Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Umugani w’inkumi cumi

1 Yesu abandanya avuga ati: “Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe.

2 Batanu muri bo bari ab’ubwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge.

3 Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta.

4 Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa.

5 Umukwe agitevye kuza, bose bararambirwa, batangura gusinzira.

6 Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: ‘Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.’

7 Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo.

8 Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: ‘Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.’

9 Na bo barabishura bati: ‘Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.’

10 Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.

11 Mu nyuma, za nkumi z’ubwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: ‘Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!’

12 Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’

13 Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.


Umugani w’ababikijwe ubutunzi

14 Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’umuntu yafashe urugendo rwa kure. Imbere yo kugenda, ahamagara abakozi biwe abasigarana ubutunzi yari afise.

15 Uwa mbere amuha italanto zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu amuha imwe, umwe wese amuha akurikije uko ashoboye gucuruza. Hanyuma afata urugendo.

16 Wa mukozi yaronka italanto zitanu z’amahera, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu.

17 N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.

18 Ariko umwe yahabwa italanto imwe, aragenda yimba ikinogo mw’ivu, anyegezamwo ya talanto ya shebuja.

19 Haheze igihe kirekire, shebuja aragaruka, ahamagara ba bakozi kugira ngo bamubwire ingene bakoresheje amahera yiwe.

20 Umwe yahabwa italanto zitanu azana izindi zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zitanu, none raba nungutse izindi zitanu.’

21 Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’

22 Uwari yasigaranywe italanto zibiri na we araza, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zibiri; none raba, nungutse izindi zibiri.’

23 Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’

24 Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utasanzaje imbuto.

25 Rero, naratinye nca ndagenda mpamba italanto yawe mw’ivu, none akira ivyawe.’

26 Shebuja aramwishura ati: ‘Wa mukozi mubi kandi w’ikinebwe! Ko wari uzi ko nimbura aho ntateye kandi negeranya umwimbu aho ntamije imbuto,

27 ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha, kugira ngo ngarutse ndonke amahera yanje n’inyugu yayo?’

28 Ubwo nyene aca atanga itegeko ati: ‘Nimumwake n’iyo talanto yari afise, muyihe uwufise italanto cumi.

29 Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwutagira ico afise azokwakwa n’ivyo yari afise.

30 Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


Umugani w’impene n’intama

31 Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.

32 Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene.

33 Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubampfu.

34 Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.

35 Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro,

36 nagenda gusa muranyambika, nari ndwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’

37 Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa?

38 Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika?

39 Twakubonye ryari urwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?’

40 Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’

41 Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.

42 Kuko nari nshonje ariko ntimwampa ivyokurya, nari nyotewe ntimwampa ico kunywa,

43 nari ingenzi ntimwampa indaro, nagenda gusa ntimwanyambika, nararwaye nja no mw’ibohero ntimwaza kundaba.’

44 Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke urwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’

45 Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’

46 Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan