Matayo 16 - Bibiliya mu Kirundi corosheBasaba ikimenyetso Yesu 1 Abafarisayo n’Abasadukayo baza aho Yesu ari bazanywe no kumugeza, bamusaba ngo abereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ububasha bwiwe. 2 Arabishura ati: “Iyo bugorovye, muravuga muti: ‘Ejo ikirere kizoba ari ciza kuko ijuru ritukurije,’ 3 kandi iyo bukeye, muravuga muti: ‘Uno musi ikirere ntikiza kuba ciza kuko ijuru ryiraburaniwe.’ Murazi kugenzura ikirere mukurikije uko ijuru risa, ariko ntimuzi kugenzura ibimenyetso vy’ibihe. 4 Abantu ba kino gihe babi kandi b’abasambanyi ni bo basaba ikimenyetso! Ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa kiretse ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.” Maze Yesu aca abasiga ngaho arigira. Umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo 5 Bashitse hakurya y’ikiyaga, abigishwa biwe basanga bibagiye gutwara imikate. 6 Yesu arababwira ati: “Mube maso, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.” 7 Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.” 8 Yesu amenye ivyo bariko baravugana, arababaza ati: “Mwa bantu b’ukwizera guke, ni kuki muriko muvuga ko mudafise imikate? 9 Mbega n’ubu ntimuratahura? Ntimwibuka ya mikate itanu yagaburiwe abantu ibihumbi bitanu, na vya biseke mwegeranya. 10 Canke ya mikate indwi yagaburiwe abantu ibihumbi bine, hamwe na vya biseke mwegeranya? 11 Ni kuki mudatahura ko ntariko ndababwira ivyerekeye imikate? Nababwiye nti: Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.” 12 Maze babona gutahura ko atariko ababwira kwirinda umwambiro w’imikate, ariko ko bakwiye kwirinda inyigisho z’Abafarisayo n’Abasadukayo. Petero avuga ko Yesu ari Kristo 13 Yesu ashitse i Kayisariya mu bwami bwa Filipo, abaza abigishwa biwe ati: “Mbega abantu bavuga ko jewe Umwana w’Umuntu ndi nde?” 14 Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya, abandi na bo ngo uri Yeremiya canke umwe mu bandi bavugishwa.” 15 Aca arababaza ati: “None mweho, muvuga ko ndi nde?” 16 Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.” 17 Yesu aramwishura ati: “Uri umuhirwe, Simoni mwene Yona, kuko ivyo ntubihishuriwe n’umuntu buntu afise inyama n’amaraso gusa, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye. 18 Nanje ndakubwiye ko uri Petero (bisigura ‘urutare’), kandi kuri urwo rutare, nzohubaka ishengero ryanje, kandi ko n’amarembo y’i kuzimu atazorinesha. 19 Nzoguha impfunguruzo z’Ubwami bw’ijuru; ico uzoboha cose kw’isi, kizoba kiboshwe no mw’ijuru, kandi ico uzobohora kw’isi cose, kizoba kibohowe no mw’ijuru.” 20 Hanyuma aca yihanikiriza abigishwa biwe ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ko ari we Kristo. Yesu avuga ivyerekeye urupfu rwiwe 21 Kuva ico gihe, Yesu atangura kubwira abigishwa biwe ko ategerezwa kuja i Yerusalemu, akababazwa mu buryo bwinshi n’abakuru b’idini, n’abaherezi bakuru n’abigisha b’ivyagezwe, kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu. 22 Petero aramwihereranya, atangura kumwamira ati: “Mwami, ntibikabe! Ivyo ntibikakubeko!” 23 Yesu arahindukira abwira Petero ati: “Mva i ruhande, Satani, herera inyuma yanje! Uri igitsitaza kuri jewe; kuko ibikuraje ishinga si ivy’Imana, ariko ni ivy’abantu.” 24 Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira. 25 Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwubuheba ku bwanje azoburokora. 26 Mbega umuntu vyomumarira iki yungutse ivyo mw’isi vyose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? Canke umuntu yotanga iki kugira ngo acungure ubugingo bwiwe? 27 Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze. 28 Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze ngaha ntibazopfa batabonye Umwana w’Umuntu aje ari mu bwami bwiwe.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.