Matayo 26 - Bibiliya mu Kirundi corosheBaja inama yo kwica Yesu 1 Yesu ahejeje kuvuga ivyo vyose, abwira abigishwa biwe ati: 2 “Nk’uko musanzwe mubizi, Umusi Mukuru wa Pasika, ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.” 3 Uwo mwanya, abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda, bakoranira mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa, 4 kugira ngo barabe akaryo ko gufata Yesu mu mpisho, bamwice. 5 Barasezerana bati: “Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.” Yesu asigirwa amavuta i Betaniya 6 Ico gihe, Yesu yari i Betaniya, mu nzu kwa Simoni yahoze ari umunyamibembe. 7 Ariko arafungura haza umugore aramwegera afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini, maze ayamusuka ku mutwe bicaye mu buriro. 8 Abigishwa babibonye ntibabishimye baca bavuga bati: “Mbega ubu buhombe ni ubw’iki? 9 Aya mavuta yari kugurishwa amahera menshi agafasha aboro.” 10 Yesu amenye ivyo bariko baravuga, aca ababwira ati: “Mbega uwu mugore mumugorera iki? Ankoreye ikintu ciza. 11 Aboro muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana. 12 Ansutseko aya mavuta kugira ngo umubiri wanje awutegurire guhambwa. 13 Ndababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa bitume yama yibukwa.” Yuda arondera kugurisha Yesu 14 Hanyuma Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aragenda aja kurondera abakuru b’abaherezi, 15 arababaza ati: “Hamwe nobaha Yesu mwompa angahe?” Baca bamuha ibiceri vy’ifeza mirongo itatu. 16 Kuva uwo mwanya aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza. Yesu asangira n’abigishwa biwe ubwa nyuma 17 Ku musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro, abigishwa baza aho Yesu ari baramubaza bati: “Ni hehe ugomba ko tuguteguririra ivyokurya vya Pasika?” 18 Arabishura ati: “Nimugende mu gisagara, maze muraja kubona umuntu, mumubwire muti: Umwigisha avuze ko isaha yiwe yegereje, kandi ko agomba gusangirira n’abigishwa biwe ivya Pasika iwawe.” 19 Ba bigishwa baragenda babikora nk’uko Yesu yabibabwiye, bategura ivyo vya Pasika. 20 Ku mugoroba, Yesu yicarana ku meza n’abigishwa biwe cumi na babiri. 21 Bariko barafungura, Yesu aravuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe ahava angurisha.” 22 Abigishwa biwe baca barababara cane, umwe wese akavuga ati: “Mwami, nibaza ko atari jewe!” 23 Yesu arabishura ati: “Uwo twahurije amaboko mw’isahani ni we ahava angurisha. 24 Umwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!” 25 Maze Yuda, yari yateguye kumugurisha na we nyene avuga ati: “None yoba ari jewe ga Mwigisha?” Yesu aramwishura ati: “Na we urabizi.” 26 Bariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje.” 27 Yongera afata igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati: “Nimwakire munyweko mwese. 28 Aya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo. 29 Ndababwire, sinzosubira kunywa kuri uwu muvinyu w’imizabibu guhera ubu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira gusangirira namwe mu Bwami bwa Data.” 30 Bahejeje kuririmba barasohoka, baja ku Musozi Elayono. Yesu avuga ko Petero ahava amwihakana 31 Bariko baragenda Yesu arababwira ati: “Iri joro muraja kunta mwese mwigire. Kuko Ivyanditswe biravuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisanzare.’ 32 Ariko maze kuzuka, nzobatanga kuja i Galilaya, ndabarindirireyo.” 33 Petero aramwishura ati: “Naho abandi bose boguta bagahunga, jewe sinzokwigera ndaguta.” 34 Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose.” 35 Ariko Petero arasubira avuga ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana nawe.” Mbere n’abandi bigishwa bavuga batyo. Yesu asengera i Getsemane 36 Hanyuma Yesu ajana n’abigishwa biwe ahantu hitwa Getsemane, arababwira ati: “Nimube muricaye ngaha nje harya gusenga.” 37 Ahitana Petero na bene Zebedayo, hanyuma atangura kugira umubabaro mwinshi n’agahinda. 38 Arababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.” 39 Nuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: “Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.” 40 Hanyuma agaruka aho abigishwa biwe bari asanga barasinziriye. Abaza Petero ati: “Ntimushobora kubana maso nanje n’isaha n’imwe? 41 Nimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’amageragezwa. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.” 42 Asubirayo ubugira kabiri arasenga ati: “Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe.” 43 Agarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro. 44 Maze yongera kubasiga ngaho asubira gusenga ubugira gatatu, avuga amajambo nk’amwe ya mbere. 45 Agarutse aho abigishwa biwe bari, ababwira ati: “Mbega muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha. 46 Nimuvyuke tugende kuko uwangurishije arashitse.” Bafata Yesu 47 Yesu akiriko aravuga, Yuda umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’Abayuda. 48 Yuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we, muce mumufata.” 49 Maze Yuda aca agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Ndakuramukije Rabi!” Aca aramusoma. 50 Yesu aramubwira ati: “Mugenzi, kora ikikuzanye!” Ba bantu baca bashorera amaboko kuri Yesu, baramufata. 51 Umwe mu bari kumwe na Yesu aca asokora inkota, ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi. 52 Yesu aramubwira ati: “Subiza inkota yawe mu rwubati! Kuko abicisha inkota na bo bazokwicishwa inkota. 53 Wibaza ko ntari gushobora gusaba Data ubwo nyene akandungikira ingabo zirenga legiyono cumi na zibiri z’abamarayika bo kungwanira? 54 Ariko none Ivyanditswe vyera bivuga ko bitegerezwa kugenda gutya, vyoshitswa gute?” 55 Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha? 56 Ariko, ibi vyose bibaye kugira ngo Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga. Yesu ashikanwa imbere y’inama nkuru y’Abayuda 57 Abaje gufata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa, ahari hakoraniye abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda. 58 Ariko Petero aguma inyuma yiwe, amukurikira agendera kure, kugeza ashitse mu rugo rw’umuherezi mukuru. Ashitse yicarana n’abarinzi b’urugo arindira kuraba ingene bija kurangira. 59 Abakuru b’abaherezi n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa. 60 Ariko, ntibaronka na kimwe, naho ivyabona vy’ibinyoma vyari vyaje ari vyinshi. Ubwa nyuma, haza abantu babiri 61 bavuga bati: “Uwu mugabo yaravuze ko ashobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.” 62 Hanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka, abwira Yesu ati: “None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?” 63 Ariko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca aramubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?” 64 Yesu aramwishura ati: “Uko uvuze ni ko biri. Kandi muri kazoza, muzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana y’ububasha, kandi aza ari ku bicu vyo kw’ijuru.” 65 Maze umuherezi mukuru yitaburirako impuzu ziwe, avuga ati: “Aratutse Imana! None hari ibindi vyabona dukeneye? Ubu na ho ntimwiyumviye ingene atutse Imana? 66 Mumucira urubanza ruki?” Baramwishura bati: “Akwiye gupfa.” 67 Hanyuma baca bamucira mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi bakamukubita amakofe, 68 bavuga bati: “Ko uri Kristo, tubwire uwugukubise?” Petero yihakana Yesu 69 Ico gihe, Petero yari yicaye hanze mu rugo. Maze umwigeme yakora ngaho, aramwegera avuga ati: “Na wewe wari kumwe na Yesu w’i Galilaya.” 70 Ariko Petero, arabihakana imbere yabo ati: “Sinzi n’ivyo muriko muravuga.” 71 Hanyuma aragenda ahagarara hafi y’irembo, uwundi mwigeme w’umukozi w’aho na we aramubona aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu w’i Nazareti.” 72 Arongera arabihakana, ashirako n’indahiro ati: “Sindamuzi!” 73 Haheze akanya gato, abari bahagaze ngaho begera Petero bamubwira bati: “Ni ukuri na we uri umwe muri bo, kuko n’imvugo yawe, irakuranga ko uri Umunyagalilaya.” 74 Petero aca atangura kurahira yisiba ati: “Ndabarahiye urya muntu sindamuzi!” Uwo mwanya nyene, isake ica irabika. 75 Petero aca yibuka ivyo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika, uja kuba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Aca aja hanze araturikisha ararira cane. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.