kwiyahura. 6 Abakuru b’abaherezi batora ayo mahera, baravugana bati: “Ntivyemewe ko aya mahera tuyavanga n’ubutunzi bw’urusengero kuko yaguze amaraso.” 7 Bamaze kuja inama, bafata ingingo yo kuyagura itongo ry’umubumvyi kugira ngo bazohore bahahamba abanyamahanga. 8 Ni co gituma, gushika n’ubu iryo tongo ryitwa itongo ry’amaraso. 9 Uko ni ko ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yeremiya vyashitse, aho yavuze ngo: “Bafashe vya biceri vy’ifeza mirongo itatu, ikiguzi Abisirayeli babonye ko akwiriye, 10 bayakoresha mu kugura itongo ry’umubumvyi nk’uko Uhoraho yabintegetse.” Yesu ashikirizwa Pilato 11 Nuko Yesu arengutswa imbere ya Pilato, umutware w’Umuroma, na we aramubaza ati: “Uri umwami w’Abayuda?” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi we.” 12 Ariko abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda bamwagirije, ntiyishura na kimwe. 13 Pilato aramubwira ati: “Mbega ntiwumva ivyo bakurega?” 14 Ariko Yesu ntiyagira ijambo na rimwe yishura, bituma uwo mutware atangara cane. 15 Mu gihe c’imisi mikuru ya Pasika, umutware w’Umuroma yari afise umugenzo wo kurekura imbohe abantu bihitiyemwo. 16 Ico gihe, hariho imbohe izwi cane yitwa Yesu Baraba. 17 Nuko Pilato abaza abantu bari bakoraniye aho ati: “Mbega mugomba ko ndabarekurira imbohe iyihe: Baraba canke Yesu yitwa Kristo?” 18 Pilato yari azi neza ko ari ishari ryatumye bamuzanira Yesu ngo amucire urubanza. 19 Pilato acicaye aho acira imanza, umugore wiwe amurungikira ubutumwa buvuga ngo: “Ntihagire ikintu na kimwe ugira uwo mugororotsi, kuko naraye mbabajwe cane mu ndoto kubera we.” 20 Ariko abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda, bemeza abantu ko basaba Baraba kugira ngo Yesu abe ari we abambwa. 21 Hanyuma Pilato arababaza ati: “Ni nde muri aba babiri mugomba ko ndabarekurira?” Barishura bati: “Baraba.” 22 Hanyuma Pilato arababaza ati: “Yesu bita Kristo wewe ndamugire nte?” Bose bishurira rimwe bati: “Nabambwe!” 23 Ariko Pilato arababaza ati: “Kubera iki? Ni ikihe caha yakoze?” Ahubwo barushiriza gusemerera bati: “Nabambwe!” 24 Pilato abonye ko ata co ariko arashikako, ahubwo ko umuvurungano ukomeza kwiyongera, afata amazi, akarabira imbere y’abantu, avuga ati: “Jewe ndera, amaraso y’uwu muntu, ari kuri mwebwe!” 25 Abantu bose barishura bati: “Amaraso yiwe azotwagire twebwe n’abana bacu!” 26 Pilato aca arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe. Abasoda bashinyagurira Yesu 27 Abasoda ba Pilato batwara Yesu aho umutware w’Umuroma yakorera, hanyuma begeranya abandi basoda bagize umugwi wabo. 28 Bamwambura impuzu ziwe, bamwambika impuzu yindi itukura, 29 hanyuma bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika ku mutwe. Bamufatisha mu kuboko kw’i buryo inkoni y’irenga. Maze, bamupfukama imbere bamushinyagurira bati: “Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!” 30 Bamucirako amate, bafata rya renga barimukubita kenshi ku mutwe. 31 Bahejeje kumushinyagurira, bamwambura ya mpuzu itukura, basubira kumwambika impuzu ziwe, hanyuma bamujana kumubamba. Babamba Yesu ku musaraba 32 Bariko barasohoka igisagara, bahura n’umuntu yitwa Simoni w’i Kurene; abo basoda bamutegeka gutwaza Yesu umusaraba. 33 Nuko bashika ahantu hitwa Gologota (bisigura ngo Ahantu h’Agahanga). 34 Abasoda bamuha umuvinyu w’inkarisha, ariko amaze kuwumviriza, yanka kuwunywa. 35 Bamubamba ku musaraba, hanyuma bagabura impuzu ziwe bakoresheje ubupfindo, 36 maze bicara ngaho kugira ngo bamucunge. 37 Hejuru y’umutwe wiwe, bashiraho icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo: uwu ni yesu umwami w’abayuda. 38 Abasoda bongera babamba ibisuma bibiri i ruhande ya Yesu, kimwe i buryo, ikindi i bubamfu. 39 Abahita bakagenda baramutuka bamuzunguriza umutwe, 40 bakamubwira bati: “Wewe wavuze ko wosambura urusengero ukarwubaka mu misi itatu. Nimba uri Umwana w’Imana niwikize wikure ku musaraba!” 41 Abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda, na bo nyene bakamucokora, bavuga bati: 42 “Yakijije abandi ariko we ntashobora kwikiza! Nimba ari Umwami w’Abisirayeli, niyikure ku musaraba natwe duce tumwizera.” 43 Yizigiye Imana, rero Imana nimba imukunda nimutabare kuko yavuze ati: “Ndi Umwana w’Imana.” 44 Kandi na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka. Urupfu rwa Yesu 45 Kuva isaha zitandatu z’umurango kugeza isaha y’icenda, haba umwijima, utwikira igihugu cose. 46 Isaha y’icenda igira ishike, Yesu arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Eli, Eli, lema sabakitani?” (bisobanurwa ngo: “Mana yanje, Mana yanje, ni kuki wampevye?”). 47 Bamwe mu bari bahagaze aho bumvise ivyo, baca bavuga bati: “Ariko ahamagara Eliya!” 48 Ubwo nyene, umwe muri bo ariruka afata ipampa, arijobeka mu nkarisha, arishira kw’irenga ngo ayimunyweshe. 49 Ariko abandi baravuga bati: “Reka turindire turabe ko Eliya aza kumutabara!” 50 Yesu yongera gusemerera n’ijwi rirenga, hanyuma aracikana. 51 Uwo mwanya nyene, igitambara co mu rusengero gitandukanya ahera n’ahera cane gitabukamwo kubiri kuva hejuru gushika hasi. Isi iranyiganyiga, ibitandara birasatagurika, 52 imva ziruguruka kandi imibiri myinshi y’abera irazuka. 53 Bava mu mva, kandi Yesu amaze kuzuka, binjira i Yerusalemu, igisagara cera, babonekera abantu benshi. 54 Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!” 55 Abagore benshi bari bavuye i Galilaya bazananye na Yesu kugira ngo bamushigikire mu gikorwa ciwe, bari ngaho babirabira kure. 56 Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Mariya nyina wa Yakobo na Yosefu, na nyina wa bene Zebedayo. Bahamba Yesu 57 Buriko burira, haza umutunzi w’i Arimataya yitwa Yosefu, kandi na we nyene yari umwigishwa wa Yesu. 58 Aja kwa Pilato, amusaba ikiziga ca Yesu. Maze Pilato ategeka ko bakimuha. 59 Yosefu afata ico kiziga, akizingira mu gitambara cera, 60 hanyuma agishira mu mva nshasha yari aherutse kwiyimbishiriza mu gitandara. Nuko aca atembagariza ikibuye kinini ku muryango w’iyo mva arayugara. 61 Mariya Magadalena na Mariya wundi, bari bicaye imbere y’imva. Bashiraho abarinda imva ya Yesu 62 Umusi ukurikira, hari kw’Isabato, abakuru b’abaherezi hamwe n’Abafarisayo baja kwa Pilato, 63 bamubwira bati: “Nyakwubahwa, twibutse ivyo wa mubeshi yari yaravuze akiri muzima ngo: ‘Inyuma y’imisi itatu nzozuka.’ 64 Turagusavye rero utange itegeko ryo gucunga imva yiwe kugeza ku musi ugira gatatu. Ivyo bizotuma abigishwa biwe bataza kwiba ikiziga ciwe, hanyuma bakabwira abantu ko yazutse mu bapfuye. Bibaye uko ububeshi bwiwe bwa nyuma bwoba bubi kurusha ubwa mbere.” 65 Pilato arabishura ati: “Ng’abo abasoda, nimugende mucunge iyo mva yiwe uburyo bwose mwipfuza.” 66 Baca baragenda bashira ikimenyetso ku kibuye cugaye imva, hanyuma bashiraho abasoda bo kuyicunga. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.