Matayo 20 - Bibiliya mu Kirundi corosheUmugani w’abakozi bo mu murima 1 Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yari afise umurima w’uruzabibu, hanyuma azinduka kare aja kurondera abakozi bamukorera muri uwo murima. 2 Maze bumvikana ko aja kubahemba idenariyo imwe kuri uwo musi, hanyuma arabarungika mu ruzabibu rwiwe. 3 Nk’isaha zitatu zo mu gitondo, arongera aragenda abona abandi bahagaze mu mayirabiri ata co bariko barakora. 4 Arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje, ndabaha impembo mukwiranye.’ 5 Maze baja mu murima wiwe. Nyene umurima yongera aragenda nk’isaha zitandatu n’isaha icenda, akora kwa kundi nyene. 6 Nk’isaha icumi n’imwe z’umugoroba, aragenda abona abandi bahagaze ata co bariko barakora. Ababaza ati: ‘Ni kuki umusi wose uheze muhagaze ngaho ata co muriko murakora?’ 7 Baramwishura bati: ‘Ni kubera twabuze uwuduha ico dukora.’ Na we arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje.’ 8 Bugorovye, nyene umurima abwira uwujejwe ubutunzi bwiwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahembe, uhereye ku baje ubwa nyuma, uhereze ku baje ubwa mbere.’ 9 Abakoze kuva isaha icumi n’imwe z’umugoroba, bahembwa idenariyo imwe. 10 Maze abahawe igikorwa ubwa mbere baza guhembwa bazi ko baronka menshi kurusha. Ariko na bo nyene bahembwa idenariyo imwe. 11 Abo bamaze guhembwa baca bidodombera nyene umurima, 12 bavuga bati: ‘Abakoze isaha imwe ubahemba co kimwe natwe twiriwe turakora ku ruzuba ruri aho!’ 13 Ariko nyene umurima abwira umwe muri bo ati: ‘Mugenzi, nakurenganije? Mbega ntiwari wemeye gukorera idenariyo imwe? 14 Akira rero ingero yawe utahe. Nahisemwo kugerera urya nahaye akazi ubwa nyuma ingero ingana n’iyawe. 15 Mbega simfise uburenganzira bwo gukoresha amahera yanje ico ngomba? Canke ubabajwe n’uko nagize umutima mwiza ku bandi?’ 16 Abari inyuma bazoba ab’imbere, kandi abari imbere bazoba ab’inyuma.” Yesu amenyesha ubugira gatatu ivy’urupfu rwiwe 17 Yesu ariko aduga aja i Yerusalemu, afata ba bigishwa cumi na babiri arabihereranya, ababwira ati: 18 “Ehe, tuduze i Yerusalemu, kandi Umwana w’Umuntu azotangwa ku bakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa, 19 hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!” Ivyo nyina wa Yakobo na Yohana yasavye 20 Hanyuma nyina wa Yakobo na Yohana bene Zebedayo, aza aho Yesu ari azananye n’abo bahungu biwe babiri, apfukama imbere yiwe amwubashe cane, amusaba. 21 Yesu aramubaza ati: “Wipfuza iki?” Na we aramwishura ati: “Ndagusavye, mu Bwami bwawe, uze utegeke ko aba bahungu banje bicarana nawe, umwe i buryo bwawe, uwundi i bubamfu bwawe.” 22 Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako?” Baramwishura bati: “Egome twobishobora.” 23 Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri ko muzonywa ku gikombe canje. Ariko, ku vyerekeye kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’abo Data yabiteguriye.” 24 Bamwe cumi bandi bavyumvise, bashavurira abo bahungu babiri bavukana. 25 Yesu aca arabahamagara bose, ababwira ati: “Murazi ko abatware b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ko ababaganza babacinyiza. 26 Ariko muri mwebwe si ko bikwiye kumera. Ahubwo, uwushaka kuba umukuru muri mwebwe, ategerezwa kuba umukozi wanyu, 27 kandi uwushaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba umugurano wanyu; 28 kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.” Yesu ahumura impumyi zibiri 29 Yesu n’abigishwa biwe bariko barava mu gisagara c’i Yeriko, abantu isinzi baramukurikira. 30 Hafi y’inzira, hari impumyi zibiri zari zicayeho. Zumvise ko Yesu azananye iyo nzira, zitangura gusemerera n’ijwi rirenga ziti: “Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!” 31 Abantu bari aho barabazibiza ngo bahore, ariko bo barushiriza gusemerera bati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!” 32 Yesu aca arahagarara, arabahamagara, ababaza ati: “Mushaka ko ndabakorera iki?” 33 Baramwishura bati: “Mwami, twipfuza kubona.” 34 Yesu abumvira ikigongwe, aca abakora ku maso; ubwo nyene baca barahumuka baramukurikira. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.