Matayo 17 - Bibiliya mu Kirundi corosheUgukayangana kwa Yesu 1 Haheze imisi itandatu, Yesu ajana Petero, Yakobo na mwene nyina Yohana, abadugana ku musozi muremure, kugira ngo abe aragumanye na bo bonyene. 2 Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco. 3 Ubwo nyene baja babona Mose na Eliya bariko bavugana na Yesu. 4 Petero abwira Yesu ati: “Mwami, bitubereye vyiza kuba hano hantu. Ubikunze, reka ndahashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.” 5 Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!” 6 Abigishwa bumvise iryo jwi, bagira ubwoba bwinshi, bituma bagwa hasi bubamye. 7 Maze Yesu arabegera abakorako, ababwira ati: “Nimuve hasi, nta co mutinya.” 8 Bunamuye amaso, ntibagira uwundi babona atari Yesu. 9 Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe mubwira ivyo mwabonye, kugeza Umwana w’Umuntu amaze kuzuka mu bapfuye.” 10 Hanyuma abigishwa baramubaza bati: “Ni kuki abigisha b’ivyagezwe bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza?” 11 Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. 12 Ariko ndababwire, Eliya yaramaze kuza, yamara ntibamumenye, ahubwo bamukoreye ivyo bishakiye. Uko ni ko n’Umwana w’Umuntu bagiye kumugirira nabi.” 13 Abigishwa baca batahura ko yariko avuga Yohana Umubatizi. Yesu akiza umuhungu aboshwe n’idayimoni 14 Bashitse musi y’umusozi, basanga abantu isinzi babarindiriye. Umugabo umwe aramwegera, apfukama imbere yiwe. 15 Aramubwira ati: “Mwami, girira impuhwe umuhungu wanje, kuko arimwo idayimoni itera intandara kandi arababaye cane. Ni kenshi imuta mu muriro canke mu mazi. 16 Namuzaniye abigishwa bawe ariko vyanse ko bamukiza.” 17 Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.” 18 Yesu aca akankamira iyo dayimoni, iva muri uwo mwana, aca akira ako kanya nyene. 19 Hanyuma biherereye, abigishwa ba Yesu baramubaza bati: “Mbega ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?” 20 Yesu arabishura ati: “Ni kubera ukwizera guke kwanyu. Ndababwire ukuri, iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwira uriya musozi muti: ‘Imuka uve ngaha,’ kandi woca wimuka. Nta kintu na kimwe kitobashobokera. [ 21 Ugusenga n’ukwisonzesha ni vyo vyonyene bishobora kwirukana idayimoni nk’irya.”] Yesu avuga ubugira kabiri ivy’urupfu rwiwe 22 Umusi umwe, bakoraniye i Galilaya, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. 23 Bazomwica, ariko ku musi ugira gatatu azozuka abe muzima.” Maze ivyo bibabaza cane abigishwa biwe. Ikori ry’urusengero 24 Yesu n’abigishwa biwe bashitse i Kaperinawumu, abatoza ikori ry’urusengero rigizwe na darakuma zibiri baza aho Petero ari, bamubaza bati: “Mbega umwigisha wanyu ntatanga ikori ry’urusengero?” 25 Petero arabishura ati: “Egome araritanga.” Petero yinjiye mu nzu, Yesu aramwitanga, amubaza ati: “Wiyumvira iki ga Simoni? Ni ba nde baha abami bo muri iyi isi amakori n’amatagisi? Ni abana babo canke ni abandi bantu?” 26 Petero aramwishura ati: “Ni abandi bantu.” Yesu aramubwira ati: “Urumva rero ko abana batariha ikori. 27 Ariko, kugira ngo ntituboneke nabi imbere y’aba batoza iri kori, genda ku kiyaga utere igera urobe. Ifi ya mbere uza kuroba, uyasamike; maze urayisangamwo igiceri kinini c’ifeza coriha ikori ryawe n’iryanje, uheze ugitange.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.