Matayo 15 - Bibiliya mu Kirundi corosheIbihumanya n’ibidahumanya 1 Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati: 2 “Ni kuki abigishwa bawe batubahiriza imigenzo ya ba sogokuruza? Ntibakaraba imbere yo gufungura!” 3 Yesu arabishura ati: “None mwebwe ni kuki mutubahiriza ibwirizwa ry’Imana mwitwaje imigenzo yanyu? 4 Kuko Imana yavuze iti: ‘Wubahe so na nyoko,’ yongerako iti: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina aze yicwe.’ 5 Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu avuze kw’ivyo yari gufashisha se canke nyina ari inyegu y’Imana 6 ataba agikwiye kubibafashisha. Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa kubera imigenzo yanyu. 7 Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako ati: 8 ‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje. 9 Ukunsenga kwabo ntikugira ikimazi; inyigisho zabo ni amabwirizwa abantu bishingiye.’ ” 10 Yesu aca ahamagara isinzi ry’abantu bari ngaho, arababwira ati: “Nimwumvirize kandi mutahure: 11 Icinjira mu kanwa k’umuntu, si co kimuhumanya. Ariko ikiva mu kanwa kiwe, ni co kimuhumanya.” 12 Hanyuma abigishwa biwe baza aho ari, baramubaza bati: “Mbega urazi ko Abafarisayo bababaye bumvise ivyo uhejeje kuvuga?” 13 Yesu arabishura ati: “Igiterwa cose Data wo mw’ijuru atateye kizorandurwa. 14 Nimubihoze; ni impumyi zirongora izindi! Kandi iyo impumyi irongoye iyindi, zompi zigwa mu kinogo.” 15 Petero aramubwira ati: “Dusigurire uwo mugani.” 16 Yesu arababaza ati: “Namwe ntimurashobora gutahura? 17 Ntimuzi ko ikintu cose cinjira mu kanwa kija mu nda hanyuma kigasohoka? 18 Ariko igisohoka mu kanwa k’umuntu kiba kivuye mu mutima, kandi ni co kimuhumanya. 19 Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi. 20 Ivyo ni vyo vyanduza umuntu. Ariko kurya udakaravye, ntibishobora kwanduza umuntu.” Ukwizera kw’Umunyakananikazi 21 Yesu avuye ngaho, aja mu ntara ya Tiro na Sidoni. 22 Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!” 23 Ariko Yesu ntiyamwishura n’ijambo na rimwe. Abigishwa biwe baraza baramwinginga bati: “Mwirukane kuko aguma avugiriza induru inyuma yacu.” 24 Nuko Yesu abwira wa mugore ati: “Natumwe ku ntama zazimiye za Isirayeli gusa.” 25 Wa mugore aca araza apfukama imbere yiwe, aramubwira ati: “Mwami, ntabara!” 26 Yesu aramwishura ati: “Si vyiza gufata umukate w’abana ukawuterera imbwa.” 27 Na we aramwishura ati: “Ni vyo, Mwami, ariko n’imbwa na zo ziremerewe kurya utuvunguka dukoroka tuva ku meza za ba shebuja.” 28 Yesu aca aramubwira: “Mupfasoni, ufise ukwizera gukomeye! Ivyo usavye urabihawe.” Maze ako kanya nyene, umukobwa wiwe aca arakira. Yesu ahaza abantu ibihumbi bine 29 Nuko Yesu ava ngaho, agendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya. Hanyuma aduga umusozi, yicaraho. 30 Maze abantu isinzi baza aho ari, bazanye abacumbagira, impumyi, ibimuga, ibiragi n’abandi barwayi benshi. Babashira imbere yiwe, na we arabakiza. 31 Abantu baratangara cane babonye ibiragi bivuga, abacumbagira bagenda neza, ibimuga bimuguruka, n’impumyi zihumuka. Maze bahimbaza Imana ya Isirayeli. 32 Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: “Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye. Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira.” 33 Abigishwa biwe baramubaza bati: “None twokura hehe ivyokurya bikwiye abantu bangana gutya muri kano gahinga?” 34 Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe?” Nabo baramwishura bati: “Dufise imikate indwi hamwe n’udufi dukeya.” 35 Aca abwira abantu ngo bicare hasi. 36 Hanyuma afata ya mikate indwi na twa dufi, abishimira Imana, arabimanyagura, hanyuma abiha abigishwa biwe na bo babigaburira ba bantu. 37 Bose bararya barahaga, hanyuma abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. 38 Abafunguye uwo musi bari ibihumbi bine, udashizemwo abagore n’abana. 39 Yesu amaze gusezera abantu, afata ubwato, aja mu ntara ya Magadani. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.