Matayo 18 - Bibiliya mu Kirundi corosheKuba mukuru mu Bwami bw’ijuru 1 Muri ico gihe, abigishwa begera Yesu baramubaza bati: “Mbega ni nde mukuru mu Bwami bw’ijuru?” 2 Yesu aca ahamagara umwana mutoya, amuhagarika hagati yabo. 3 Hanyuma ababwira ati: “Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru. 4 Kandi umuntu wese yicisha bugufi nk’aka kana ni we mukuru mu Bwami bw’ijuru. 5 Umuntu wese yakira umwana muto mw’izina ryanje ni jewe aba yakiriye. Kwirinda kuba inyanduruko yo gucumura 6 Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agakororerwa i bwina mu kiyaga. 7 Isi iragowe kuko yuzuye ibituma abantu bacumura! Kandi ivyo ntibizokwigera bireka kubaho; ariko aragowe umuntu abizana! 8 Nimba ukuboko kwawe canke ukuguru kwawe gutuma ukora icaha, guce ugute kure yawe. Kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe canke ukuguru kumwe, hako utererwa mu muriro utazozima ufise amaboko yompi n’amaguru yompi. 9 Kandi nimba ijisho ryawe rituma ukora icaha, rinogore urite kure yawe, kuko vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ijisho rimwe hako utererwa mu muriro wa Gehinomu ufise amaso yompi. Umugani w’intama izimiye 10 Mwirinde ntimugakengere umuntu n’umwe muri aba bato, kuko ndababwira yuko abamarayika babo bama bahanze amaso Data wo mw’ijuru. [ 11 Kuko Umwana w’Umuntu yazanywe no gukiza abazimiye.] 12 Mbega ndababaze umuntu atunze intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, yokora iki? Ntiyosiga mirongo icenda n’icenda ku musozi akaja kurondera iyo imwe yazimiye? 13 Kandi ayitoye, ndababwira ukuri ko yoyinezerererwa cane naho yari asanganywe izindi mirongo icenda n’icenda zitari zazimiye. 14 Uko ni ko na So wo mw’ijuru atagomba ko hagira n’umwe muri barya bato azimira. Iyo habaye amatati mw’ishengero 15 Mwene So niyagucumurako, ugende umwihereranye muri babiri umwereke icaha yagukoreye. Niyakwumviriza akemera kwihana, uzoba wiyujuje na mwene So. 16 Ariko, niyanka kukwumviriza, urondere abandi bene So, ari umwe canke babiri, kugira ngo ukore nk’uko ivyagezwe biri, aho bivuga ngo: ‘urubanza rwose ruze rucibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.’ 17 Na bo nyene yanse kubumviriza, ubibwire ishengero; kandi yanse kwumvira ishengero, umufate co kimwe n’uwutizera Imana canke umutozakori yiba. 18 Ndababwire ukuri, ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. 19 Kandi, ndababwira ukuri ko babiri muri mwebwe nibahuriza inama kw’isi gusaba ikintu ico ari co cose, Data wo mw’ijuru azokibakorera. 20 Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye mw’izina ryanje, nanje mba ndi hagati muri bo.” Umugani w’umukozi adaharira 21 Hanyuma Petero araza abaza Yesu ati: “Mwami, mbega mugenzanje ancumuyeko, nzomuharira kangahe? Incuro indwi?” 22 Yesu aramwishura ati: “Sindababwiye incuro indwi, ariko incuro mirongo irindwi kugwiza indwi. 23 Ni co gituma Ubwami bw’ijuru bumeze nk’umwami yagomvye kumenya ubutunzi yabikije abakozi biwe uko bwifashe. 24 Agitanguye, bamuzanira umuntu amuheraniye italanto ibihumbi cumi. 25 Kubera atari ashoboye kumwishura, shebuja ategeka ko umugore wiwe, n’abana bagurishwa hamwe n’ivyo bafise vyose kugira ngo umwenda wiwe wishurwe. 26 Uwo mukozi yikubita imbere ya shebuja aramupfukamira, amubwira ati: ‘Mbabarira unyihanganire, nzokwishura umwenda ndagufitiye wose!’ 27 Shebuja amutera ikigongwe, amuhebera uwo mwenda wiwe, aramurekura aragenda. 28 Uwo mukozi agisohoka ahura na mugenziwe bakorana amuheraniye idenariyo ijana. Amufata mw’izosi atangura kumunigura ati: ‘Ndiha umwenda umfitiye ningoga!’ 29 Mugenziwe apfukama imbere yiwe, aramwinginga ati: ‘Mbabarira unyihanganire, nzokwishura umwenda ndagufitiye wose!’ 30 Ariko aranka. Ahubwo aramujana bamushira mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose. 31 Abakozi bagenziwe babonye ibibaye, barababara baca baja kubwira shebuja ivyabaye vyose. 32 Shebuja avyumvise ahamagara wa mukozi yahebera umwenda munini amubwira ati: ‘Wa mukozi mubi we! Warantakambiye ndaguhebera umwenda wawe wose, 33 none ntiwari ukwiye kugirira imbabazi mugenzawe nk’uko nanje nazikugiriye?’ 34 Maze shebuja aca araraka cane, amuta mw’ibohero kugira ngo azoveyo arishe umwenda wiwe wose. 35 Uko ni ko na Data wo mw’ijuru azobagirira nimutaharira bene So bivuye ku mutima.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.