Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -

Mariko 9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze abandanya ababwira ati: “Ndababwire ukuri, bamwe mu bahagaze hano muri kano kanya ntibazopfa batabonye Ubwami bw’Imana buza mu bushobozi bukomeye.”


Ishusho ya Yesu ihinduka

2 Haheze imisi itandatu, Yesu ajana na Petero, na Yakobo na Yohana abadugana ku musozi muremure aho bashobora kuba bonyene. Bari ngaho ishusho ya Yesu ihinduka babona.

3 Impuzu ziwe zirera cane, zica ibibatsi; nta muntu n’umwe kw’isi yozimesuye ngo zere nk’uko.

4 Hanyuma ba bigishwa batatu babona Eliya na Mose baganira na Yesu.

5 Petero abwira Yesu ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza kuba hano. Reka tuhashinge amahema atatu: iryawe, irya Mose, n’irya Eliya.”

6 (Yari yabuze ico avuga; kuko we na bagenziwe bari batekewe n’ubwoba.)

7 Maze haza igicu kirabatwikira, hanyuma ijwi ryumvikanira muri ca gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane. Nimumwumvirize!”

8 Ako kanya nyene, baravye hirya no hino, basanga Mose na Eliya bagiye, basigaranye na Yesu gusa.

9 Bariko baramanuka bava kuri uwo musozi, Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira ivyo babonye kugeza Umwana w’Umuntu azutse mu bapfuye.

10 Nuko babigumya nk’ibanga, bibaza ico “ukuzuka mu bapfuye” bisigura.

11 Hanyuma baramubaza bati: “Ni kuki abigisha b’ivyagezwe bavuga ko Eliya ategerezwa kubanza kuza?”

12 Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. None ni kuki handitswe ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa cane akongera agasuzugurwa?

13 Ariko ndababwire, Eliya yamaze kuza, kandi abantu bamukoreye ivyo bishakiye, nk’uko Ivyanditswe vyera bibivuga.”


Yesu akiza umuhungu arimwo impwemu mbi

14 Bagarutse aho abandi bigishwa bari, babona abantu isinzi babakikije kandi bamwe mu bigisha b’ivyanditswe ni ho bari bari baharira na bo.

15 Abantu bose babonye Yesu aserutse baratangara cane, biruka baja kumuramutsa.

16 Yesu arababaza ati: “Mbega muriko muharira ku biki?”

17 Umwe muri ba bantu arishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga.

18 Ishobora kumufatira aho ari ho hose, ikamutura hasi, akabira ifuro mu kanwa, agahekenya imisaya, hanyuma umubiri wiwe ukadadarara.”

19 Yesu yishura avuga ati: “Mwa bantu b’iki gihe, nta kwizera mufise! Mbega nkwiye kugumana namwe igihe kingana gute? Mbega nzobihanganira gushika ryari? Nimunzanire uwo mwana.”

20 Nuko bamuzanira wa mwana. Ya mpwemu mbi ikibona Yesu, itangura kumujegeza cane, agwa hasi, arikumbagaza, ibira ifuro mu kanwa.

21 Yesu abaza se wa wa mwana ati: “Ibi vyatanguye kumushikira ryari?” Na we arishura ati: “Kuva akiri umwana muto cane.

22 Kenshi iyo mpwemu iramuta mu muriro canke mu mazi, ikagerageza kumwica. Nimba woshobora kugira ico ukoze, utugirire impuhwe udufashe.”

23 Yesu aravuga ati: “Uvuze uti: ‘Nimba noshobora kugira ico nkoze?’ Vyose bishobokera uwizera.”

24 Ubwo nyene se wa wa mwana arasemerera ati: “Ndizera! Ariko mfasha kuko mfise ukwizera guke!”

25 Yesu abonye ko abantu benshi baje biruka batumbereye aho bari, ategeka ya mpwemu ihumanye ati: “Wa mpwemu itera uburagi n’ukutumva, va muri uwu mwana kandi ntuze wigere umugarukamwo.”

26 Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: “Arapfuye.”

27 Ariko Yesu amufata ukuboko aramuhagurutsa, maze wa mwana arahagarara.

28 Mu nyuma y’ivyo, Yesu yinjiye mu nzu, abigishwa biwe baramubaza biherereye bati: “Ni kuki twebwe vyatunaniye kwirukana irya dayimoni?”

29 Arabishura ati: “Ugusenga kwonyene ni kwo gushobora kwirukana impwemu nk’irya.”


Yesu asubira kuvuga ku bijanye n’urupfu rwiwe

30 Nuko bava aho hantu baca i Galilaya. Yesu ntiyashaka ko hagira uwumenya aho bari,

31 kuko yashaka kugumana n’abigishwa biwe ngo abigishe. Arababwira ati: “Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu. Bazomwica ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”

32 Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.

33 Nuko bashika i Kaperinawumu. Ashitse mu nzu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega mwariko muharira ku ki igihe twari mu nzira tuza?”

34 Ariko ntibamwishura, kuko mu nzira bariko babazanya umukuru muri bo uwo ari we.

35 Yesu amaze kwicara ahamagara ba bigishwa cumi na babiri arababwira ati: “Umuntu wese ashaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba uw’inyuma ya bose, n’umukozi wa bose.”

36 Nuko afata umwana mutoya amuhagarika hagati yabo, aramuterura, ababwira ati:

37 “Umuntu wese yakira umwe muri aba bana bato mw’izina ryanje aba anyakiriye; kandi uwunyakiriye wese ntaba yakiriye jewe gusa, ahubwo aba yakiriye uwantumye.”


Uwutatugwanya aba ari ku ruhande rwacu

38 Yohana abwira Yesu ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw’izina ryawe duca turamubuza kuko atari umwe muri twebwe.”

39 Yesu aramwishura ati: “Ntimukamubuze, kuko nta muntu yokora igitangaza mw’izina ryanje hanyuma ngo agaruke amvuge nabi.

40 Kuko uwutatugwanya aba ari ku ruhande rwacu.

41 Ndababwire ukuri, umuntu wese abahaye igikombe c’amazi mw’izina ryanje kuko muri aba Kristo, ntazobura kubihererwa impera.


Kwirinda ibigwisha mu caha

42 Nihagira umuntu atuma umwe muri aba bato banyizera acumura, ikimukwiye ni uko yoboherwa urusyo kw’izosi, agatererwa mu kiyaga.

43 Ukuboko kwawe nikwatuma ucumura, uguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuboko kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaboko yompi, [

44 aho ‘inyo zaho ntizipfa, n’umuriro waho ntuzima.’]

45 Kandi ukuguru kwawe nikwatuma ukora icaha, uguce. Vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo budashira ufise ukuguru kumwe, hako winjira mu muriro utazima wa Gehinomu ufise amaguru yompi, [

46 aho ‘inyo zaho ntizipfa, n’umuriro waho ntuzima.’]

47 Ijisho ryawe niryatuma ukora icaha, rinogore. Vyokubera vyiza kwinjira mu Bwami bw’Imana ufise ijisho rimwe, hako utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi,

48 aho ‘inyo zaho ntizipfa, n’umuriro waho ntuzima.’

49 Umuntu wese azopimwa n’umuriro.

50 Umunyu ni ngirakamaro. Ariko iyo utakaje uburyohe bwawo, mbega bwosubiramwo gute? Mugire ibiranga umunyu muri mwebwe kandi mubane amahoro.”

Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha

Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.

Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.

Contemporary Kirundi Bible™, New Testament

Copyright © 2021 by Biblica, Inc.

Used with permission. All rights reserved worldwide.

Biblica, Inc.
Lean sinn:



Sanasan