Mariko 8 - Bibiliya mu Kirundi corosheYesu agaburira abantu ibihumbi bine 1 Muri iyo misi, kubera hari hakiri abantu isinzi kandi ata vyokurya bari bagifise, Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: 2 “Aba bantu banteye ikigongwe. Tumaranye imisi itatu none raba nta vyokurya basigaranye. 3 Ninabarungika bashonje, bahava bagwira isari mu nzira, kuko bamwe muri bo bavuye kure.” 4 Abigishwa baramwishura bati: “None twokura he ivyokurya vyokwira aba bantu muri ubu bugaragwa?” 5 Yesu arababaza ati: “Mufise imikate ingahe?” Baramwishura bati: “Indwi.” 6 Maze Yesu abwira ba bantu ngo bicare hasi. Amaze gufata ya mikate akayishimira Imana, arayimanyagura ayiha abigishwa ngo bayihe abantu, na bo babikora uko. 7 Bari bafise kandi n’udufi duke. Na two adushimira Imana, abwira abigishwa ngo baduhe abantu. 8 Ba bantu bararya barahaga. Abigishwa begeranya ibiseke indwi vyuzuye utumanyu twasigaye. 9 Abari aho bashika ibihumbi bine. Bahejeje gufungura, Yesu aca arabarungika barataha. 10 Ubwo nyene aca aja mu bwato n’abigishwa biwe baja mu karerere ka Dalamanuta. 11 Abafarisayo bumvise ko Yesu yashitse, baraza batangura kumuhaririza. Mu ntumbero yo kumutega umutego, bamusaba ngo akore ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ko yatumwe n’Imana. 12 Maze Yesu ariruhutsa cane, hanyuma ababwira ati: “Mbega ni kuki abantu ba kino gihe basaba ikimenyetso? Ndababwire ukuri, nta kimenyetso nk’ico nzobaha.” 13 Nuko aca abasiga ngaho, atambukira mu bwato aja ku rundi ruhande rw’ikiyaga. Yesu agabisha abantu ku vyerekeye inyigisho mbi 14 Ariko abigishwa bari bibagiye kuzana ivyokurya. Bari bafise umukate umwe gusa mu bwato. 15 Bariko barajabuka arabagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’uwa Herode.” 16 Abigishwa baca baravugana bati: “Ibi abivuze kuko tutagira imikate.” 17 Yesu yari azi ivyo bariko baravugana, ni ko kubabwira ati: “Ni kuki muvugana ku vyo kutagira imikate? N’ubu ntimurabona canke ngo mutahure? Imitima yanyu irakomantaye ku buryo idashobora gutahura? 18 Ko mufise amaso, ni kuki mutabona? Ko mufise amatwi, ni kuki mutumva? Nta kintu na kimwe mwibuka? 19 Hamwe namanyagura ya mikate itanu nkagaburira abantu ibihumbi bitanu, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?” Baramwishura bati: “Cumi na bibiri.” 20 Yesu arabandanya ati: “Hamwe namanyagura ya mikate indwi nkagaburira abantu ibihumbi bine, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyu basigaje?” Baramwishura bati: “Indwi.” 21 Maze arababaza ati: “N’ubu ntimuratahura?” Yesu akiza impumyi i Betesayida 22 Bashitse i Betesayida, bamuzanira impumyi baramwinginga ngo ayikoreko, ayikize. 23 Nuko afata ukuboko ya mpumyi ayijana inyuma y’imihana. Ahejeje gucira amate ku maso ya ya mpumyi, ayirambikako ibiganza, arayibaza ati: “Hari ikintu ubona?” 24 Wa muntu areraguza, maze avuga ati: “Egome, ndabona abantu, ariko bameze nk’ibiti bigendagenda.” 25 Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso ya wa muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza. 26 Yesu aca aramurungika muhira, amubwira ati: “Ntuce mu mihana.” Petero avuga ko Yesu ari Kristo 27 Hanyuma y’ivyo, Yesu n’abigishwa biwe bava i Galilaya baja mu mihana yegereye i Kayisariya mu ntara yatwarwa na Filipo. Bakigenda arababaza ati: “Mbega abantu bavuga ko ndi nde?” 28 Baramwishura bati: “Bamwe bavuga ko uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya; hariho n’abavuga ko uri umwe mu bavugishwa n’Imana.” 29 Arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?” Petero arishura ati: “Uri Kristo.” 30 Yesu aca arababuza ngo ntihagire umuntu n’umwe babwira uwo ari we. Yesu avuga ivyerekeye urupfu rwiwe 31 Yesu aca atangura kubigisha ababwira ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi; akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe; kandi ko azokwicwa hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu. 32 Ivyo yabivuga mu majambo atomoye. Hanyuma Petero amujana hirya gato atangura kumwamira ngo ntasubire kuvuga ivyo bintu. 33 Yesu arahindukira araba abandi bigishwa, akankamira Petero ati: “Satani, herera inyuma yanje. Ivyo wiyumvira si ivy’Imana, ni ivy’abantu.” Gukurikira Yesu 34 Nuko Yesu ahamagara rya sinzi ry’abantu benshi bari hafi ngo begere abigishwa, arababwira ati: “Uwushaka kuba umwigishwa wanje wese, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba akankurikira. 35 Kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe, azobubura. Ariko uwubuheba ku bwanje no ku bw’Ubutumwa Bwiza, azobukiza. 36 Mbega vyomarira iki umuntu kugira ubutunzi bw’isi yose, ariko agatakaza ubugingo bwiwe? 37 Mbega ni ikihe kintu c’agaciro umuntu yotanga kugira ngo acungure ubugingo bwiwe? 38 Umuntu niyagira isoni zo kunyemera no kwemera amajambo yanje muri uru runganwe rw’abasambanyi n’abanyavyaha, n’Umwana w’Umuntu na we azogira isoni zo kumwemera aho azozira mu bwiza bwa Se ari kumwe n’abamarayika bera.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.