Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Matayo 1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe


Ba sekuruza ba Yesu

1 Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:

2 Aburahamu yavyaye Isaka, Isaka yavyaye Yakobo, Yakobo yavyaye Yuda n’abandi bavukana,

3 Yuda yavyaye Peresi na Zera kuri Tamari, Peresi yavyaye Hezironi, Hezironi yavyaye Ramu,

4 Ramu yavyaye Aminadabu, Aminadabu yavyaye Nahashoni, Nahashoni yavyaye Salimoni,

5 Salimoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu, Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi, Obedi yavyaye Isayi,

6 hanyuma Isayi avyara umwami Dawidi. Dawidi na we yavyaye Salomo, amuvyara kuri Batisheba yahora ari muka Uriya,

7 Salomo yavyaye Rehobowamu, Rehobowamu yavyaye Abiya, Abiya yavyaye Asa,

8 Asa yavyaye Yehoshafati, Yehoshafati yavyaye Yehoramu, Yehoramu yavyaye Uziya,

9 Uziya yavyaye Yotamu, Yotamu yavyaye Ahazi, Ahazi yavyaye Hezekiya,

10 Hezekiya yavyaye Manase Manase yavyaye Amoni, Amoni yavyaye Yosiya,

11 hanyuma Yosiya avyara Yekoniya n’abo bavukana igihe bajanwa kuba abanyagano i Babiloni.

12 Bamaze kuva mu buja i Babiloni, Yekoniya yavyaye Shalutiyeli, Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli,

13 Zerubabeli yavyaye Abiyudi, Abiyudi yavyaye Eliyakimu, Eliyakimu yavyaye Azori,

14 Azori yavyaye Sadoki, Sadoki yavyaye Akimu, Akimu yavyaye Elihudi,

15 Elihudi yavyaye Eleyazari, Eleyazari yavyaye Matani, Matani yavyaye Yakobo,

16 hanyuma Yakobo avyara Yosefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yesu ari we Kristo.

17 Ni ukuvuga ko habayeho urukurikirane rw’imiryango cumi n’ine kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi; n’iyindi cumi n’ine kuva kuri Dawidi gushika igihe bajanwa kuba abanyagano i Babiloni; hongera haba urundi rukurikirane rw’imiryango cumi n’ine kuva bagarutse bavuye mu buja gushika kuri Kristo.


Umumarayika avugana na Yosefu

18 Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera.

19 Kubera ko Yosefu yari umuntu atunganye, yiyumvira ingene yomuheba mu mpisho, kuko atagomba kumutetereza mu bantu.

20 Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.

21 Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”

22 Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo:

23 “Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).

24 Yosefu amaze kwikangura, aca akora ivyo umumarayika w’Umwami Imana yamubwiye, atwara Mariya iwe nk’umugore wiwe.

25 Ariko ntibigeze baryamana nk’umugore n’umugabo kugeza amaze kuvyara uwo mwana w’umuhungu; hanyuma amwita Yesu.

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan