Matayo 13 - Bibiliya mu Kirundi corosheUmugani w’umubivyi 1 Uwo musi nyene, Yesu arasohoka ava mu nzu, aja ku nkengera y’ikiyaga, yicaraho. 2 Ubwo nyene abantu benshi baca baza aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo; abantu na bo bahagarara ku musenyi. 3 Maze abigisha vyinshi mu migani, avuga ati: “Umubivyi yagiye kubiba imbuto ziwe. 4 Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura. 5 Izindi na zo zigwa ku rutare, ahantu hatari ivu ryinshi; zica zimera ningoga, kuko ivu ryari rike. 6 Ariko izuba ryatse, za mbuto zariko ziramera zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure. 7 Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha. 8 Hakaba rero n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ziramera, zirakura kandi zirama, zimwe zimbuka incuro ijana, izindi mirongo itandatu, izindi mirongo itatu. 9 Uwufise amatwi yumva niyumve!” 10 Abigishwa biwe baramwegera baramubaza bati: “Ni kuki wigisha abantu ukoresheje imigani?” 11 Yesu arabishura ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’ijuru, ariko bo ntibabihawe. 12 Uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwa bike azokwakwa n’ivyo yari afise. 13 Ni co gituma ndabigishiriza mu migani: Kugira ngo n’aho boraba ntibabone; n’aho bokwumviriza ntibumve canke ngo batahure. 14 Ivyo bishitsa kuri bo ivyo Yesaya yavugishijwe, aho yavuga ati: ‘Kwumva muzokwama mwumva, ariko ntimuzokwigera mutahura; kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona. 15 Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza. Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo; maze bagahindukira, nanje nkabakiza.’ 16 Ariko harahiriwe amaso yanyu kuko abona, n’amatwi yanyu kuko yumva. 17 Kuko ndababwire ukuri, abavugishwa n’Imana n’abagororotsi benshi baripfuje kubona ivyo muriko murabona ariko ntibabibona, no kwumva ivyo muriko murumva, ntibavyumva. 18 Nimwumvirize ico umugani w’umubivyi usigura: 19 Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira. 20 Imbuto zabibwe ku rutare zerekana ukuntu abantu bumva ijambo ry’Imana hanyuma bagaca baryakirana umunezero mu mitima yabo. 21 Ariko kubera ko iryo jambo ritagira imizi miremire muri bo, bamara umwanya muto bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa bazira kwizera iryo Jambo ry’Imana, baca bata ukwizera. 22 Imbuto zaguye mu mahwa, ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana, ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si hamwe n’uruhendo rw’ubutunzi bikaza bikanyoha iryo jambo yumvise bigatuma ata co ryama. 23 Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana akaritahura; uwo ni we aheza akama; bamwe bakama incuro ijana, abandi incuro mirongo itandatu, abandi incuro mirongo itatu z’ivyabibwe.” Umugani w’urwamfu mu buro 24 Yesu abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yabivye imbuto nziza y’uburo mu murima wiwe. 25 Mw’ijoro, abantu bose bamaze gusinzira, umwansi wiwe araza abiba urwamfu muri bwa buro hanyuma arigira. 26 Uburo bumaze gukura, no kuyangika, urwamfu na rwo rutangura kwibonekeza. 27 Abakozi ba nyene umurima baraza baramubaza bati: ‘Nyakwubahwa, mbega ntiwari wabivye imbuto nziza; none uru rwamfu rwavuye hehe?’ 28 Arabishura ati: ‘Umwansi ni we yakoze ivyo.’ Baca baramubaza bati: ‘None urashaka ko tuja kururandura?’ 29 Arabishura ati: ‘Oya, kuko mu kurandura urwamfu mwohava murandurana n’uburo. 30 Reka vyose bikurane kugeza umusi wo kwimbura. Ico gihe nzobwira abimbuzi babanze begeranye urwamfu barutekere mu mikama hanyuma baruturire, maze uburo babwimburire mu kigega canje.’ ” Umugani w’akabuto gato n’umwambiro 31 Abacira uwundi mugani ati: “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride umuntu yateye mu murima wiwe. 32 Naho ari gatoya kurusha izindi mbuto zose, iyo kameze karakura, kakaruta ibindi biterwa vyose vyo mw’itongo, maze kagahinduka igiti kinini, ku buryo n’inyoni zo mu kirere ziza zikarika mu mashami yaco.” 33 Yongera abacira uwundi mugani ati: “Ubwami mw’ijuru bugereranywa n’umwambiro umugore akoresha mu gukora imikate. Naho yokoresha umwambiro muke mw’ifu ingana n’ibiro mirongo ibiri na bitanu, uwo mwambiro muke utuma igikandu cose gikakama.” 34 Ivyo vyose Yesu yabibwira abantu mu migani; nta kintu na kimwe yababwira adakoresheje imigani. 35 Uko ni ko ivyo uwavugishwa n’Imana yavuze vyashitse, ngo: “Nzokwugurura akanwa kanje mu migani, mvuge ivyagizwe amabanga kuva isi ikiremwa.” Yesu asigura umugani w’urwamfu 36 Hanyuma Yesu asiga abantu ngaho, yinjira mu nzu. Abigishwa biwe baza aho ari, bamubwira bati: “Dusigurire umugani w’urwamfu mu murima.” 37 Arabishura ati: “Uwabivye imbuto nziza ni Umwana w’Umuntu. 38 Umurima ni iyi isi, imbuto nziza ni abana b’Ubwami. Urwamfu ni abana ba wa mubi. 39 Umwansi yabivye urwamfu ni Satani. Iyimbura ni umuhero w’isi; abimbuzi ni abamarayika. 40 Nk’uko begeranya urwamfu kugira ngo baruturire, ni ko bizomera ku muhero w’isi. 41 Umwana w’Umuntu azotuma abamarayika biwe, bakure abazana ibitsitaza hamwe n’abakora ibibi bose mu Bwami bwiwe; 42 babate mw’itanure ryaka umuriro; aho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro. 43 Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi yo kwumva niyumve. Imigani y’ubutunzi buhishijwe n’ibuye ry’agaciro 44 Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’ubutunzi buhishijwe mw’itongo. Umuntu umwe yabuserutseko, aca yongera arabuhisha. Hanyuma kubera umunezero mwinshi, aragenda ashora ivyo yari afise vyose, agura iryo tongo. 45 Kandi Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umudandaza yagiye kurondera amabuye y’agaciro. 46 Abonye irirusha agaciro ayandi, aca aragenda ashora ivyo yari afise vyose, ararigura. Umugani w’urusenga 47 Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’urusenga rwaterewe mu kiyaga, rufata ifi z’ubwoko bwose. 48 Rumaze kwuzura, abarovyi barukwegera i musozi, baricara batoranya ifi nziza bazishira mu masandugu, mbi na zo barazita. 49 Uko ni ko bizogenda ku muhero w’isi. Abamarayika bazosobanura abanyakibi mu bagororotsi, 50 babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.” 51 Yesu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega ivyo murabitahura?” Na bo bati: “Egome.” 52 Na we arababwira ati: “Ni co gituma umwigisha wese w’ivyagezwe, iyo ahindutse umwigishwa mu Bwami bw’ijuru, agereranywa n’umuntu yinjira mu nzu yiwe, agakura mu bubiko bwiwe ivyiza bishasha hamwe n’ivya kera.” Ab’i Nazareti banka kwizera Yesu 53 Yesu ahejeje kwigishiriza muri iyo migani, aca ava ngaho. 54 Ashitse mu gisagara yakuriyemwo, atangura kwigishiriza abantu mw’isinagogi yabo. Abamwumviriza bose baratangara, babazanya bati: “Mbega ubu bwenge n’ubu bushobozi bwo gukora ibitangaza yabikuye he? 55 Mbega uwu si wa muhungu w’umubaji? Nyina ntiyitwa Mariya; abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Simoni na Yuda? 56 Bashikiwe bose ntitubana? None ivyo vyose yabikuye hehe?” 57 Maze ivyiwe birabatsitaza, bituma batamwizera. Yesu arababwira ati: “Uwuvugishwa n’Imana arubahwa hose kiretse iwabo no mu muryango wiwe.” 58 Aho hantu Yesu ahakorera ibitangaza bike kuko abantu baho ata kwizera bari bafise. |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.