Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Gukekeranya kwa Yohana

1 Yesu ahejeje gusigurira neza abigishwa biwe cumi na babiri igikorwa abatumye, ava ngaho aja kwigisha no kuvuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vy’i Galilaya.

2 Yohana ari mw’ibohero, yumva ivyerekeye ibikorwa vya Kristo, hanyuma amutumako abigishwa biwe kumubaza bati:

3 “Mbega woba uri umwe yategerezwa kuza, canke twitege uwundi?”

4 Yesu arabishura ati: “Subira inyuma, mugende mubwire Yohana ivyo mwumvise n’ivyo mubonye:

5 impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.

6 Harahiriwe uwudatsitazwa n’ivyanje!”

7 Abigishwa ba Yohana bamaze kugenda, Yesu atangura kubwira abantu ivyerekeye Yohana, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Irenga rizungagizwa n’umuyaga?

8 Nimba atari uko, mwagiyeyo kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Haba na mba! Abambara impuzu z’igiciro kinini bari mu birimba vy’abami.

9 None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Egome cane, ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana.

10 Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo: ‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe igutegurire inzira.’

11 Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wigeze kubaho ahambaye kungana Yohana Umubatizi. Ariko, umuntu muto kuruta abandi mu Bwami bw’ijuru arahambaye kumuruta.

12 Uhereye igihe Yohana umubatizi yatangura kwigisha kugeza n’ubu, Ubwami bw’ijuru bugenda bugwanigwa kandi abahizi ni bo bwabwinjiramwo.

13 Kuko ivyo ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana bose bavuze gushika mu gihe ca Yohana, vyari vyerekeye kino gihe.

14 Kandi nimba mushaka kwemera ivyo ndiko ndavuga, ni we Eliya abavugishwa bari baravuze ko azoza.

15 Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.

16 Mbega abantu ba kino gihe nobagereranya n’iki? Bameze nk’abana bicaye mu mayirabiri hanyuma bagahamagara abandi bana, bati:

17 ‘Twabavugirije umwironge, ariko ntimwatamba; hanyuma tubaririmbira iz’ikigandaro ntimwarira.’

18 Kuko Yohana yaje atarya kandi atanywa, baca bavuga bati: ‘Arimwo dayimoni.’

19 Umwana w’Umuntu na we aza arya kandi anywa, baca bavuga bati: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’ Ariko icerekana ko ubwenge bugororotse ni ibikorwa vyabwo.”


Ibara rizoba ku bisagara vyanse kwihana

20 Maze Yesu aca atangura kuburira ibisagara yakoreyemwo ibitangaza vyinshi kuko abantu baho banse kwihana, avuga ati:

21 “Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.

22 Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza i Tiro n’i Sidoni hazogira agahengekerezo kurusha mwebwe.

23 Na we Kaperinawumu, mbega wibaza ko uzoduzwa gushika mw’ijuru? Haba na mba! Ahubwo uzokororerwa i kuzimu mu kibanza c’abapfuye, kuko ibitangaza vyakorewe muri wewe iyo biba vyabereye i Sodomu, haba harazigamwe kugeza n’uwu musi.

24 Ni co gituma ndababwiye ko ku musi w’imanza igihugu ca Sodomu kizogira agahengekerezo kurusha mwebwe.”


Data yihishuye muri Mwana

25 Uwo mwanya Yesu aravuga ati: “Ndagushima Data, Mwami w’ijuru n’isi, kuko ivyo wabihishije abigira abanyabwenge n’abahinga, ukabihishurira abameze nk’abana bato.

26 Egome Data, kuko uko ari ko washimye kubikora.

27 Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.

28 Nimuze kuri jewe mwese abarushe n’abaremerewe n’imitwaro, ndabaruhura.

29 Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.

30 Kuko umutwaro wanje urahwahutse kandi ivyo ndabikoreza ntibiremereye.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan