Mariko 7 - Bibiliya mu Kirundi corosheIbihumanya n’ibidahumanya 1 Abafarisayo na bamwe mu bigisha b’ivyagezwe bari bavuye i Yerusalemu baraza bakoranira aho Yesu ari, 2 maze babona bamwe mu bigishwa biwe bafungura kandi amaboko yabo ahumanye, ni ukuvuga batakaravye nk’uko umugenzo wabitegeka. 3 (Mu bisanzwe, Abafarisayo n’abandi Bayuda ntibashobora gufungura batabanje gukaraba nk’uko umugenzo wa ba sekuru wabitegeka. 4 Kandi n’iyo bavuye kw’isoko, ntibashobora gufungura batabanje gukaraba. Barakurikiza n’iyindi migenzo, nko kwoza ibikombe, amasafuriya, amasahani n’imeza.) 5 Nuko ba Bafarisayo na ba bigisha b’ivyagezwe babaza Yesu bati: “Ni kuki abigishwa bawe batubahiriza imigenzo ya ba sogokuruza, bagafungura n’iminwe ihumanye?” 6 Arabishura ati: “Yesaya yavuze ukuri igihe yabavugishwako mwa ndyarya mwe! Yanditse avuga ati: ‘Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, ariko imitima yabo iri kure yanje. 7 Ukunsenga kwabo ntikugira ikimazi; inyigisho zabo ni amabwirizwa abantu bishingiye.’ 8 Mureka amabwirizwa y’Imana mugashira imitima ku migenzo y’abantu.” 9 Yongera arababwira ati: “Mwagize ishaka ryo kutubahiriza amabwirizwa y’Imana kugira ngo mwubahirize imigenzo yanyu! 10 Kuko Mose yavuze ati: ‘Wubahe so na nyoko,’ yongerako ati: ‘Umuntu wese azovuma se canke nyina, aze yicwe.’ 11 Ariko mweho muvuga ko iyo umuntu afise ico yari gufashisha se canke nyina, ariko akavuga ko ari Korobani (bisigura ko cagizwe inyegu y’Imana), 12 ivyo bituma mumwemerera kutagira ico afasha se canke nyina. 13 Uko ni ko muhindura ijambo ry’Imana ubusa mwishimikije imigenzo mwishingiye kandi mugakora n’ibindi vyinshi bisa n’ivyo.” 14 Hanyuma Yesu yongera guhamagara rya sinzi ry’abantu ngo begere aho ari, maze arababwira ati: “Nimuntege amatwi mwese, kandi mutahure: 15 Nta kintu na kimwe kija mu muntu kivuye hanze gishobora kumuhumanya; igihumanya umuntu ni ikiva muri we. [ 16 Uwufise amatwi yumva niyumve.”] 17 Yesu amaze kuva aho abantu bari akaja mu nzu, abigishwa biwe bamusaba ngo abasigurire uwo mugani. 18 Arababaza ati: “Mbega namwe ntimutahura? Ntimuzi ko ivyo umuntu arya bidashobora kumuhumanya? 19 Kuko ntibija mu mutima wiwe, ahubwo bija mu nda yiwe, hanyuma bigasohoka.” (Mu kuvuga ibi, Yesu yariko yerekana ko ata vyokurya bihumanya.) 20 Arongerako ati: “Ibiva mu muntu ni vyo bimuhumanya. 21 Kuko imbere mu mutima w’umuntu ni ho hava ivyiyumviro bibi, ingeso mbi z’ivy’isoni nke, ubusuma, ubwicanyi, 22 ubusambanyi, gukunda ibintu kurenze urugero, ubukozi bw’ikibi, ubugunge, kwipfuza kurenze urugero, kwipfuza ivy’abandi, gutukana, ubwibone, n’ubupfu. 23 Ibi bibi vyose biva mu muntu maze bikamuhumanya.” Yesu ashima ukwizera kw’umugore w’i Foyinike 24 Hanyuma y’ivyo Yesu ava i Galilaya aja mu karere kegereye igisagara ca Tiro. Nuko yinjira mu nzu kandi ntiyashaka ko hagira uwumenya ko ariho ari; ariko ntivyakunda ko yihisha. 25 Ubwo nyene umugore yari afise umukobwa aboshwe n’impwemu mbi yumva ko Yesu ari ho ari. Aca araza apfukama imbere yiwe. 26 Uwo mugore yari Umugirikikazi yavukiye i Foyinike muri Siriya. Nuko yinginga Yesu ngo yirukane impwemu mbi yari mu mukobwa wiwe. 27 Yesu aramubwira ati: “Reka abana babanze barye bahage, kuko si vyiza guterera imbwa ivyokurya vy’abana.” 28 Na we aramwishura ati: “Mwami, n’imbwa na zo zirarya utwo abana bakororeye musi y’imeza.” 29 Yesu aramwishura ati: “Ko wishuye uko, niwitahire; ya mpwemu mbi yavuye mu mukobwa wawe.” 30 Nuko arataha asanga umwana wiwe aryamye ku buriri, ya mpwemu mbi yamuvuyemwo. Yesu akiza umuntu atumva kandi atavuga 31 Hanyuma Yesu ava mu karere kegereye igisagara ca Tiro aca i Sidoni imbere yo gusubira ku kiyaga c’i Galilaya no mu karere ka Dekapolisi. 32 Ahashitse bamuzanira umuntu atumva kandi adatobora neza, binginga Yesu ngo amurambikeko ibiganza amukize. 33 Nuko Yesu aramufata, amwigiza kure y’abantu, ashira intoke ziwe mu matwi y’uwo muntu, acira amate ku ntoke ziwe maze amukora ku rurimi. 34 Ahanga amaso mw’ijuru, ariruhutsa, maze abwira wa muntu ati: “Efata!” (bisigura ngo: “Zibuka”). 35 Ubwo nyene amatwi ya wa muntu arazibuka, ururimi rwiwe ruragoboroka, aca atangura kuvuga neza. 36 Yesu ategeka abari aho kutabibwira umuntu n’umwe. Ariko uko yababuza ni ko barushiriza kubikwiragiza. 37 Abantu baratangara cane, bituma baguma bavuga bati: “Ivyo akora vyose biratangaje. Atuma n’ibipfamatwi vyumva, n’ibiragi bikavuga.” |
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.
Biblica, Inc.